Itike rya CAN 2019: Uburundi bwaraye bunganije na Mali 1-1 mw’itsinda C ritaradadanuka na gato

Vyanditswe itariki 17.10.2018

 

Inyuma yo kuronka inota 1 i bamako kuwa gatanu uheze unganije na Mali 0-0, kur’uyu wa kabiri 16 Gitugutu Uburundi bwari buramutsa bwakira uwo mugwi nyene mu rukino rwo gusubiriza. Abakinyi b’Intamba mu Rugamba bari bavuye muri Mali batangaje cane « Les Aigles » n’abakunzi bawo kuko batari biteze na gato ko uwo mugwi umaze imyeka igera kuri 20 witaba inkino za CAN wikurikiranya woterwa ibibazo n’Intamba mu Rugamba. Urukino rwo kur’uyu wa kabiri rwari rwitezwe cane ku mpande zompi, abarorerezi isinzi bavuye mu mpande zose z’igihugu bakaba barakubise baruzura kuri Stade Prince Louis Rwagasore.

 

Umunezero wa Fiston Abdul Razaq na bagenziwe inyuma y'igitsindo c'Uburundi yinjije ku munota w'icenda

 

Umukenyuro wo gusatira w’umumenyereza Alain Olivier Niyungeko watumye haboneka igitsindo hakiri kare

 

Nk’uko yari yabimenyesheje mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuwa mbere, umumenyereza w’Intamba yari yiteguye gusatira bikomeye mur’urwo rukino, akaba yari yavuye ku mukenyuro wa 3-5-2 muri Mali atora gukinisha 4-4-2 i Bujumbura ashimikiye cane ku mipira iduga inyaruka iciye ku ruhande. Ntivyatevye, ku munota w’icenda gusa, Abdul Razaq Fiston yari abonye igori ateye neza cane n’umutwe umupira wari utewe uvuye mu mfuruka y’i buryo. Abasatirizi b’Uburundi barabandanije gusatira mbere bararonka n’amahirwe abiri agaragara yo kwinjiza ariko ntivyakunda, igice cambere kiza kurangira Intamba zifise 1-0.

Mu gice ca kabiri, umugwi wa Mali waje wazikenyeye gusumvya ubicishije cane cane ku mukinyi Moussa Marega wa FC Porto yateye ibibazo vyinshi abakinyi bo hagati b’Uburundi. Ntivyatevye, kuri coup franc ivuye kw’ikosa bamukoreye, Mamadou Fofana yaciye yinjiza igitsindo ca Mali haheze iminota ine gusa igice ca kabiri gitanguye (49’). Imigwi yompi yaciye igeregeza kurondera igitsindo ca 2 gitanga amanota 3 ariko ntivyakunda urukino ruza kurangira inganije 1-1.

 

Imigwi ya Mali, Gabon n’Uburundi yose iracafise amahirwe yo kuronka itike

 

Mu rundi rukino rw’itsinda C, umugwi a Gabon watsinze Sudani y’Epfo bigoranye 1-0 i Juba, bica bituma ukwiza amanota 7 awuha ikibanza ca kabiri mw’itsinda C. Umugwi wa Mali uri mu kibanza cambere n’amanota 8, uw’Uburundi nawo ukaba uri mu kibanza ca 3 n’amanota 6. Umugwi wa Sudani y’epfo ari nawo uzokwakira Uburundi mu rukino rukurikira kuwa 16 Munyonyo 2018, ufise 0 mu nkino 4 ukaba waraye usezeye ivyo kuronka itike. Inkino zanyuma zo mw’itsinda zizokinwa muri Ntwaranye 2019, umugwi w’Uburundi uzokwakira Gabon, uwa Mali nawo wakire Sudani y’Epfo, akaba ariho ivyo kumenya imigwi ibiri ironka itike bizodadanuka.

Tubibutse ko ihiganwa rya CAN 2019 rizoba mu ci ry'2019 rikazokwitabwa n’imigwi 24, bisigura ko 2 yambere mu matsinda izoba ironse amatike. Umugwi wa Madagascar waraye wandikishije amateka mashaha kuko waronse itike ryawo ryambere ryo kwitaba ihiganwa rya CAN. Hambavu yawo hamwe na Cameroun uzokwakira ihiganwa, imigwi ya Misri, Tunisie na Sénégal nayo nyene yaraye ironse amanota ayiha itike.

Jason Neretse

 

 

Ico mwiyumvira kur'iyi nkuru :

 

 

 

Primus Ligue, umusi wa 13

Rukinzo FC 1-2 Buja City
Les Lierres 0-0 Bumamuru FC
Flamb. Centre 1-1 Flamb. Est
Aigle Noir 7-0 Athletico Ol.
Messager Bja 1-2 Messager N.
Vital'O FC 3-0 Ngozi City
LLBS4A 0-0 Olympic S.
Musongati 1-0 Kayanza Utd

Primus Ligue, umusi wa 14

Flamb. Est 0-1 Buja City
Flamb. Centre 1-2 Kayanza Utd
Olympic S. 3-1 Athletico Ol.
Ngozi City 1-1 Messager Bja
Vital'O FC 1-0 Musongati FC
Messager N. 2-1 Bumamuru FC
Aigle Noir 2-0 Les Lierres
LLBS4A 1-0 Rukinzo FC