Football: Ibikorwa vyo kwubaka Peace Park Stadium i Makamba bigeze kure

Vyanditswe itariki 02.06.2019

 

Kur'uyu wa gatandatu igenekerezo rya mbere Ruheshi 2019, abamenyeshamakuru b'inkino barenga 50 bari batumiwe i Makamba n'umuyobozi w'ishirahamwe ry'umupira w'amaguru mu Burundi kwirabira aho ibikorwa vyo kwubaka Peace Park Stadium bigeze.

 

Peace Park Stadium i Makamba

 

"Ihiganwa ry'2019-2020 rizotangura ibikorwa nyamukuru kuri Peace Park Stadium vyarangiye"

 

Ico kibuga kiriko kirubakwa ku mutumba wa Gisenyi ku mugwa mukuru w'intara ya Makamba kigizwe n'ibibanza bishika 26 000 vy'abarorerezi b'umupira w'amaguru, ibirasi bishika 80 vy'amashure hamwe n'ibibanza vyo kwambariramwo (vestiaires) bishika kuri 12.

Ibikorwa vyo kwubaka impome n'inkingi nyamukuru hamwe no gusakara bisa n'ivyarangiye nk'uko twashoboye kuvyibonera, ariko hakaba hari ibindi bitari bike bitarasozerwa, aha tukaba twovuga nk'ibikorwa bijanye no gushirako umusezero wa kijambere, ivyo gushiramwo intebe, ivyo gutegura ahahagarara imiduga n'ibindi bitari bike vyo gushariza no guheraheza inyubako.

Ahûmuriza abamenyeshamakuru bariko babaza ibibazo vy'amakenga y'uko umugwi wa Aigle Noir utegekanya kwakirira inkino zawo z'umwaka uza kur'ico kibuga ushobora kuzogera kw'isango ikibuga kitaratungana, Hon. Réverien Ndikuriyo yagize ati: "Iki kibuga n'igikorwa cashizwe ku muzirikanyi n'imvukira zo mur'iyi ntara, kandi benshi baramaze kwitanga kugira dushike ku co twiyemeje. Ibikenewe kugira turangize ibikorwa biriko biratunganywa kandi ibisabwa kugira hashobore gukinirwa inkino bizorangira mu misi mike cane. Aho ni naho hazoca haza abahinga ba CAF kugenzura ikibuga, kugira bashobore gutanga uburenganzira ko hokinirwa inkino za Champions League umugwi wa Aigle Noir uzoserukiramwo Uburundi mu mwaka uza."

Abamenyeshamakuru bararonse n'akaryo ko kuraba ibindi bikorwa vy'iterambere bitandukanye biriko bikorerwa mur'iyo ntara na Fondation Pax Burundi, harimwo n'ihinguriro ry'amazi y'akanovera "Eagle Mineral Water".

 

 

Audifax Ndikuriyo

 

 

Ico mwiyumvira kur'iyi nkuru :

 

 

 

CAN 2019, Itsinda A

Egypt 1-0 Zimbabwe

 

CAN 2019, Itsinda A

Kuwa 22/06
RDC 16:30 Uganda

CAN 2019, Itsinda B

Kuwa 22/06
Nigeria 19:00 Burundi
Guinée 22:00 Madagascar