Primus Ligue: Abakinyi 3 baharanira agashimwe k’uwaranze Kigarama 2018 bamenyekanye

Vyanditswe itariki 19.01.2019

 

Nk’uko musanzwe mubimenyereye, uko ukwezi gutashe abamenyeshamakuru b’inkino barakorana bagatora umukinyi yaranze ukwezi muri Primus Ligue. Igikorwa co gutora uwaranze ukwezi guheze kwa Kigarama 2018 caraye gikozwe, amazina atatu y’abarushije abandi amanota akaba yamenyekanye.

Umugwi w’abamenyeshamakuru 10 bakurikiranye cane ihiganwa rya Primus Ligue mu kwezi guheze waratoye abigenjeje neza kurusha abandi, umumenyeshamakuru umw’umwe akaba yatanga amazina atatu, umukinyi yatanze ubwambere akaronka amanota 5, uwa kabiri akaronka amanota 3, uwa gatatu nawe akaronka inota 1. Abakinyi batatu bambere bagiye guca bashikirizwa abakunzi b’inkino maze nabo batoremwo uwukwiye agashime gasanzwe gatangwa n’ishirahamwe Brarudi ribicishije ku kinyobwa Primus.

 

Abakinyi 3 barushije abandi amanota: Kanakimana Bienvenue (Aigle Noir), Dusabe Olivier (Vital'O FC) na Ndizeye Eric (Musongati FC)

 

Uko abakinyi basumbana mu manota:

 

1. Kanakimana Bienvenue (Aigle Noir FC)

Amanota 27

2. Dusabe Olivier (Vital’O FC)
18

3. Ndizeye Eric (Musongati FC)
13

4. Muryango Moussa (Vital’O FC)
10

5. Irakoze Saidi (Musongati FC)
6

6. Mavugo Cédric (Aigle Noir)
4

7. Tangishaka Tarcisse (Ngozi City)
3

. Rukundo Onésime (Messager Ngozi)
3

. Musore Aaron (Musongati FC)
3

10. Nahimana Guy (Buja City)
1

. Gakiza Aimé (Messager Buja)
1

. Ndayishimiye Youssouf (Aigle Noir)
1

 

Abakunzi ba primus Ligwe nabo bagiye kwitorera uwukwiye agashimwe

 

Nk’uko twari twabibamenyesheje, abakunzi ba Primus Ligue namwe mugiye kwitorera uwukwiye agashimwe muri batatu barushije abandi, abo nabo akaba ari Kanakimana Bienvenue umusatirizi wa Aigle Noir, Dusabe Olivier akina hagati muri Vital’O FC na Ndizeye Eric umukinyi w’inyuma na kizigenza wa Musongati FC.

Mu gutora, mushobora kubicisha kuri “page Facebook” ya burundisport.com, iya FFB canke iya Primus Burundi, canke mukarungika ubutumwa kuri 61 14 14 14:

Mwipfuza gutora Kanakimana Bienvenue murungika 1
Mwipfuza gutora Dusabe Olivier murungika 2
Mwipfuza gutora Ndizeye Eric murungika 3

burundisport.com

 

 

Ico mwiyumvira kur'iyi nkuru :

 

 

 

CAN 2019, Itsinda A

Egypt 1-0 Zimbabwe

 

CAN 2019, Itsinda A

Kuwa 22/06
RDC 16:30 Uganda

CAN 2019, Itsinda B

Kuwa 22/06
Nigeria 19:00 Burundi
Guinée 22:00 Madagascar