Abamenyesha makuru b’abakenyezi nibo baraye batoye abakinyi ba Primus Ligue barushije abandi muri Ruhuhuma 2019

Vyanditswe itariki 12.03.2019

 

Nk’uko bisanzwe bikorwa uko ukwezi kwakinywemwo Primus Ligue gutashe, umugwi w’abamenyeshamakuru b’inkino urakorana maze ugatora amazina y’abakinyi barushije abandi. Mu ntumbero yo guhimbaza umusi mpuzamakungu wahariwe abakenyezi n’ibirori bikunda kuwuherekeza mu kwezi kwa Ntwarante, umugwi utunganya ico gikorwa co gutanga agashimwe ku bakinyi bavyifatamwo neza buri kwezi, uwo mugwi nawo ukaba ugizwe n’abaserukira FFB, Brarudi hamwe n’ikinyamakuru burundisport.com, wakoranije abamenyeshamakuru b’inkino b’abakenyezi gusa mu gutora umukinyi yarushije abandi muri Ruhuhuma 2019.

 

Iddy Museremu, Kanakimana Bienvenue na Ndaye Chancel nibo barushije abandi bakinyi mu majwi

 

Uko abakinyi bagiye bararushanya mu majwi:

 

1. Iddy Museremu (Messager Ngozi)

Amanota 21

2. Kanakimana Bienvenue (Aigle Noir FC)
16

3. Ndaye Chancel (Rukinzo FC)
9

4. Rukundo Onésime (Messager Ngozi)
8

5. Irakoze Saidi (Musongati FC)
4

. Rugerinyange Joseph (Vital’O FC)
4

. Dusabe Olivier (Vital’O FC)
4

8. Sudi Abdallah (Vital’O FC)
3

9. Ndayizeye Vovo Selemani (Les Lierres)
1

. Ndizeye Eric (Musongati FC)
1

. Ndizeye Samuel (Vital’O FC)
1


Nk’uko musanzwe mubimenyereye, abakinyi batatu bambere nibo namwe muca mwitoreramwo uwukwiye agashimwe, abo nabo akaba ari: Iddy Museremu (Messager Ngozi), Kanakimana Bienvenue (Aigle Noir) na Ndaye Chancel, mukaba muza gushikirizwa uko mutora ku muhora wacu wa Facebook.


 

 

burundisport.com

 

 

Ico mwiyumvira kur'iyi nkuru :

 

 

 

CAN 2019, Itsinda A

Egypt 1-0 Zimbabwe

 

CAN 2019, Itsinda A

Kuwa 22/06
RDC 16:30 Uganda

CAN 2019, Itsinda B

Kuwa 22/06
Nigeria 19:00 Burundi
Guinée 22:00 Madagascar