Primus Ligue : Aigle Noir Makamba waraye utahukanye igikombe c’2018-2019

Vyanditswe itariki 08.03.2019

 

Mu gihe hagisigaye inkino zine zine kuri buri migwi 16 ya Primus Ligue kugira ihiganwa rirangire, umugwi wa Aigle Noir w’i Makamba waraye ukwije amanota atagihambijwe n’uwundi mugwi uca uratahukana igikombe. Aho hari kur’uyu wa gatatu igenekerezo rya 6 Ntwarante i Gitega, kimwe mu bibuga uwo mugwi wakirirako inkino uyu mwaka mu kurindira ko ikibuga cawo c’i Makamba cuzura.

 

Aigle Noir Makamba mu munezero wo guterura igikombe cawo cambere c'icicaro cambere.

 

Bienvenue Kanakimana na bagenziwe bananiwe gutsinda Olympic Star baca barindira « derby » y’i Gitega

 

Imbere y’inkino zo kur’uyu wa gatatu, umugwi wa Aigle Noir war’ufise amanota 61 inyuma y’inkino 25, Musongati FC wa kabiri nawo ukagira amanota 47 mu nkino 25 nyene, Vital’O FC wa gatatu nawo ukaba war’ufise 46 mu nkino 26 kuko wari waraye utsinzwe 1-0 na Bumamuru ku wa kabiri. Ivyo vyasigura yuko umugwi wa Aigle Noir utsinze urukino rwawo rwawuhuza na Olympic Star waca utahukana igikombe utarinze kurindira urukino rwa kabiri kuri Stade Ingoma rwahuza Musongati FC na Flambeau du Centre, kuko waca ukwiza amanota 64 ugasumvya Musongati amanota 17 udashobora gushikira mu nkino 5 war’usigaje.

Ariko ibintu ntivyagenze nk’uko vyari vyitezwe n’abakinyi ba Aigle Noir n’abakunzi bawo isinzi bari bishikiye ku kibuga. Urukino rugitangura, Olympic Star ntiwatevye kwerekana ko waje wazikenyeye mu gushirayo igitsindo cambere ku munota wa 17. Abakinyi ba Aigle Noir baciye bamera nk’abakanguwe barivyukiranya barasatira gushika kuri penalty yinjijwe na Cédric Mavugo ku munota wa 33 baba baranganije, igice cambere kiza kurangira iyo migwi ifise 1-1.

Bagarutse mu gice ca kabiri, abakinyi ba Aigle Noir baje bafise inyota yo kurondera amanota atatu abaha uburenganzira bwo guterura igikombe urukino rurangiye, barasatira bikomeye izamu rya Olympic Star baca baronka igitsindo ciza cane cinjijwe n’umupira w’inguvu wa Mabano Shabani ku munota wa 52. Indirimbo z’abakunzi ba « The fighters » zaciye zitangura gusamirana, ingoma ziravuzwa eka akanyamuneza kari kose kagenda gaherekeza n’amahirwe atari make yo gutsinda ya Bienvenue Kanakimana na bagenziwe, kaza gusukwamwo mabisi na penalty zibiri zinjijwe na Magloire (74’, 85’), Olympic Star uca uja imbere n’ibitsindo 3-2 gushika urukino rurangire.

Inyuma y’urwo rukino, haciye haba ibiharuro bikomeye mu manota ya Primus Ligue, bica biboneka ko hamwe Musongati utotsinda Flambeau du Centre mu rukino rwagomba rukurikire uzoba utagihambije Aigle Noir. Iyo « derby » y’i Gitega, yari yitezwe n’isinzi ry’abarorerezi, indogozi za FFB n’abaserukira ishirahamwe rya Brarudi bari bahishikiye banashajije ikibuga, yagiye kurangira imigwi inganije 1-1, Musongati uca ugira amanota 48 atuma utagihambije Aigle Noir mu nkino 4 zisigaye, gutyo Aigle Noir Makamba uba uratahukanye igikombe ca Primus Ligue 2018-2019.

 

« Umugwi ugiye kubandanya ukinana ishaka gushika ihiganwa rirangire »

 

Nk’uko vyashikirijwe n’abakinyi batari bake inyuma yo gushikirizwa igikombe cawo cambere mw'ihiganwa rikuru, intambwe bashitseko bayikuye ku gukurikiza imikenyuro y’umumenyereza, ubwitonzi mu kibuga no hanze y’ikibuga hamwe no gukinana ishaka ryo gutsinda muri buri rukino. Mu gihe ariwo mugwi uzoserukira Uburundi muri CAF Champions League y’umwaka uza, bamenyesheje ko bazobandanya kwitegura kandi bakagumana ishaka ryo gutsinda mu nkino 4 za Primus Ligue basigaje no mu gikombe citiriwe Umukuru w’Igihugu aho bazotana mu mitwe na LLBS4A mu gice ca kane gishira icanyuma mu ntango za Ndamukiza 2019.

Audifax Ndikuriyo

 

 

Ico mwiyumvira kur'iyi nkuru :

 

 

 

Primus Ligue, umusi wa 30

Vital'O FC 1-1 Messager N.
LLBS4A 2-2 Bumamuru
Ngozi City 0-2 Kayanza Utd
Rukinzo FC 0-2 Flamb. Centre
Musongati FC 3-1 Athletico Ol.
Flamb. Est 3-0 Les Lierres
Olympic S. 3-2 Buja City
Messager Bja 0-4 Aigle Noir

Ligue B, umusi wa 12

Delta Star 1-0 Buhumuza
Volontaire 0-1 Muzinga
Les Eléphants 2-2 Inter Stars
Aigle Noir B 1-1 Rumonge City
Les Jeunes At. 0-3 BS Dynamic
Top Junior 2-1 Moso Sugar
Lumière M. 0-0 Busoni Star
Unité FC 0-3 Royal FC M.

 

Primus Ligue, umusi wa 30/30

Kuwa 26/04
Messager Bja 0-4 Aigle Noir
Kuwa 27/04
Vital'O FC 15:00 (PLR) Messager N.
LLBS4A 15:00 (CTN) Bumamuru
Ngozi City 15:00 (Urukundo) Kayanza Utd
Rukinzo FC 15:00 (Ivyizigiro) Flamb. Centre
Musongati FC 15:00 (Gitega) Athletico Ol.
Flamb. Est 15:00 (Ruyigi) Les Lierres
Olympic S. 15:00 (Muyinga) Buja City