Amahiganwa ya CAF: Olympic Star waraye uronse itike ryo kubandanya Confederation Cup, LLBS4A nawo ukurwa muri Champions League

Vyanditswe itariki 23.02.2018

 

Inyuma y’aho imigwi ibiri yaserukiye Uburundi mu mahiganwa ya CAF inganirije mu nkino zitangura zo gukuranamwo (Rayon Sports 1-1 LLBS4A, Olympic Star 0-0 Etoile Filante), abakunzi b’umupira isinzi bari barindiranye igishika inkino zo gusubiriza zakinywe zikurikirana kur’uyu wa gatatu 21 Ruhuhuma. Tugaruke ku vyaranze izo nkino aho LLBS4A wakiriye Rayon Sports i Bujumbura, Olympic Star nawo uja i Ouagadougou gutana mu mitwe na Etoile Filante.

 

Umunezero w'abakinyi ba Rayon Sports bafadikanije n'abakunzi babo bari bahishikiye kubashigikira

 

I Bujumbura, umugwi wa LLBS4A warananiwe kwerekana umupira war’usanzwe ukina, utsindwa n’abasore ba Rayon Sports baje bazikenyeye

 

Inyuma yo kunganya 1-1 i Kigali, abatari bake baraha amahirwe LLBS4A kubw’ico gitsindo bari baronse hanze, eka mbere na coach “Mayele” asanzwe abamenyereza yari yamenyesheje ko icizere ari cose kandi yiteze ko abantu baza ku bwinshi kubashigikira. Abarorerezi koko baritavye ako kamo ku buryo ikibuga gikubita kikuzura ku mpande zose, ibintu vy’imbonekarimwe mu nkino z’imigwi isanzwe atari Intamba, na cane cane ko bari bakinye hagati mu ndwi ku musi w’akazi. Naho abarorerezi b’abarundi bari benshi cane, abakunzi ba Rayon Sport bagera kw’150 bari baherekeje umugwi bari baje biteguye bikomeye bafise ibikoresho n’imyambaro bikwiye, bamara urukino rwose bariko baravyina bavugiriza ingoma umugwi, ku buryo wamenga Rayon Sport niwo uriko ukinira muhira ugereranije n’agacerere k’abarorerezi b’abarundi.

Mu rukino nyezina, umugwi wa Rayon Sports waje werekana ishaka kurusha LLB, kuva ku munota wa mbere, niwo wahanahana agapira neza ugenda imbere gusatira, ubifashijwemwo ahanini n’abakinyi batatu b’abarundi bari batanguye mu kibuga aribo Pierre Kwizera kizigenza w’umugwi, Shassir Nahimana na Hussein Shabani “Chabalala”, Caleb Bonfils akaba yatanguye ku ntebe y’abasubirizi. Igitsindo cagiye kuboneka ku munota wa 27 ku mupira wo hejuru abakinyi b’inyuma ba LLB bananiwe gukuramwo, maze Shassir abaca muryahumye ahereza Shabani yar’asigaye wenyene aca akubita mw’igori ataco y’inona Rayon uba uraronse 1-0. Inyuma y’ico gitsindo, nta kinini abakinyi ba LLB bakoze ngo bivyukiranye kuko muri rusangi Rayon Sports niwo wabandanije usatira uranahusha imipira itari mike. Akanya gato ko guhera ku munota wa 75, LLBS4A waragerageje gusatira, ubicishije cane cane kuri Thomson, ariko ukugerageza kwiwe ntaco kwatanze, abarorerezi ntibigeze bashigikira bikwiye LLB nk’uko vyariko bikorwa n’abanyarwanda, vyongeye, abakinyi b’inyuma ba Rayon bari bahagaze neza, gutyo urukino rurangira bafise 1-0, LLBS4A uba urasezerewe.

