Football: Ishirahamwe FFB ryiteguriye bikomeye inkino zimirije z’imigwi y’Intamba mu Rugamba

Vyanditswe itariki 23.01.2019

 

Imigwi y’Intamba U20, U23 hamwe na Senior yimirije inkino zikomeye mur’iyi ntango y’umwaka. Aba U20 bazokwitaba ihiganwa rya CAN U20 muri Niger (2-17 Ruhuhuma), aba U23 nabo bakine inkino zibiri muri Ntwarante zo gukuranamwo n’igihugu ca Congo Brazaville mu kurondera itike rya CAN U23, hagati y’izo nkino 2 hakazoba habaye urukino rukomeye cane rwa Senior ruzohuza Uburundi na Gabon mu kurondera itike rya CAN Senior. Mu ntumbero yo gushikiriza aho imyiteguro igeze, umurongozi wa FFB yarashikirije ikiganiro abanditsi n’abamenyeshamakuru kur'uyu wambere 21 Nzero 2019, turabire hamwe bikuru bikuru mu vyahavugiwe.

 

Hon. Révérien Ndikuriye, arongoye ishirahamwe FFB mu kiganiro yahaye abanditsi n'abamenyeshamakuru kur'uyu wa 21 Nzero 2019

 

Imyiteguro y’urukino Burundi – Gabon rwo kuwa 23 Ntwarante yaramaze gutangura

 

Inota rimwe gusa niryo Uburundi bukeneye maze bukandikisha urupapuro rushasha muri kahise kabwo kuko buzoba buronse itike ryo kwitaba inkino za CAN Senior ku ncuro yabwo yambere. Nk’uko vyashikirijwe na Hon. Réverien Ndikuriyo arongoye FFB, imyiteguro yaramaze gutangura, haba mu bijanye no kurondera uburyo buzokoreshwa, agashirukabute ku bakinyi eka mbere no mw’itunganywa ry’urwo rukino. Bimwe bimwe muvyo yashikirije kur’urwo rukino:

1. Ikiguzi c’amatike yo kwinjira kururaba kiza caramaze gushingwa kandi akazoba ar’amatike akozwe ku buhinga buhanitse atoroshe na gato kwigana. Amatike azotangura kugurishwa mu gitondo c’umusi w’urukino, ikiguzi cayo kikazoba kimeze uku gukurikira :

- 5000 FBU ku matike yo ku mpanse z’ikibuga

- 10 000 FBU ku matike y’ubwugamo A na D

- 50 000 FBU ku matike y’ubwugamo B na C

- Ubwugamo bw’iteka buzoba bugenewe abafashije biboneka umugwi w’Intamba mu Rugamba (Sponsors), bazoba batanze amafaranga ava kuri 500 000 FBU kuduga.

-Nta muntu azokwinjirana n’uwundi kw’itike imwe, abaherekeje abandi bazotegerezwa kwinjira bafise amatike nabo nyene


2. Abakinyi bateguriwe agashirukabute k’imilioni zitatu zitatu z’amarundi umwumwe (3 000 000FBU) bakaba kandi barateguriwe uburaro bwiza n’ibikenewe vyose kugira imisi bazoba bariko barategura urwo rukino bazobe bamerewe neza.

3. Umutekano wo mu kibuga no hanze yaco uzoba ucungerewe ku buryo bwa kijambere, imyiteguro idasanzwe ikaba iriko irakorwa kugira ahegereye ikibuga hose hazoshike abafise amatike gusa kandi binjire mu rutonde.

4. Abakinyi b’Intamba aho bari mu migwi itandukanye baranyotewe urwo rukino kandi bafise ishaka ryinshi mu mutima ryo gushikana Uburundi muri CAN yabwo yambere, ivyo bakaba babandanya kubimenyesha mu butumwa butandukanye bwo kubakurikirana.

Muri rusangi, yasavye abarundi bose, yaba abafise ico bajejwe bazokora kur’urwo rukino n’abandi bose aho baherereye, guterera muvyo bashoboye vyose kugira Uburundi buzoshike kur’iyo ntambwe idasanzwe.

 

Vyifashe gute mu migwi y’Intamba U20 na U23?

 

Yarongeye arashikiriza ibitari bike ku migwi y’abakiri bato, mu gihe aba U20 baza baramaze kuronka itike ryo kwitaba inkino za CAN muri Niger, kuva kuwa 2 gushika kuwa 17 Ruhuhuma:

1. Umukinyi Shaka Bienvenue yarakomeretse mu rukino yariko akinira umugwi wiwe wa Etoile du Sahel, akaba ariko aravurwa ku kiringo kizotuma adashobora kwitaba inkino za CAN U20. Abandi bakinyi bamusubirira baratowe harimwo abasanzwe bakina muri Primus Ligue canke abava hanze nka Amissi Mohamed akinira Nac Breda mu Bubirigi.

2. Urukino rwohuje Intamba U20 n’umugwi wa Burkina Faso ntirukibaye bivanye n’ibibazo vy’ibibanza mu ndege yokuye abakinyi mur’ico gihugu ibajana muri Niger, umugwi w’Uburundi ukaba uzoca ufata urugendo kuwa kabiri 29 Nzero ugana Niger. Yongeye kandi amenyesha ko aho bazokinira hafise ikirere nk’ic’i Bujumbura, ari naco gituma ishirahamwe FFB ryashimye kubandaniriza imyiteguro mu gisagara ca Bujumbura.

3. Abakinyi ba U20 bazoronswa agashirukabute ka 500 000 FBU umwumwe imbere y’urugendo ruzobashikana i Niamey.

4. Umugwi wa U23 uzotana mu mitwe na Congo kuwa 20 Ntwarante 2019 i Bujumbura, uce ufata urugendo uja Brazaville aho uzokina urukino rwo gusubiriza kuwa 24 Ntwarante. Abakinyi bagize uwo mugwi batazoba bagiye gukina CAN U20 buca nabo batangura imyiteguro kuri CTN, Uburundi butsinze bukaba buzoca buhura n’umugwi uzoba watahukanye intsinzi hagati ya Malawi na Zambia mu rukino rwanyuma ruzoca rutanga itike rya CAN U23.

Mu gusozera, yarongeye asaba intererano ya bose kur’izo manza zidasanzwe imigwi y’Intamba izomara mu mwaka w’2019, umwaka ushobora kuba uw’igitangaza ku mupira w’amaguru mu Burundi, akaba yasavye abarundi bose kwumva ko urugamba ari rwabo kuko intsinzi z’Intamba zizotera iteka igihugu cose kikaja ku rutonde rw’ibihangange mu mupira w’amaguru muri Africa.

Audifax Ndikuriyo

 

 

Ico mwiyumvira kur'iyi nkuru :

 

 

 

Primus Ligue, umusi wa 21

Les Lierres 1-3 Vital'O FC
Buja City 3-0 Ngozi City
Aigle Noir 1-0 Bumamuru
Kayanza Utd 2-1 Flamb. Est
Flamb. Centre 0-2 Messager N.
Athletico 3-1 Messager Bja
Olympic S. 1-1 Rukinzo FC
Musongati 3-1 LLBS4A

Primus Ligue, umusi wa 20

Bumamuru FC 1-2 Messager Buja
Flamb. Centre 1-0 Buja City
Flamb. Est 0-0 Messager N.
Ngozi City 2-0 Vital'O FC
Rukinzo 4-1 Musongati FC
Aigle Noir 1-2 Kayanza Utd
Athletico Ol. 1-1 Les Lierres
Olympic S. 2-0 LLLBS4A