Football: Bimwe mu vyaranze Mondial 2018 yaraye itahukanywe n’Ubufaransa

Vyanditswe itariki 17.07.2018

 

Umugwi w’Ubufaransa niwo watahukanye igikombe c’isi c’2018 mu Burusia utsinze Croatia 4-2 kur’uyu w’Imana 15 Mukakaro uca utahukana ico gikombe ku ncuro yaco ya kabiri. Nk’uko mwagiye murabikurikirana ku mbuga zitandukanye tubacishirizako amakuru, iki gikombe caraye gisozerewe caranzwe n’ibintu bitari bike bitari vyitezwe, hakaba kandi harakoreshejwe ku ncuro yambere mw’ihiganwa mpuzamakungu, amasanamu afasha abahagarikizi (Video Assistant Referee, VAR) mu gufata ingingo zimwe zimwe. Tugaruke kuri bimwe bimwe mu vyaranze iryo higanwa ryakurikiranywe n’isi yose.

 

Inyuma y'imyaka 20, Ubufaransa bwaraye butahukanye igikombe c'isi ca kabiri

 

Umugwi uzimvye kurusha iyindi niwo waraye utahukanye igikombe

 

Igikombe c’isi c’2018 cabaye igikombe gishitse mu gihe kidasanzwe mu bijanye n’isoko ry’abakinyi, aho abakinyi babica bigacika basigaye bagurwa ibitangenda. Dufatiye ku vyegeranyo vyagiye birakorwa n’abahinga b’isoko ry’abakinyi ku gaciro ka 736 bari bagize imigwi yitavye Mondial 2018 , dusanga imigwi 10 yambere izimvye yar’iyi ikurikira:

1. France (Miliardi 1,20 €)
2. Brésil (Miliardi 1,1 €)
3. Espagne (Milioni 994 €)
4. Angleterre (Milioni 915 €)
5. Allemagne (Milioni 886 €)
6. Belgique (Milioni 784 €)
7. Argentine (Milioni 674 €)
8. Portugal (Milioni 490 €)
9. Croatie (Milioni 413 €)
10. Uruguay (Milioni 392€)
Mu migwi ya Africa, Sénégal niwo waza hejuru n’ikiguzi ca Milioni 305 € ukaba wagira 11 mu migwi 32, Panama nawo niwo mugwi wahereza n’agaciro ka Milioni 7 z’ama € gusa ku bakinyi 23 bawo.

Nk’uko mubibona kur’urwo rutonde, igikombe caraye gitwawe n’umugwi war’ufise urutonde ruzimvye kurusha iyindi, ariko ukaba wakinye “finale” n’umugwi uri mu kibanza c’9. Vyongeye, umugwi w’Ubufaransa waza ubwa kabiri mu migwi ifise abakinyi bakiri bato, inyuma ya Nigeria.

 

Bimwe bimwe mu biharuro bitari bwaboneke vyaranze ihiganwa ry’2018

 

1. Essam El Hadary, umunyegori wa Egypte, yabaye umukinyi akuze wambere akinye Mondial, akaba yakinye afise imyaka 45, uwo yaraye arushije akaba ari Faryd Mondragon yamuka muri Colombia yari yakinye Mondial 2014 afise imyaka 43,

2. Muri Mondial 2018, ibitsindo 12 vyose vyarinjijwe n’abakinyi mu magori yabo (CSC), bikaba bitari bwigere bishika muri kahise ka Mondial,

3. Hatewe “penalties” 29 mu nkino za Mondial 2018, akaba ar’igiharuro kitari bwigere gishikirwa na rimwe. Ahanini vyavuye ku buhinga bwa “Video Assistant Referee” bwakoreshejwe aho abahagarikizi baza bararaba amasanamu imbere yo gufata ingingo ku makossa yo muri “surface de reparation”. Umugwi w’Ubufaransa niwo watanguye kwinjiza igitsindo hakoreshejwe VAR mu rukino rwawo rwambere na Australia, wongera uba umugwi wanyuma uyironseko igitsindo, hakaba hari muri finale bwaraye bukinye na Croatie. Igitsindo ca 2 cinjijwe na Antoine Griezmann kuri penelaty hahanywe ikosa ry’ukuboko rya Ivan Perisic ryabonywe harinze gukoreshwa VAR.

4. Ibitsindo 23 vyinjiye mu mwanya w’agasunuzo (Temps Aditionnel), bikaba bishitse ubwambere kuva mu mwaka w’1930 igikombe c’isi gitanguye. Vyongeye, na canecane bivuye kuri VAR, Mondial 2018 yaranzwe n’umwanya w’agasunuzo munini kurusha uko vyahora, urugero rw’iminota 5 ku rukino.

5. Kuva igikombe c’isi kibaho, bwabaye ubwambere hakinwa igice ca kabiri gishira icanyuma (demi finale) ata n’umwe urimwo hagati y’imigwi ya Brésil, Argentine na Allemagne. Tubibutse ko Allemagne wasezeye ihiganwa mu matsinda, Argentine ugasezererwa n’Ubufaransa muri “1/8 finale” utsinzwe 4-3, Brésil nawo ugatsindwa n’Ububirigi 2-1 muri “1/4 finale”.

6. Umugwi w’Ubwongereza wararonse itsinzi kuri penalties, wirahira Colombie 4-3, ibintu bitari bwashike inyuma y’amahiganwa 6 yose wagiye ucamwo ukurwamwo kuri penalties: Mondial 1990, Euro 1996, Mondial 1998, Euro 2004, Mondial 2006 na Euro 2012. Wabaye umunezero udasanzwe kur’uwo mugwi, ukaba wasozereye ihiganwa mu kibanza ca kane.

Abakinyi bahawe ubushimwe:







Umunyegori w’akarorero: Thibault Courtois (Belgique)

Umukinyi akiri muto w’akarorero: Kylian Mbappé (France)

Umukinyi yatsinze vyinshi: Harry Kane (Angleterre) yinjije 6

Umukinyi yaranze ihiganwa: Lucas Modric

Agashimwe ka Fair-Play: Umugwi wa Espagne, ukaba utwaye ako gashimwe ku ncuro ya 3 mu bikombe 4 biheruka (2006, 2010, 2018).

Abakinyi 11 bagize umugwi w’akarorero (11 type): Lloris (France), Trippier (Angleterre), Varane (France), Lovren (Croatie), Young (Angleterre), Paulinho (Brésil), Modric (Croatie), Hazard (Belgique) Griezmann (France), Neymar (Brésil), Mbappé (France).

Mwipfuza gusubira kuraba uko imigwi yagiye iravyifatamwo kuva mu matsinda, mushobora kubisanga kuri burundisport.com/mondial

Jason Neretse

 

 

Ico mwiyumvira kur'iyi nkuru :

 

 

 

Primus Ligue, umusi wa 13

Rukinzo FC 1-2 Buja City
Les Lierres 0-0 Bumamuru FC
Flamb. Centre 1-1 Flamb. Est
Aigle Noir 7-0 Athletico Ol.
Messager Bja 1-2 Messager N.
Vital'O FC 3-0 Ngozi City
LLBS4A 0-0 Olympic S.
Musongati 1-0 Kayanza Utd

Primus Ligue, umusi wa 14

Flamb. Est 0-1 Buja City
Flamb. Centre 1-2 Kayanza Utd
Olympic S. 3-1 Athletico Ol.
Ngozi City 1-1 Messager Bja
Vital'O FC 1-0 Musongati FC
Messager N. 2-1 Bumamuru FC
Aigle Noir 2-0 Les Lierres
LLBS4A 1-0 Rukinzo FC