Inyuma y’urukino, coach “Mayele” wa LLBS4A yagize ati: “Na jewe sintahura ukuntu abakinyi banje bakinye umupira uri hasi cane y’urugero bari basanzwe bariko. Twari dufise icizere kinini bivanye n’uko twigenjeje i Kigali, ariko ivyo twateguye mu myimenyerezo ntivyashoboye gukurikizwa mu kibuga”. Tubibutse ko Rayon Sports uzoca uhura na Mamelody Sundowns wo muri Africa y’Epfo mu gice gikurikira, umugwi uzotsindwa hagati yayo uzoca ubandaniriza mw’ihiganwa rya Confederation Cup.

 

I Ouagadougou, Olympic Star wandikishije amateka mu kuba umugwi w’i Burundi wambere usezereye uwo muri Burkina Faso

 

Muri Burkina Faso, urukino Etoile Filante – Olympic Star rwatanguye igihe c’isaha cumi n’imwe n’igice (17:30) mu masaha y’i Burundi, n’ukuvuga inyuma y’iminota mirongo itatu gusa LLBS4A usezerewe na Rayon Sport i Bujumbura. Inyuma y’iminota cumi gusa y’urukino, Etoile Filante bari baronse ikarata itukura ku mukinyi Doumbia, ivyo bica biha icizere abarundi kuko nk’uko bimeze mu mupira w’amaguru, havuyemwo umukinyi imikenyuro mu kibuga ica ihinduka.

Naho Etoile Filante bari badakwiye, bamaze igice cambere cose basatira bikomeye igori rya Olympic Star, bikaba vyaraboneka ko bafise inyota idasanzwe yo gutahukana itsinzi, kukaba nkako, urukino rwambere rwari rwasozerewe 0-0, bisigura ko n’igitsindo kimwe cari gutuma basezerera Olympic Star. Inyuma y’igice cambere, abakinyi ba Olympic Star vyabonetse ko baje bazikenyeye kuko baciye batangura kubonana mu kibuga badata imipira myinshi, mbere baca baronka igitsindo ku munota wa 54 w’urukino, cinjijwe na Slim Saidi ku mupira yateje umutwe ahawe na Patient kw’i “centré” nziza cane.

Abakinyi ba Olympic Star bamaze kuronka ico gitsindo baciye babandaniriza aho nyene basatira, bakaza baraduga ku ma “contre-attaques” kuko aba Etoile Filante nabo baciye baduga nka bose kurondera ibitsindo bibiri bategerezwa kwinjiza kugira babandanye ihiganwa. Ku munota wa 66, Etoile Filante waronse penalty ariko Lucien Watulasubi ahabera magabo arawusama, abakinyi ab EFO baca basa n’abihebuye naho babandanije basatira. Ama “contre-attaques” ya Olympic Star nta kinini cavuyemwo, vyagiye biboneka ko harimwo kutabonana neza mu mipira yanyuma, bituma ata kindi gitsindo baronka naho inzira zagenda ziriyugurura mu kibuga, gutyo urukino rurangira batsinze 1-0 baba barasezereye EFO, baca baba umugwi wambere w’i Burundi usesereye uwo muri Burkina Faso mu mahiganwa ya CAF.

Mu gice gikurikira, Olympic Star uzohura na Al Hilal Obeid wo muri Sudani, urukino rutangura rukazokinirwa i Ngozi kuri Stade urukundo, ikibuga caraye cemerewe icese na CAF ko gishobora kwakira inkino mpuzamakungu. Ku vyerekeye ikibuga Umuco c’i Muyinga, nta nyishu iratangwa na CAF, bikaba biboneka ko bikiri mu mwihwezo ariko tukabibutsa ko cemerewe na CECAFA kwakira inkino z’abatarenza imyaka 17 muri Ndamukiza.

Jason Neretse

 

 

Ico mwiyumvira kur'iyi nkuru :

 

 

 

Mondial 2018, 1/2 finale

France 1-0 Belgique
Croatie 2-1 Angleterre

Mondial 2018, ikibanza ca 3

Belgique 2-0 Angleterre

Mondial 2018, Finale

France 4-2 Croatie