CAF Total Champions League: Icizere c'intsinzi ni cose kuri coach Mayele buca yakira Rayon Sport

Vyanditswe itariki 19.02.2018

 

Mu kiganiro yatanze ku bamenyeshamakuru, umumenyereza mukuru w'umugwi wa Lydia Ludic Sports for Afrika, BANKUWIHA Emmanuel batazira Mayele, yavuze ko atabona icotuma umugwi wiwe utakaza urukino rwo gusubiriza i Bujumbura mugihe yanganije urukino rwa mbere i Kigali (1-1) imbere y'abarorerezi isinzi ba Rayon sports. Tugaruke kuri bimwe bimwe muvyo yashikirije aho yanagarutse ku makuru Atari make ariko agenda avugwa kuri we n’umugwi wiwe.

 

Coach Emmanuel Bankuwiha "Mayele"

 

“Turashima ukuntu abarorerezi bahora bitaba inkino mpuzamakungu za LLBS4A”

 

Coach Mayele yongeye avuga ko naho LLBS4A ar’umugwi udafise “abafana” benshi cane uhora witabwa n’isinzi ry’abarorerezi iyo ufise urkino mpuzamakungu I Bujumbura, ivyo bigatuma abakinyi bumva ko bashigikiwe bakitanga kurusha n’uko basanzwe babikora mu mahiganwa asanzwe yo mu gihugu. Mayele yemeza ko Uburundi bwose buzoba buri inyuma y'umugwi wiwe, kandi barizeye gusezerera uwo mugwi i Bujumbura. Muri ico kiganiro yahakanye inkuru zivugwa ko aronderwa n'imwe mu migwi yo mu Rwanda, ati nta mugwi numwe baravugana naho vyoshika bizotegerezwa guca munzira nziza z’amategeko agenga akazi k'ubumenyereza.

 

“Abakinyi nibaronkejwe agashirukabute bita prime de match mugabo bariko barakora cane kugira batere iyindi ntambwe”

 

Mayele ati:"Nivyo, agashirukabute k'urukino rwa mbere i Kigali ntikabonetse mugabo gushika ubu uburongozi bubandanya buvyirukamwo, amahera arakenewe cane mugabo icipfuzo dufise n'ugukina urukino rwiza kandi rubereye ijisho, amahera turazi ko azoza".

Muri rusangi abakinyi bose bameze neza nkuko twavyiboneye mugitondo ku kibuga kijejwe ubuhinga aho basanzwe bacumbitse. Kur’uyu wa kabiri 20/2/2018 niho bazokora imyimenyerezo yanyuma mu kurindira urukino nyezina kuwa gatatu igihe c'isaha icenda ku kibuga citiriwe Umuganwa Rudoviko Rwagasore. Abarorerezi batumiwe gushika ku bwinshi gushigikira umugwi userukiye igihugu mu nkino z'igice ca mbere c'ihiganwa rya Total Champions League, tukabibutsa ko umugwi uzosezerera uwundi uzoca uhura na Mamelodi Sundowns wo muri Afrika y'epfo.

Bitegekanijwe ko abakinyi n'abazoza baherekeje umugwi wa Rayon sports bashika i Bujumbura ejo kuwa kabiri igihe c'isaha icumi n'igice z'umuhingamwo (16h30').

Amidou Hassan

 

 

Ico mwiyumvira kur'iyi nkuru :

 

 

 

Primus Ligue, umusi wa 1

Flamb. Centre 0-1 Messager Bja

 

Primus Ligue, umusi wa 1

Kuwa 18/08
Bumamuru 13:00 (Buganda) Rukinzo
Athletico Ol. 15:00 (Buganda) Ngozi City
Aigle Noir 15:00 (Gitega) Vital'O FC
Kayanza Utd 15:00 (Urukundo) Les Lierres
Kuwa 19/08
Musongati 15:00 (Gitega) Olympic S.
Buja City 15:00 (Buganda) LLBS4A
Messager N. 15:00 (Urukundo) Flamb. Est