Primus Ligue: Iddy Museremu niwe yaraye atowe nk’umukinyi yaranze ukwezi kwa Ruhuhuma 2019

Vyanditswe itariki 18.03.2019

 

Inyuma yo gutahukana ikibanza cambere mu matora yakozwe n’abamenyeshamakuru b’inkino b’abakenyezi, Iddy Museremu, umusatirizi wa Messager Ngozi, yaraye arushije Kanakimana Bienvenue wa Aigle Noir na Ndaye Chancel wa Rukinzo mu matora y’abarorerezi. Abo nabo batoye bashika ku 4039, bamwe bakaba batoye babicishije kuri “pages” Facebook za burundisport.com, FFB na Primus, abandi barungika ubutumwa kuri 61 14 14 14, ikiringo co gutora kikaba catanguye kuwa kabiri 12 Ntwarante kirangira kuw’Imana 17 Ntwarante (18:00).

 

Iddy Museremu (Messager Ngozi), umukinyi yaranze ukwezi kwa Ruhuhuma 2019 muri Primus Ligue

 

Uko abakinyi baronse amajwi mu matora y’abarorerezi

 

Abakinyi babatu bari barushije abandi mu matora y’abamenyeshamakuru nibo twaciye tubashikiriza maze muritoreramwo namwe uwukwiye agashimwe, mukaba mwatoye mushika ku 4039 muca mubaha amajwi uku gukurikira:

1. MUSEREMU Iddy (Messager Ngozi)

2224 (55%)

2. KANAKIMANA Bienvenue (Aigle Noir)
1120 (27,8%)

3. NDAYE Chancel (Rukinzo FC)
695 (17,2%)


Tubibutse ko no mu majwi y’abamenyeshamakuru , Iddy Museremu ariwe yari yarushije abandi aronse amanota 21 kuri 40 ashoboka, n’ukuvuga ibice 52,5% vy’amanota, akaba rero aciye atahukana ako gashimwe aronse amanota angana n’ibice 53,8% dufashe ku rugero rungana ay’abamenyeshamakuru n’ay’abakunzi b’umupira.

Kanakimana Bienvenue yari yatwaye ubushimwe bw’ukwezi bwose bwatanzwe kuva ihiganwa ry’2018-2019 ritanguye yaronse amanota 16/40 mu bamenyeshamakuru (40%) mu kibanza ca kabiri, ari naco yaronse mu matora y’abarorerezi. Ikibanza ca gatatu naco kikaba kirimwo Ndaye Chancel nk’uko vyari vyagenze no mu matora y’abamenyeshamakuru (9/40):

1. Museremu Iddy: 53,8%
2. Kanakimana Bienvenue: 33,9%
3. Ndaye Chancel: 19,9%

Ibirori vyo guha agashimwe Iddy Museremu bizokorwa n’ishirahamwe Brarudi ribicishije ku kinyobwa Primus kur’uyu wa kabiri kuri Centre Technique National mu Ngagara aho asanzwe ari mu mwiherero w’Intamba U23, akaba mbere ari kumwe n’abo babiri bahiganwa mur’aya matora.

Iddy Museremu atahukanye ako gashimwe ku ncuro yiwe yambere kuva gatanguye gutangwa, tukaba twobibutsa ko yagarutse kenshi mu bakinyi bagiye baratorwa n’abamenyeshamakuru ariko ntiyashobora kuba mu bibanza bitatu vyambere.
Twobibutsa kandi ko yari mu mugwi w’abakinyi 11 b’akarorero batowe nk’abaranze ihiganwa rya Primus Ligue ry’2017-2018.

Turamukeje cane kur’iyo ntambwe yindi yateye twongera tumwipfuriza kubandanya aroranirwa.

 

 

burundisport.com

 

 

Ico mwiyumvira kur'iyi nkuru :

 

 

 

Primus Ligue, umusi wa 1

Olympic S. 1-2 Musongati FC
Flamb. Centre 3-1 Kayanza Utd
BS Dynamic 0-1 Bumamuru
Inter Star 0-0 Messager N.
Athletico Ac. 4-0 Ngozi City
Buja City 1-2 LLBS4A
Aigle Noir 1-2 Les Lierres

Primus Ligue, umusi wa 2

Bumamuru 2-0 Flamb. Centre
Ngozi City 0-1 BS Dynamic
Buja City 3-2 Athletico Ac.
Musongati 2-0 Rukinzo FC
Messager N. 4-1 Olympic S.
Les Lierres 1-2 LLBS4A