Cecafa U-17 : Abana 40 batanguye imyiteguro y’imisi 40 izotanga umugwi userukira Uburundi

Vyanditswe itariki 19.02.2018

 

Kur’uyu wa gatandatu 17/2/2018 ku kigo kijejwe ubuhinga mu Ngagara, niho umugwi nserukiragihugu w'abatarenza imyaka 17 ugiye kwitabira inkino za Cecafa watangura imyimenyerezo nyezina itegura iry ohiganwa rizotunganywa n'Uburundi incuro igira kabiri inyuma y'irya mu 2007. Abana 40 bava mu ntara zitandukanye z'igihugu nibo bitabiriye iyo myimenyerezo, muribo 26 bava mu ntara hagati bararonderewe ishure i Bujumbura, bazokwiga bataha kuri ico kigo, 14 bava i Bujumbura nabo bazokora imyimenyerezo bataha mugabo bafungurira hamwe n'abandi.

 

Umugwi w'abana 40 batowe n'umugwi w'ubuhinga muri FFB

 

Vivier Bahati, « AGB » hamwe na Jean-Claude nibo batowe nk'abamenyereza

 

Bahati Vivier niwe yatowe nk'umumenyereza mukuru, icegera ciwe ni Hassan Djumapili batazira AGB hamwe na Manirakiza Jean-Claude batazira Massop nk'umumenyereza w'abanyegori.

Ishirahamwe ry'umupira w'amaguru mu Burundi ribicishije ku burongozi bemeye ko bagiye gukurikirana ivyo vyose bizotuma umugwi utegurwa neza kugira uwo mugwi userukire neza igihugu muri ayo mahiganwa ategura irindi higanwa mu kwezi kwa Myandagaro rizotunganywa muri Tanzania ry'abana batarenza imyaka 17 rizotanga uburenganzira bwo kwitabira inkino zanyuma z'igikombe ca afrika 2019. Ivyo biri mu nteguro nshasha y’ishirahamwe CAF, ibihugu bihurikiye mu karere kamwe bizohiganwa kugira imigwi 2 izoshika mu gice ca nyuma ironke amatike maze uburere bwose buserukirwe mur’iryo higanwa.

 

Urutonde rw'abakinyi 40 bimenyereza hamwe :

 

1. Abanyegori 6:

Habuka Papy / Bujumbura
Ndikumana Saleh / Bujumbura
Ndayikeza Delphin / Karusi
Niyonkinzo Bienvenue / Makamba
Rutabingwa Edmond / Rumonge
Niyonizigiye Isiyaka / Cibitoke

2. Abakina mu kibuga 34:

Uwimana Jean_Claude / Cibitoke
Gakura Névin/ Rumonge
Kirimwovyinshi Abdillah/ Bujumbura
Ndikumana Ali /Rumonge
Habonimana Pacifique/ Bujumbura
Djumapili Bakari / Muyinga
Akimana Aubin/ Bujumbura
Nibikora Arthur/ Cibitoke
Munaba Edison/ Bujumbura
Niyongabo Omar /Kayanza
Nikuze Guy Chris/ Ngozi
Mossi Djuma / Bujumbura
Ishimwe Guide/ Muyinga
Masumbuko Jules/ Bujumbura
Niyera Japhet/ Gitega
Ndikumana Ramadhan/Muyinga
Ndayishimiye Thierry/ Bujumbura
Bukuru Samir Kagabo/ Bujumbura
Iratanga Flavier/Bujumbura
Budengeri Assumani/ Rumonge
Habonimana Eric/ Bujumbura
Juma Saidi/ Rumonge
Ciza Darcy / Cibitoke
Mugisha Axel/ Bujumbura
Ramadhan Zuberi/Rumonge
Intwari Abdoul/ Ngozi
Ngandji Samora / Gitega
Abdoul Wahid Kassim / Muyinga
Bakuru Faridu/ Rumonge
Ndikubwayo Hervé/ Kayanza
Irankunda Arsène/Bujumbura
Niyondiko Davy Chastel/Ngozi
Hakizimana Nuhu/ Cibitoke
Yamuremye Elvis / Muramvya

Amidou Hassan

 

 

Ico mwiyumvira kur'iyi nkuru :

 

 

 

Primus Ligue, umusi wa 6

Flamb. Est 2-1 Olympic Star
Ngozi City 1-1 Les Lierres
Flamb. Centre 0-0 Rukinzo FC
Messager Bja 1-1 Vital'O FC
Musongati FC 2-1 Buja City
Kayanza Utd 0-1 Bumamuru
Athletico Ol. 1-2 Messager N.
Aigle Noir 2-0 LLBS4A

Primus Ligue, umusi w'7

Athletico Ol. 1-1 Flamb. Centre
Messager Bja 2-2 LLBS4A
Musongati FC 1-1 Les Lierres
Messager N. 0-0 Kayanza Utd
Olympic S. 1-2 Ngozi City
Bumamuru 1-0 Flamb. Est
Vital'O FC 0-0 Buja City
Rukinzo FC 1-3 Aigle Noir