Primus League: Amazina y'abakinyi bahiganira agashimwe k'umukinyi wa Nyakanga 2017 yamenyekanye

Vyanditswe itariki 06.10.2017

 

Ukwezi kwa Nyakanga kwaranzwe n’inkino zine zitangura ihiganwa rya Primus League 2017-2018, zikaba zakinywe mu misi ingana n’indwi zibiri gusa. Nk’uko abashoboye kuzikurikirana bavyiboneye, ihiganwa ryatanguranye umurindi ukomeye bikaba biboneka ko imigwi itari mike yiteguye bikwiye bikaba bitanga ihiganwa ryuguruye aho ibintu vyose bishoboka. Nk’uko twabikoze mw’ihiganwa ry’umwaka uheze, ikinyamakuru canyu gifashijwe n’abavyipfuza bose bafise ku mutima iterambere ry’inkino mu Burundi, kizoza kiratunganya ubushimwe bw’umukinyi yigenjeje neza uko ukwezi gutashe. Mur’ico gikorwa, dufashwa n’umugwi w’abamenyeshamakuru bashika kuri 30 bakurikiranira hafi ihiganwa rya Primus League, bakaba bashize ahabona amazina y’abakinyi bigenjeje neza kurusha abandi muri Nyakanga 2017.

 

Inyuma ya Jules Ulimwengu, Franck Barirengako na Gaël Duhayindavyi, ninde azotahukana agashimwe k'umukinyi w'ukwezi?

 

Uko amatora y’abamenyeshamakuru yagenze

 

Mu gutora, umumenyeshamakuru wese atanga amazina y’abakinyi batatu yabonye ko baranze ukwezi tugaca tuyashirahamwe tukaraba abakinyi bagaruka kenshi. Umugwi wadufashije gutora umukinyi yaranze Nyakanga 2017 ugizwe n’abamenyeshamakuru 30 aribo :

1. Nkeshimana Mélchiade (Rntb)
2. Niyongere Achel (Rtnb)
3. Havyarimana Balein(Isanganiro)
4. Loko (Izere FM)
5. Arsène Bucuti (inkino,Buja FM)
6. Éric Douglas(Mishe mishe Magazine)
7. Kwizera Ismaïl (Izere FM)
8. Théodore Ntunga (Rtnb)
9. Basegeta Avelin(FFB Magazine online)
10. Harakandi Patrick (Rtnb
11. Gakiza Kévin (Buja FM)
12. Blaise Pascal (Radio colombe)
13. Niyubahwe Élysée (Radio Umuco -Ngozi )
14. Vivance Emery (Rema FM)
15. Désiré Museminali(Iwacu)
16. Nisabwe Armand (Akeza.net)
17. Moussa Momo(Radio Umuco Ngozi)
18. Nikwibitanga Floribert (RTNB)
19. Emery Niyongabo (Humuriza FM)
20. Niyungeko Thierry (FFB Magazine online)
21. Yves (Humuriza FM/Gitega )
22. Amidou Hassan (burundisport.com)
23. Diègue Nifasha (burundisport.com)
24. Bukuru Daniel (Buja FM)
25. Cyriaque (Izere FM)
26. Prosper (Aigle Sport)
27. Jacob Riziki (Aigle sport )
28. Ndudi (Rema FM)
29. Ntwari Bruce (Rema FM)
30. Audifax Ndikuriyo (burundisport.com)

Muri rusangi rero abakinyi batowe ko bigenjeje neza muri Nyakanga 2017 bashika kuri 26 bakaba bava mu migwi cumi itandukanye. Turavye uko bagiye baratorwa n’uwo mugwi w’abamenyeshamakuru 30, uku niko abo bakinyi barushanya amajwi kuva kuwatowe na benshi gushika ku watowe na bake, umusatirizi Slim Saidi wa Olympic akaba yatowe n’abamenyeshamakuru 28 ku 30, ibintu bitari bwashike kuva aka gashimwe k’umukinyi yaranze ukwezi gatanguye gutangwa.

1. Slim Saidi (Olympic Star)

28

2. Shaka Bienvenue (Aigle Noir)
14

3. Jules Ulimwengu (LLBS4A)
7

4. Urasenga Danny Cédric (Messager Ngozi)
4

4. Kwizera Eric (Les Lierres)
4

4. Tonton Djuma Hakizimana (Athletico Olympic)
4

7. Pascal Niyonkuru (LLBS4A)
3

7. Harerimana Moussa Hafidh (LLBS4A)
3

9. Thomson Ndizeye (LLBS4A)
2

9. Rashid Léon Harerimana (LLBS4A)
2

9. Yousouf Ndayishimiye “Nyange” (Aigle Noir)
2

9. Gilbert Bibe (Flambeau de l’Est)
2


Abandi bakinyi 14 baronse ijwi rimwe rimwe, abo nabo ni Fabrice Girukwishaka (Olympic Star),Félicien Ndabarinze (Flambeau du Centre), Issa Hakizimana (LLBS4A), Floribert Bigirimana (Vital’O FC), Akimana Trésor (Musongati), Jean Etando (Aigle Noir), Jonathan Nahimana (Vital’O FC), Moussa “Mikel” Sharo (Athletico Olympic), Djuma Mohamed (Musongati),Rahim Nsengiyumva (Messager Ngozi), Ismail (Messager Ngozi), Iddy Djuma (les Lierres), Iddy Saidi “Ballack” (LLBS4A) na Mabano Shabani (Aigle Noir)

Nk’uko musanzwe mubimenyereye, abakinyi bashitse mu bibanza bitatu vyambere nibo duca tubashikiriwa ku rubuga rwacu rwa Facebook, maze namwe abakunzi b’umupira mukitoreramwo uwukwiriye agashimwe. Kuno kwezi, abo bakinyi bose uko ari batatu n’abasatirizi bakerebutse cane nabo akaba ari Slim Saidi wa Olympic Star, Shaka Bienvenue wa Aigle Noir na Jules Ulimwengu wa LLBS4A, mukibuka ko Jules Ulimwengu ari nawe mukinyi yatahukanye agashimwe kambere twatanguye gutanga muri Kigarama 2016.

Turashimiye bivuye ku mutima abamenyeshamakuru badufashije mur’ico gikorwa, tukaba tunakejeje abakinyi 26 bose bagomwe ko bigenjeje neza tukabater’intenge tubipfuriza gukomeza ikivi kuko ubushimwe buzobandanya butangwa uko ukwezi gutashe

 

 

burundisport.com

 

 

Ico mwiyumvira kur'iyi nkuru :

 

 

Primus League, umusi w'7

Les Jeunes 0-2 Aigle Noir
LLBS4A 2-1 Athletico Ol.
Flamb. Centre 0-1 Buja City
Messager N. 3-0 Delta Star
Ngozi City 0-1 Musongati
Olympic S. 1-0 Les Lierres
Messager Bja 0-1 Vital'O FC
Flamb. Est 1-0 Inter Star

 

Primus League, umusi w'8

Kuwa 21/10
Vital'O FC 15:00 (Ivyizigiro) Ngozi City
Les Jeunes At. 16:00 (PLR) Athletico Ol.
Olympic S. 15:00 (Umuco) LLBS4A
Kuwa 22/10
Buja City 14:00 (PLR) Delta Star
Inter Star 16:00 (PLR) Messager N.
Musongati FC 15:00 (Gitega) Flamb. Est