Football: Flambeau de l’Est, Athlético Olympic na Messager Bujumbura mu cicaro ca kabiri

Vyanditswe itariki 07.05.2019

 

Inyuma y’indwi ihiganwa rya Primus Ligue risozereye umwaka w’inkino w’2018-2019, abakunzi b’umupira w’amaguru mu Burundi bari barindiranye igishika kumenya ingingo izofatwa ku migwi itatu yari yasozereye ihiganwa inganya amanota 33 : LLBS4A, Athletico Olympic na Flambeau de l’Est. Mur’iyo migwi itatu, ibiri yategerezwa guherekeza Messager Bujumbura mu cicaro ca kabiri, ingingo yemejwe n’inama nshingwabikorwa ya FFB ikaba yamenyekanye kur’uyu wa gatandatu uheze.

 

Yusuf Mossi, arongoye igisata c'amahiganwa muri FFB

 

« Amategeko y’umupira w’amaguru mu Burundi ashira imbere uko imigwi yatsindanye mu kuyitandukanya »

 

Nk’uko twari twabibamenyesheje ku rubuga rwacu rwa Facebook, igisata kijejwe gutunganya amahiganwa carakoranye mu ndwi iheze maze kiraca irya nino amategeko ya FFB n’ay’ishirahamwe CAF umupira w’amaguru mu Burundi ugenderako. Icegeranyo c’iryo sesangura caciye gishikirizwa inama nshingwabikorwa yakoraniye i Gitega ku musi wa gatanu, maze ingingo ica ishirwa ahabona bukeye kuwa gatandatu 04 Rusama 2019.

Mu kiganiro Yusuf Mossi arongonye igisata kijejwe amahiganwa muri FFB yashikirije
abamenyeshamakuru, yaragarutse kuri bikuru bikuru bisunze mu gufata ingingo.

Yagize ati : « Amategeko agenga ihiganwa rya Primus Ligue avuga yuko iyo imigwi ibiri inganya amanota duca tubanza kuraba uko yagiye iratsindana hagati yayo mu kuyitandukanya. Ivyo bisigura yuko gufatira ku nkino ziba zarahuje imigwi inganya amanota arico gipimo ciza cabonetse nk’icokoreshwa mu kuraba uwuruta uwundi. Dudatiye kur’ivyo tugaca turaba n’ico amategeko ya CAF avuga ku migwi itatu canke irenga yanganije amanota, twaciye dusanga igipimo twokoresha ar’ico nyene maze duca turaba uko iyo migwi yagiye iratsindana hagati yayo.»

Umugwi wa LLBS4A waronse amanota 7 utsinze kabiri Flambeau de l’Est uca unganya rimwe na Athletico Olympic, Flambeau de l’Est nawo watsinze kabiri Athletico uca uronka amanota 6, hagaca hahereza umugwi wa Athletico ufise amanota 4 kuko watsinze LLBS4A rimwe ica inganya urundi rukino.

Twobamenyesha kandi ko imigwi ya Flambeau du Centre, Ngozi City na Olympic Star nayo nyene yarangije ihiganwa inganya amanota 37. Mu nkino zayihuje, Ngozi City niwo uza imbere, hagakurikira Flambeau du Centre, hagaca hahereza Olympic Star.

Umugwi wa Aigle Noir wari usanzwe waratahukanye igikombe kuva ku ndwi ya 26 niwo uzoca userukira Uburundi mw’ihiganwa rya CAF Champions League. Flambeau de l’Est, Athletico Olympic na Messager Bujumbura nayo izokina mu cicaro ca kabiri mu mwaka w’inkino uza :


 

 

Jason Neretse

 

 

Ico mwiyumvira kur'iyi nkuru :

 

 

 

Primus Ligue, umusi wa 12

Rukinzo FC 0-3 Messager N.
Les Lierres 2-1 BS Dynamic
Aigle Noir 1-1 Athletico AC.
Olympic S. 1-2 Buja City
Kayanza Utd 0-1 Bumamuru FC
Inter Star 1-0 LLBS4A
Vital'O FC 1-2 Ngozi City
Flamb. Centre 1-1 Musongati FC

Primus Ligue, umusi wa 13

BS Dynamic 1-1 Rukinzo FC
Olympic S. 3-1 Kayanza Utd
Vital'O FC 3-0 Flamb. Centre
Ngozi City 1-3 Aigle Noir
Athletico Ac. 2-0 Les Lierres
Musongati 0-0 Bumamuru
LLBS4A 0-1 Messager N.
Buja City 0-0 Inter Star