FFB: Bikuru bikuru mu vyavugiwe mu nama ya bose yatunganijwe kur'uyu w'Imana 24 Ruheshi i Gitega

Vyanditswe itariki 25.06.2018

 

Ishirahamwe ry'umupira w'amaguru mu Burundi FFB ryaraye ritunganije inama ya bose kur'uno wa 24/6/2018 kuri Helena Hotel i Gitega, ikaba yar'inama yo kwiheza ivyakozwe mu mwaka w'inkino uheze mu bijanye n'ubutunzi. Turabire hamwe bikuru bikuru mu vyahavugiwe.

Ibirori nyezina vyuguruwe n'igisabisho, Buramatari w'intara ya Gitega Manirambona Venant aca ah'ikaze abagize inama ya bose hamwe n'abandi bashitsi bahire. Uwurongoye ishirahamwe FFB, Hon. Ndikuriyo Reverien yatanguye kwibutsa abashitsi ko hisunzwe ivyavuye mu matora y'igenekerezo rya 2/4/2017 hategerezwa gutunganywa inama zidasanzwe zibiri, mu kwezi kwa Kigarama hihwezwa ivyerekeye ubuhinga n'ukuntu uburyo buzokoreshwa, mu kwezi kwa Ruheshi hakihezwa ivyerekeye ukuntu uburyo bwakoreshejwe. Hon. Denis Karera arongoye igisata kiraba ivy'ubutunzi yaciye aca ku masonga kubijanye n'ukuntu amahera yakoreshejwe kuva igihe arongoye ico gisata.

 

Abagize "bureau" ya FFB batanguza inama ya bose

 

Ndisanze Franck, Kinshasa Christophe hamwe na Hon. Ndayizeye Gloriose nibo batowe ivy'agateganyo kurongora "commission audit et conformité"

 

Igisata kijejwe 'audit & conformité' kijejwe kurabira hafi ibijanye n'ikoreshwa ry'uburyo butangwa na FIFA. Abagize inama ya bose batoye Ndisanze Franck batazira "Mandela", Kinshasa Christophe hamwe na Hon. Gloriose ngo barongore ico gisata mu vy'agateganyo gushika mu kwezi kwa Kigarama 2018.

Manirakiza Jérémie,umunyamabanga mukuru mw'ishirahamwe FFB yatanze ikiganiro gito yisunze icegeranyo FIFA yashize ku murongo, yasiguriye inama ya bose ibisabwa kugira umukinyi ave m'umugwi aja mu wundi. Mu kurangiza yasavye ko imigwi yogiranira amasezerano n'abakinyi bose bayigize nk'uko bimaze gusabwa kenshi.

Uwurongoye ishirahamwe FFB , Hon. Ndikuriyo Révérien yasavye ashimitse ko ata mukinyi numwe yohonyoza ikirenge mu kibuga mu ntango ry'ihiganwa 2018-2019 mu gihe impande zibiri zitazoba zumvikanye k ubijanye n'igura n'igurishwa (Transfert). Kundwi ikurikira inama nkuru ya FFB (comité exécutif) izokorana kugira hashingwe umugwi ujejwe gukurikiranira hafi ibijanye n'igura n'igurishwa ry'abakinyi.

 

Ihiganwa rikuru ku rwego rw'igihugu rizotangura kw'igenekerezo rya 18/8/2018

 

Ihiganwa ry'umupira w'amaguru mu mwaka w'umupira 2018-2019 rizotangura kuwa 18/8/2018, indwi zine zambere hazokinwa 'marathon' n'ukuvuga inkino zikurikirana mu misi mike, kuwa gatatu no kuwa gatandatu (inkino zibiri mu ndwi). Ishirahamwe FFB ryateguye ibahasha y'imiriyoni ijana na mirongo itandatu (160.000.000frbu) ku migwi 16 yo mu cicaro cambere, buri mugwi uzohabwa icarimwe imiriyoni 10 kugira urangize ibijanye no gusinyisha abakinyi.

Muri uno mwaka, akarusho ku migwi 4 izofata ibibanza vya mbere karashobora kwisununura, imiriyoni 60 nizo zishobora kugabanganwa kur'iyo migwi 4, bikaba biri mu bigiye kwigwa n'inama nkuru ya FFB mu misi ir'imbere. Gishasha muri uno mwaka nuko hazokorwa amajonjora (tirage au sort) abiri, mu mpera ry'ihiganwa, n'igihe igice ca kabiri kizotangura. Muri uno mwaka kandi nta myambaro (maillots) imigwi izohabwa kandi abakinyi bazokoresha ama 'licences biométriques'.

Mu kwezi kwa Myandagaro ikibuga Urumuri co mu Ruyigi n'ica Prince Louis Rwagasore bizoba "biri tayari" kwakira inkino nk'uko vyashikirijwe mu nama. Ihiganwa ryo mu cicaro ca kabiri rizotangura mu mpera z'ukwezi kwa Gitugutu, inkino ziha uburenganzira imigwi yo mu cicaro ca gatatu kuduga mu cicaro ca kabiri zizokinwa mu kwezi kwa Nyakanga.

'Vision 20-26' igiye gukurikirwa hafi, amahiganwa y'abana azobandanya ukuri kwamye. Imigwi wa Olympic star, Musongati Fc na Les Lierres yashimiwe ku kuntu yitwaye neza mu bijanye no kwitunganya neza (contrôle médical,contrat des joueurs...).

Inama ya bose yasozerewe na 'tirage au sort' ihagarikiwe na Yussuf Mossi arongoye igisata co gutunganya inkino c'ukuntu imigwi izohura mu gice ca mbere (phase aller) hamwe n'igice ca kabiri c'ihiganwa (phase retour),tuzobigarukako mu makuru yacu yo hanyuma.

Amidou Hassan

 

 

Ico mwiyumvira kur'iyi nkuru :

 

 

 

Primus Ligue, umusi wa 6

Flamb. Est 2-1 Olympic Star
Ngozi City 1-1 Les Lierres
Flamb. Centre 0-0 Rukinzo FC
Messager Bja 1-1 Vital'O FC
Musongati FC 2-1 Buja City
Kayanza Utd 0-1 Bumamuru
Athletico Ol. 1-2 Messager N.
Aigle Noir 2-0 LLBS4A

Primus Ligue, umusi w'7

Athletico Ol. 1-1 Flamb. Centre
Messager Bja 2-2 LLBS4A
Musongati FC 1-1 Les Lierres
Messager N. 0-0 Kayanza Utd
Olympic S. 1-2 Ngozi City
Bumamuru 1-0 Flamb. Est
Vital'O FC 0-0 Buja City
Rukinzo FC 1-3 Aigle Noir