FFB: Abakinyi b'imigwi nserukiragihugu y'abatarenza imyaka 20 na 23 batowe n'abamenyereza b'imigwi yo mu cicaro cambere

Vyanditswe itariki 20.02.2018

 

Kur'uno wa 20 Ruhuhuma 2018, uwurongoye umugwi ujejwe ubuhinga mu nama nshingwabikorwa y'ishirahamwe ry'umupira w'amaguru mu Burundi 'FFB' Gishikizo Jean-Pierre yakoranije abamenyereza bo mu cicaro ca mbere kugira batorere hamwe urutonde rw'abakinyi bagiye kwitabira imigwi nserukiragihugu y'abatarenza imyaka 20 na 23. Ico gikorwa co gukorana n’abamenyereza benshi mu gutora abakinyi bagize imigwi itandukanye y’abakiri bato kiri mu migambi y’igisata arongoye, bikaba vyatanguye gushirwa mu ngiro.

 

Kuva i bubamfu: Omar Ntakagero, Jean Pierre Gishikizo, Joslin Bipfubusa

 

Abakinyi b’imigwi ya U20 na U23 batowe n’abagiye kuyimenyereza bamenyekanye

 

Mu rutonde rw'abamenyereza batumiwe kwitabira iyo nama, abashitse n'abaserukiye imigwi ya Aigle noir, Athletico Olympic, Buja city , Delta star, Flambeau de l'Est ,Musongati hamwe na Vital'o Fc. Icakozwe mu gutora abo bakinyi, umwe wese mu bari ngaho yagiye aratanga amazina y'abakinyi abonako bavyifatamwo neza gusumba abandi mw'ihiganwa rya Primus League hisunzwe n'imyaka bafise mu bitabo vyabo vy'inzira (passeport).

Muri rusangi abakinyi barenga 40 nibo batowe, 30 nibo bagiye guhamagarwa mu misi ir’imbere kugira harobanurwe abashoboye guserukira neza igihugu mu mahiganwa atandukanye ya U20 bivanye n’uko uwo mugwi ariwo wimirije inkino zishobora gutandungura mu kwezi kwa Ndamukiza

Gishikizo Jean-Pierre yibukije abari bitavye ico gikorwa n’abatashoboye gushika ko mu ntumbero yo kunagura bimwe mu bintu bizotuma umupira w'amaguru mu Burundi uduga ukagira akanovera ndetse no guha amahirwe abakinyi bataritabira na rimwe umugwi nserukiragihugu, abamenyereza bafise uruhara rukomeye. Yamenyesheje ko ari nayo ntumbero komisiyo arongoye izokorerako mu kwirinda ko abakinyi bashoboye bokwinubwa n'abamenyereza baba batowe kugira bamenyereze imigwi nserukiragihugu mukutamenya canke kwibagira,kuko inkino baraba ari nkeyi ariko mu gihe buri mumenyereza atanze izina bakarihurirako bishobora gufasha gusumba.

Twobamenyesha ko ku makuru twaronse, umugwi nserukiragihugu w'abatarenza imyaka 20 uzomenyerezwa na Bipfubusa Joslin afadikanije na Bahati Vivier nk'icegera hamwe na Amidou Hassan abe uw'abanyegori. Uw'abatarenza imyaka 23 nawo uzomenyerezwa na Ntakagero Omar afashijwe na Bipfubusa Joslin nk'icegera hamwe na Niyonkuru Vladimir abe uw’abanyegori. Mu rundi ruhande twobibutsa ko abahawe kumenyereza umugwi nserukiragihugu w'abatarenza imyaka 17 uriko utegura CECAFA U17 (1-15 Ndamukiza 2018) ari Bahati Vivier, Hassan Djumapili hamwe na Manirakiza Jean-Claude « Massop ».

 

 

Jason Neretse

 

 

Ico mwiyumvira kur'iyi nkuru :

 

 

Primus League, umusi wa 28

Les Lierres 1-0 Athletico Ol.
Flamb. Est 1-2 Les Jeunes
Musongati FC 2-2 Messager Bja
Vital'O FC 8-0 Delta Star
Olympic Star 1-0 Buja City
Inter Star 0-0 LLBS4A
Ngozi City 1-2 Messager N.
Flamb. Centre 4-4 Aigle Noir