Ballon d’Or: Abakinyi 30 bagiye guhiganirwa umupira w'inzahabu 2017 w'ikinyamakuru France-Football bamenyekanye

Vyanditswe itariki 10.10.2017

 

Kur’uyu wambere 09 Gitugutu, ikinyamakuru France-Football caraye gishize ahabona urutonde rw'abakinyi 30 bagiye guhiganirwa agashimwe k’umukinyi yarushije abandi mu mwaka w’2017. Abakinyi babiri nibo baturuka ku mugabane wa Afrika akaba ari Sadio Mane (Sénégal) akinira umugwi wa Liverpool mu Bwongereza hamwe na Pierre-Emerick Aubameyang (Gabon) akinira umugwi wa Borussia Dortmund mu Budagi. Umukinyi yatahukanye ako gashimwe umwaka uheze ariwe Christiano Ronaldo bakunda gutazira CR7 ari kur’urwo rutonde co kimwe na mukeba wiwe mu vy’umupira Lionnel Messi.

Umukinyi atahukana ako gashimwe azotorwa n'abamenyeshamakuru bashika kw’193 bavuye mu mihingo yose y’isi, harimwo na Kibuga Ramadhan yagomye hano iwacu nk’umuhinga mu kumenyesha amakuru y’inkino. Ikintu cahindutse uno mwaka n’uko umumenyeshamakuru wese azotanga amazina atanu muri 30 ari ku rutonde, akayatondeka guhera kuwambere afise amanota 5 gushika kuwa gatanu afise 1, ikiringo c’amatora kikazoba hagati yo kuwa 15 Gitugutu na 15 Munyonyo. Nk’uko vyagenze mu mwaka uheze, nta gice co hagati co kuvuga batatu baronse amajwi menshi kizoba imbere y’umusi wo gutanga agashimwe.

 

Kuva mu 2008, umupira w'insahabu umaze gutahukana abakinyi babiri gusa aribo Critiano Ronaldo (4) na Lionnel Messi (5)

 

Urutonde rw'abakinyi 30 bagiye guhiganirwa umupira w'inzabu 2017 (Ballon d'Or 2017):

 

Paulo Dybala (Juventus)
Neymar (Barcelone puis Paris SG)
Luka Modric (Real Madrid)
Marcelo (Real Madrid)
N'Golo Kanté (Chelsea)
Jan Oblak (Atlético Madrid)
Dries Mertens (Naples)
Luis Suarez (Barcelone)
Sergio Ramos (Real Madrid)
Philippe Coutinho (Liverpool)
Robert Lewandowski (Bayern Munich)
Harry Kane (Tottenham)
Kevin De Bruyne (Manchester City)
Edin Dzeko (AS Roma)
David De Gea (Manchester United)
Antoine Griezmann (Atlético Madrid)
Toni Kroos (Real Madrid)
Gianluigi Buffon (Juventus)
Sadio Mané (Liverpool)
Radamel Falcao (Monaco)
Lionel Messi (Barcelone)
Pierre-Emerick Aubameyang (Borussia Dortmund)
Edinson Cavani (Paris SG)
Mats Hummels (Bayern Munich)
Karim Benzema (Real Madrid)
Cristiano Ronaldo (Real Madrid)
Eden Hazard (Chelsea)
Leonardo Bonucci (Juventus)
Isco (Real Madrid)
Kylian Mbappé (Paris SG)

Tubibutse abamaze gutahukana ako gashimwe kuva mu mwaka w'1990:

1990 Lothar Matthaus,
1991: Jean Pierre Papin,
1992: Marco Van Basten,
1993: Roberto Baggio,
1994: Hristo Stoichkov,
1995: Georges Weah,
1996: Matthias Sammer,
1997: Ronaldo,
1998: Zinedine Zidane,
1999: Rivaldo,
2000: Luis Figo,
2001: Michael Owen,
2002: Ronaldo,
2003: Pavel Nedved,
2004: Andrei Chevtchenko,
2005: Ronaldinho,
2006: Fabio Cannavaro,
2007: Kaka,
2008: Cristiano Ronaldo,
2009: Lionel Messi,
2010: Lionel Messi,
2011: Lionel Messi,
2012: Lionel Messi,
2013: Cristiano Ronaldo,
2014: Cristiano Ronaldo,
2015: Lionel Messi,
2016: Cristiano Ronaldo,
2017:?


 

 

Amidou Hassan

 

 

Ico mwiyumvira kur'iyi nkuru :

 

 

CECAFA Senior Challenge Cup

Kenya 2-0 Rwanda
Libya 0-0 Tanzania
Uganda 0-0 Burundi

Primus League, umusi wa 14

Vital'O 2-0 Musongati
Flamb. Centre 2-2 LLBS4A
Messager N. 2-1 Les Lierres
Olympic S. 1-3 Aigle Noir
Buja City 3-1 Athletico Ol.
Les Jeunes 2-1 Ngozi City
Delta Star 0-2 Messager Bja

 

CECAFA Senior Challenge Cup

Kuwa 05/12
Zanzibar 13:00 Rwanda
Ethiopia 14:00 S. Soudan
Kenya 15:00 Libya