Football: Fofila PF niwo watahukanye igikombe c'ihiganwa ry'abigeme ku rwego rw'igihugu

Vyanditswe itariki 26.06.2018

 

Kuwa 23 Ruheshi 2018 niho hakinywe inkino zanyuma z'igikombe co mu cicaro ca mbere ku bigeme. Fofila PF w'i Ngozi niwo waraye utwaye igikombe ku mwaka wawo wa kabiri wikurikiranya. Urukino rwaheruka kuwuhuza na PVP Buyenzi (3-1) nirwo rwabongereje amahigwe yo kuguma mu kibanza ca mbere naho PVP wabasumvya ibitsindo.

Imigwi ya Christ Roi (Gitega) hamwe na Onze Etoiles (Bujumbura) niyo izokoroka mu cicaro ca kabiri mu mwaka uza.

 

Umugwi wa Fofila PF utwaye igikombe ca gatatu wikurikiranya

 

Uku niko inkino z'umusi wa 14 ari nawo wanyuma zagenze:

 

Lionne star(Ngozi) 0-1Rainbow(Gitega)
La Colombe (Buja) 6-0 Christ Roi (Gitega)
Ubuntu Fc(Kayanza) 0-7 PvP Buyenzi(Buyenzi)
Onze Etoiles(Kinama) 0-5 Fofila-Pf(Ngozi)

Imigwi isumbana uku gukurikira:

1.Fofila-Pf amanota 40 ibitsindo 71(+71)
2.PVP Buyenzi 37 (+92)
3. La Colombe : 28(+33)
4. Rainbow: 19 (-20)
5. Lionne star: 15(-17)
6.Ubuntu Fc: 13(-45)
7.Christ Roi: 9(-48)
8.Onze Etoiles : 1(-68)

 

 

Amidou Hassan

 

 

Ico mwiyumvira kur'iyi nkuru :

 

 

 

Primus Ligue, umusi wa 10

Messager Bja 0-1 Rukinzo FC
Flamb. Est 0-0 Kayanza Utd
Messager N. 0-0 Olympic S.
Flamb. Centre 1-2 Ngozi City
Buja City 1-0 Bumamuru FC
Les Lierres 1-0 Athletico Ol.
Vital'O FC 1-0 LLBS4A
Musongati FC 1-4 Aigle Noir

Primus Ligue, umusi wa 11

Athletico Ol. 0-1 Flamb. Est
Buja City 0-3 Flamb. Centre
Rukinzo 3-0 Messager N.
Olympic S. 1-1 Les Lierres
Ngozi City 1-2 Aigle Noir
Vital'O FC 1-0 Bumamuru FC
LLBS4A 0-3 Musongati
Kayanza Utd 2-1 Messager Bja

 

Primus Ligue, umusi wa 11

Kuwa 14/10
Kayanza Utd 15:00 (Urukundo) Messager Bja