FFB U-15 mu bigeme: Etoiles du matin niwo watahukanye ikibanza ca mbere

Vyanditswe itariki 30.01.2018

 

Ihiganwa ryari ritunganijwe n'igisata kijejwe guteza imbere abana b'abigeme mw'ishirahamwe ry'umupira w'amaguru mu Burundi kur’uyu w’Imana 28 Nzero ryarangiye umugwi wo mu Buterere (Étoiles du matin) w'abana batarenza imyaka 15 ufashe ikibanza ca mbere. Imigwi itanu niyo yari yitavye iryo higanwa ry’imbonekarimwe ryari rifashwe mu mugongo n’Ubuserukizi bw’Ubudagi mu Burundi.

Izo nkino zatewe iteka n'uwuserukira Ubudagi mu Burundi, icegera ca kabiri c'uwurongoye FFB hamwe n'abandi barongozi batandukanye bafadikanije n’isinzi ry’abarorerezi. Izo nkino zari zibereye ijisho, abatari bake bakaba baranyuzwe bagasaba ko bikunze amahiganwa nkayo yobandanya mu guha agaciro abana bafise impano yo gukina umupira w'amaguru

 

Uwuserukira Ubudagi mu Burundi yari yahishikiye azanye n'utuganuke

 

Uku niko imigwi yakurikiranye:

 

1. Buterere (Étoiles du matin)
2. La Colombe Fc
3. Umutima Fc
4. Fidélité Fc
5. PVP Buyenzi

 

Danniela Niyibimenya: « Mu gihe imyiteguro yobandaya uku tworonka Intamba U-17 »

 

Daniella Niyibimenya arongoye igisata co guteza imbere umupira w’abigeme akaba n’umumenyereza mukuru w’Intamba z’abigeme yagize ati:"Izi nkino twazitunganije hageze kuko ikintu nabonye nuko dufise abana bafise kazoza gakomeye, bafise impano n'ubuhinga buhanitse, ntikibuza ko n'umugwi nserukiragihugu w'abatarenza imyaka 17 twowutunganya mu gihe abo bana bofatwa mu mugongo kuko mu bitavye ihiganwa uwukuze cane afise imyaka 14."

Izonkino zasozerewe n'itangwa y'udushimwe twari twateguwe n'ubuserukizi bw'Ubudagi mu Burundi. Uwambere (Étoiles du matin) baronse imipira ibiri yo gukina, imipira 10 yo kwambara, amashesheti hamwe n'ama « chasubles ». Kuva kuwa kabiri gushika kuwa gatanu, umwe wese yaronse imipira 10 yo kwambara hamwe n'umupira umwe wo gukina .

Audifax Ndikuriyo

 

 

Ico mwiyumvira kur'iyi nkuru :

 

 

 

Primus Ligue, umusi wa 13

Rukinzo FC 1-2 Buja City
Les Lierres 0-0 Bumamuru FC
Flamb. Centre 1-1 Flamb. Est
Aigle Noir 7-0 Athletico Ol.
Messager Bja 1-2 Messager N.
Vital'O FC 3-0 Ngozi City
LLBS4A 0-0 Olympic S.
Musongati 1-0 Kayanza Utd

Primus Ligue, umusi wa 14

Flamb. Est 0-1 Buja City
Flamb. Centre 1-2 Kayanza Utd
Olympic S. 3-1 Athletico Ol.
Ngozi City 1-1 Messager Bja
Vital'O FC 1-0 Musongati FC
Messager N. 2-1 Bumamuru FC
Aigle Noir 2-0 Les Lierres
LLBS4A 1-0 Rukinzo FC