Football: Umukinyi Largie Ramazani yamuka mu Burundi yasinye amasezerano yo gukinira Manchester United nk’umwuga (contrat professionnel)

Vyanditswe itariki 21/03/2018 isaha 22:31:44

 

Largie Ramazani, umukinyi w’imyaka 17 afise abavyeyi b’Abarundi ariko akaba afise ubwenegihugu bwo mu Bubirigi aho yavukiye (mu gisagara ca Berchem-Sainte-Agathe kuwa 27/02/2001) akanakurira, yateye umukono ku masezerano yo gukininira icese Manchester United, amasezerano bita « contrat professionnel » mu kinyamazuru. Iyo nkuru yamenyeshejwe na Manchester United babicishije mw’itangazo ku mbuga ngurukanabumenyi.

Twobibutsa ko uwo mukinyi yar’amaze umwaka ashitse muri Manchester United (avuye muri Charlton) aho yashikiye mu mugwi w’abaterenza imyaka 18, akaba yatsinze ibitsindo 3 mu nkino 10 ry’ihiganwa ry’abakiri bato. Largie Ramazani aramaze kandi gutsinda igitsindo 1 mu nkino 9 zo mu mugwi nserukiragihugu w’Ububirigi mu batarenza imyaka 17.

Turamukeje kur’iyo ntambwe yateye twongera tumwipfuriza kuroranirwa.


Largie Ramazani igihe yasinya amasezerano, ari kumwe na Nicky Butt umumenyereza wiwe


 

 

Ico mwiyumvira kur'iyi nkuru :

 

 

 

 

 

 

 

 

 

 

 

 

 

Mondial 2018, 1/2 finale

France 1-0 Belgique
Croatie 2-1 Angleterre

Mondial 2018, ikibanza ca 3

Belgique 2-0 Angleterre

Mondial 2018, Finale

France 4-2 Croatie