Umugwi wa Bel Air niwo watahukanye ihiganwa ry’abana ryatunganijwe n’ishirahamwe Football Helps

Vyanditswe itariki 10.07.2018

 

Ihiganwa ry'abana batarenza imyaka 15 risanzwe ritunganywa n'ishirahamwe Football Helps rirongowe na Abayo Guillain ryarazeye ibikorwa kur'uno w'8/7/2018 ku kibuga 'Camsar' kiri mu Nyakabiga. Iryo higanwa ryari rimaze amezi atandatu rikaba ryari ryitabwe n’imigwi 16.

Umugwi wa Bel Air niwo watahukanye ikibanza cambere utsinze umugwi Israel bitsindo 2-0, ibitsindo vyinjijwe na Rukundo Issa mu gice ca mbere c'urukino.

 

Uwurongoye Football Helps, abashitsi n'abakinyi imbere yo gutangura ibirori bisozera ihiganwa

 

Football Helps ryihaye intumbero yo gukundisha abana bato igihu biciye mu nkino

 

Ivyo birori vyo gusozera ihiganwa vyari vyitabwe n’abashitsi batari bake haba abasanzwe bakora mu bintu vy’inkino n’abaje bava mu mashirahamwe atandukanye y’urwaruka, Football Helps rikaba rikwije imyaka 7 rikora, n’ibiri ryemewe icese imbere y’amategeko.

Inyuma y'urukino rwaranzwe n'ubuhinga budasanzwe, haciye hashikirizwa amajambo. Abayo Guillain asanzwe aserukira iryo shirahamwe imbere y'amategeko yagaragaje umunezero afise akaba yasubiye ubugira kandi kwibutsa abari ngaho yuko ishirahamwe arongoye intumbero rifise ariyo gukundisha abana igihugu biciye mu nkino no mu bikorwa vy'isuku. Icivugo c'uno mwaka cari :" Dutsimbataze amahoro, ubumwe n'urukundo mu rwaruka tu bigisha kuzirikana n'ugukunda igihugu cacu c'Uburundi.''

Udushimwe dutandukanye twahawe imigwi 3 yambere hamwe n'utundi twahawe abigenjeje neza gusumba abandi mw'ihiganwa ryamaze amezi 6. Umumenyereza Claude w'umugwi Israel niwe yatowe nk'uwaranze ihiganwa, Mulamba ahabwa agashimwe k'umumenyerezwa yaranzwe na fair play gusumba abandi, Zabiti Alexis atorwa nk'umukinyi atasivye mu bikorwa rusangi na rimwe, Kitenge Antoine atorwa nk'umukinyi yaranze ihiganwa, akaba ari mutoyi wa kitenge Alexis umusatirizi abica bigacika mu bakuze. Nishimwe Fler niwe yatowe nk'umunyegori akiri muto cane yasamye neza gusumba abandi.

Twobamenyesha kandi ko iryo higanwa ritunganywa uko umwaka utashe

 

 

Amidou Hassan

 

 

Ico mwiyumvira kur'iyi nkuru :

 

 

 

Primus Ligue, umusi wa 6

Flamb. Est 2-1 Olympic Star
Ngozi City 1-1 Les Lierres
Flamb. Centre 0-0 Rukinzo FC
Messager Bja 1-1 Vital'O FC
Musongati FC 2-1 Buja City
Kayanza Utd 0-1 Bumamuru
Athletico Ol. 1-2 Messager N.
Aigle Noir 2-0 LLBS4A

Primus Ligue, umusi w'7

Athletico Ol. 1-1 Flamb. Centre
Messager Bja 2-2 LLBS4A
Musongati FC 1-1 Les Lierres
Messager N. 0-0 Kayanza Utd
Olympic S. 1-2 Ngozi City
Bumamuru 1-0 Flamb. Est
Vital'O FC 0-0 Buja City
Rukinzo FC 1-3 Aigle Noir