Primus League: Vital’O FC wakwije inkino 11 utinjijwe igitsindo muri 18 umaze gukina

Vyanditswe itariki 18/02/2018 isaha 21:19:28

 

Umumenyereza rurangiranwa Sir Alex Ferguson yagize ati « abakinyi beza b’imbere baratuma utsinda inkino, ariko abakinyi beza b’inyuma nibo batuma utwara ibikombe ! ». Naho uwo mumenyereza atigeze yicara ku ntebe ya Vital’O FC, uwo mugwi usa n’uwukurikiza cane ayo majambo yiwe kuko ubandanya kwerekana ubukerebutsi n’ubuhinga budasanzwe mu kuzibira.

Kur’uyu w’Imana 18 Ruhuhuma, Vital’O FC watsinze Flambeau de l’Est 1-0 (Kashindi Joseph 28’) mu rukino rw’umusi wa 19 w’ihiganwa, uca ukwiza inkino 11 zose urangije utinjijwe igitsindo, bimwe bita « clean sheets » mu kinyamazuru.
Mu nkino 18 Vital’O FC umaze gukina (ufise 1 rw’ikirarane uzokina na Olympic Star), umaze kwinjizwa ibitsindo 8 gusa, ukaba mbere winjijwe 1 gusa mu nkino za Primus League uheruka gukina. Tugereranije n’uko vyifashe mu yindi migwi, dusanga umugwi wa kabiri umaze kwinjizwa bike ari Messager Ngozi umaze kwinjizwa 14 mu nkino 19, LLBS4A nawo ukaba umaze kwinjizwa 15 mu nkino 17.

Nk’uko vyabonetse mu rukino rwariko ruhuza Vital’O FC na Flambeau de l’Est, igikorwa kinini umumenyereza « Yaoundé » afise nico gutegura abasatirizi babona igori kuko biboneka cane k ariho umugwi ukiri ku rugero ruto ugereranije n’iyo binganya igihagararo. Mu nkino 18, umaze kwinjiza ibitsindo 16 gusa, kure cane y’ibitsindo 38 vya Aigle Noir, 35 vya Messager Ngozi, 32 vya LLBS4A…na 20 vya Messager Bujumbura wibereye mu kibanza ca 14 ! Ku rutonde rw’uko imigwi isumbana mu kwinjiza ibitsindo, Vital’O FC uza mu kibanza ca 12, ukaba urusha ibitsindo imigwi 4 gusa : Inter Star na Ngozi City ifise 15, Les Jeunes ufise 12 na Delta Star ufise 11.

Nk’uko biboneka mur’ivyo biharuro, ikivi ca Yaoundé kiratomoye !


Abakinyi ba Vital’O FC batanguye urukino rwabahujije na Flambeau de l’ESt: Samuel, Vianney, Hassan, Assumani,Christian, Nuru,Moussa,Joseph, Moussa,Kiza,Jonathan)

 

 

Ico mwiyumvira kur'iyi nkuru :

 

 

 

 

 

 

 

 

 

 

 

 

 

Primus Ligue, umusi wa 15

Athletico Ol. 2-0 Kayanza Utd
Messager Bja 1-1 Flamb. Est
Buja City 7-2 Olympic S.
Musongati FC 5-1 Ngozi City
Rukinzo FC 0-2 Les Lierres
Bumamuru FC 0-1 Aigle Noir

Primus Ligue, umusi wa 16

LLBS4A 0-0 Buja City
Les Lierres 2-2 Kayanza Utd
Flamb. Centre 0-1 Athletico Ol.
Ngozi City 0-1 Bumamuru
Flamb. Est 1-0 Messager Bja
Olympic S. 1-3 Musongati

Primus Ligue, umusi wa 17

Les Lierres 0-0 Musongati
Aigle Noir 3-1 Buja City
Ngozi City 1-0 Flamb. Est
Bumamuru 1-2 Olympic S.
Messager Bja 2-1 LLBS4A
Flamb. Centre 1-0 Vital'O FC
Kayanza Utd 0-1 Messager N.
Rukinzo 2-0 Athletico Ol.

Primus Ligue, umusi wa 15

Vital'O FC 3-1 Flamb. Centre
LLBS4A 1-0 Messager N.