Primus League: Amakuru y’abakinyi bashasha mu migwi itandukanye

Vyanditswe itariki 05.09.2017

 

Mu gihe hasigaye indwi zibiri gusa ihiganwa rigatangura, ikinyamakuru canyu cashimye kugaruka ku makuru abandanya avugwa ku bijanye n’abakinyi bashasha mu migwi yo mu cicaro cambere. Imigwi itari mike ntirashira ahabona intonde z’abakinyi izokwikorako mu mwaka w’inkino buca utangura, ariko bivanye n’abakinyi yagiye irikorako mu nkino za kivandimwe zo kwitegura, abakinyi bashasha batari bake mu migwi baramaze kuboneka, hakaba hari n’imigwi isa n’iyizohindura abakinyi barenga 7 mu bakinyi ngenderwako yahorana n’iyindi isa n’iyizogarukana abo yakinishije mu mwaka uheze

 

Umugwi wa Vital'O FC uri mu migwi izosubiriza abakinyi benshi, mu mugwi nka Olympic Star naho hafi bose bakinye mu 2016-2017 baracari mu mugwi

 

Uko vyifashe mu migwi imwimwe

 

Musongati FC:

Inyuma y’igenda ry’abakinyi nka Barirengako Franck agana ihiganwa ryo mu mu Rwanda, Rugumandiye Yvan muri Tanzania na Ntirwaza Sudi muri Djibouti, uwo mugwi waratanguye igikirwa co kubasubiriza no kwongereza inguvu. Abakinyi bashasha bagaragara mu nkino za kivandimwe uwo mugwi umaze gukina ni nka Hafidh yarangije amasezerano na DCMP wo muri Congo, umunyegori Onesime yahora muri Ngozi city, umunyegori Sakubu Laurent yamaze no gutera umukono ku masezerano yo gukinira Musongati umwaka umwe, Girukwishaka Jean-Marie yahora mu mugwi wa Bugesera FC mu Rwanda akaba yakinye imyaka itari mike muri Vital'o FC, Niyonkuru Nassor yahora muri Virtal’O ariko yari yavunitse mu mwaka uheze, Ndayishimiye Deo yahoze muri LLB s4a, Akimana Noah na Mubango Trésor bahoze muri Athletico Olympic, Akimana Tresor yahora ari umwe mu bakinyi ngenderwako muri Vital’O FC .

Flambeau de l'Est

Inyuma yo kugarukana Umumenyereza wabo wa kera Christian Kabera « Morinho » nk'icegera ca Masabo Vicent ubu aramutswa Ishirahamwe ry'umupira w'amaguru muntara ya Ruyigi, uwo mugwi uriko uritunganya neza, ukaba uheruka gusinyisha abakinyi batari bake nka Gilbert Bibe yahoze muri Athletico Olympic, Murutabose Hemedy umwaka uheze yari muri Tanzania, Olivier umukinyi w'inyuma mumyaka itatu yanyuma yakinira mu mugwi wa Royal FC n'abandi tukibatohoreza.

Vital'o FC

Amakuru dukesha uburongozi bw’uwo mugwi atumenyesha yuko mu ndwi itarenga imwe buzobwa bwashize ahabona urutonde rwanyuma rw’abakinyi uzokinisha mu mwaka w’inkino 2017-2018.. Dufatiye mu nkino z'igicuti uwo mugwi wagiye urakina, harabonekamwo abakinyi bashasha batari bake bagiye bava mu migwi ya hano iwacu nka Ndikumana Moussa yari muri Athletico Olympic, Muryango Moussa, Ntahobari Assumani na Kashindi Joseph bahora muri Inter star, Baheza Djuma na Assumani Amissi bari muri Espoir...Umunyegori Nahimana Jonathan nawe yongeye amasezerano y'imyaka itatu yogukinira uwo mugwi.

Athletico Olympic

Inyuma ry'igenda rya Omar Ntakagero mu Rwanda, Coach AGB yahora amenyereza abana batarenza imyaka 16 b'umugwi Aigle noir niwe aramutswa uwo mugwi. Ku bijanye n'abakinyi bashasha turacariko turabitohoza, bikaba biboneka ko umugwi wa Athletico Olympic ushobora kumera nka Vital'o FC mu bijanye no gusubiriza abakinyi benshi babaye ngenderwako mu mwaka uheze.

Aigle noir

Mu rutonde uwo mugwi wari washize ahabona mu misi iheze, uwundi mukinyi yiyongeye ni Ismael Sakho, umwaka uheze yakinira muri Standard mu cicaro ca kabiri.

Les Lierres

Inyuma y'umuzo w'umumenyereza Michel Tuhabonye mur'uwo mugwi, hiyongeye abandi bakinyi bashasha baje kwongereza inguvu abari bahasanzwe ndetse n'abandi batari bake bakinira Standard fc, umugwi ugira kabiri wa Les Lierres. Ndizeye Vovo-Selemani yahoze ari muri Vital'o fc imyaka itari mike n'umwe mu bakinyi bagaragara mu myimenyerezo y'uwo mugwi, Nduwimana Saidi Tama yahora asamira LLBS4a nawe ari muri bashasha uwo mugwi umaze kugiranira amasezerano y'umwaka umwe. Umukinyi w'inyuma Iddy batazira "Ido" yahora muri Inter Star nawe nyene amaze imisi mu myimenyerezo n'umugwi wa Les Lierres

Inter star

N'umwe mu migwi yatakaje abakinyi batari bake, gushika ubu umenyerezwa na Coach Eric yahoze muri Flambeau de l'Est umwaka uheze, afashwa na Ndikumana Hemedy hamwe na Kitwana Amissi nk'ivyegera vyiwe, tukaba tukibatohoreza ibijanye n’abakinyi bashasha mur’uwo mugwi.

Tubandanya tubatohoreza ibijanye n’abakinyi bashasha mu yindi migwi tukazobibashikiriza mu makuru yaco yo hanyuma

 

 

Amidou Hassan

 

 

Ico mwiyumvira kur'iyi nkuru :

 

 

Primus League, umusi w'7

Les Jeunes 0-2 Aigle Noir
LLBS4A 2-1 Athletico Ol.
Flamb. Centre 0-1 Buja City
Messager N. 3-0 Delta Star
Ngozi City 0-1 Musongati
Olympic S. 1-0 Les Lierres
Messager Bja 0-1 Vital'O FC
Flamb. Est 1-0 Inter Star

 

Primus League, umusi w'8

Kuwa 21/10
Vital'O FC 15:00 (Ivyizigiro) Ngozi City
Les Jeunes At. 16:00 (PLR) Athletico Ol.
Olympic S. 15:00 (Umuco) LLBS4A
Kuwa 22/10
Buja City 14:00 (PLR) Delta Star
Inter Star 16:00 (PLR) Messager N.
Musongati FC 15:00 (Gitega) Flamb. Est