CAF Champions League: Urutonde rw'abakinyi n'abaherekeje umugwi wa LLBS4A bagiye mu Rwanda guhura na Rayon Sports

Vyanditswe itariki 08.02.2018

 

Kur'uyu wa 8 Ruhuhuma 2018 igihe c'isaha icumi (16 :00) niho abakinyi 18 n'abagiye baherekeje umugwi wa Lydia Ludic Burundi Sports for Africa batangura urugendo bagana igisagara ca Kigali mu Rwanda aho bazotana mu mitwe na Rayon Sports mu rukino rwambere rwo gukuranamwo muri CAF Champions League. Urwo rugendo barufashe n’imodoka bakaba baraye ku mugwa mukuru w’intara ya Kirundo aho bashitse igihe c’isaha imwe n’igice z’ijoro (19:30). Mu gitondo ca kare ku musi w’ejo, bazozinduka babandanya urugendo, bikaba mbere bitegekanijwe ko bakora imyimenyerezo ku kibuga Amahoro kizokwakira urukino kur’uyu wa gatandatu isaha icenda. Turabire hamwe abagize umugwi wafashe urugendo

 

Imbere y'uko bafata urugendo, abakinyi n'abaherekeje umugwi wa LLBS4A batwiganiye ko biteguye bikwiye kandi biteze umwimbu mwiza mu Rwanda

 

Urutonde rw'abagize umugwi wafashe urugendo:

 

Abanyegori:

Mutombora Fabien
Mamera Idrissa

Abakinira inyuma:

Ndoriyobija Eric
Harerimana Rachid Léon
Hakizimana Issa
Habonimana Célestin
Rugonumugabo Stéphane

Abakinyi bo hagati:

Iddy saidi djuma
Mossa Mosi Hadj
Tambwe Floribert
Mulamba Faustin
Kabuzi Omar
Harerimana Moussa Hafidh
Niyonkuru Pascal

Abasatirizi

Tuya Didie
Ndizeye Sefu Thomson
Boue Bi Marc Olivier
Uliwengu Jules
Bazunza Jamal

Abagize umugwi w’ubuhinga, “staff technique”:

Bankuwiha Emmanuel « Mayele » : Umumenyereza mukuru
Ndizeye Alain Bangama : Icegera c'umumenyereza
Manirakiza Jean Claude : Umumenyereza w'abanyegori
Arnaud : Umuganga mukuru
Nigarura Prosper : « Kinésithérapeute ».

Tubibutse ko urukino rutegekanijwe gukinwa kw'igenekerezo ry'10 Ruhuhuma 2018 ku kibuga Amahoro igihe c'isaha icenda (15h), uwo mwanya nyene i Bujumbura kuri Stade Prince Louis Rwagasore, umugwi wa Olympic Star uzoba uriko urakira Etoile Filante wo muri Burkina Faso muri CAF Confederation Cup.

 

 

Amidou HAssan

 

 

Ico mwiyumvira kur'iyi nkuru :

 

 

 

Primus Ligue, umusi wa 6

Flamb. Est 2-1 Olympic Star
Ngozi City 1-1 Les Lierres
Flamb. Centre 0-0 Rukinzo FC
Messager Bja 1-1 Vital'O FC
Musongati FC 2-1 Buja City
Kayanza Utd 0-1 Bumamuru
Athletico Ol. 1-2 Messager N.
Aigle Noir 2-0 LLBS4A

Primus Ligue, umusi w'7

Athletico Ol. 1-1 Flamb. Centre
Messager Bja 2-2 LLBS4A
Musongati FC 1-1 Les Lierres
Messager N. 0-0 Kayanza Utd
Olympic S. 1-2 Ngozi City
Bumamuru 1-0 Flamb. Est
Vital'O FC 0-0 Buja City
Rukinzo FC 1-3 Aigle Noir