Primus League : Messager Ngozi wakomeje ikibanza cawo wambere n’itsinzi ya 11/11 muhira

Vyanditswe itariki 18/02/2018 isaha 20:24:04

 

Kur’uyu w’Imana 18 Ruhuhuma mu ndwi ya 19 ya Primus League, umugwi wa Messager Ngozi wirahiye Aigle Noir 1-0, umugwi war’umaze gutsindwa rimwe gusa mu nkino 18.
Igitsindo cagiye kuboneka mu minota yanyuma y’urukino (84’) cinjijwe na Iddy Museremu, bica bituma Messager Ngozi ukomeza ikibanza cawo wambere n’amanota 46, urusha LLBS4A wa kabiri (n’inkino 2 z’ikirarane) amanota 5, ugaca urusha Aigle Noir wa gatatu amanota 7.

Urwo rukino rwar’urwa 11 Messager Ngozi ukiniye ku kibuga cawo kuva ihiganwa ritanguye, ukaba waciye ukwiza amanota 33/33 muhira, umwimbu w’igitangaza aho watsinze ibitsindo 26, winjizwa 6 gusa. Tugereranije n’uko wingejeje usohotse, dusanga ivyo biharuro bitandukanye cane kuko mu nkino 8 umaze gukinira hanze, watsinze zine, uca unganya rumwe hanyuma utsindwa 3 (zose kuri Stade Prince Louis Rwagasore). Mur'izo nkino umunani, waronse ibitsindo 9 gusa, uca winjizwa 8.

Imigwi ya Bujumbura City, Inter Stars, Flambeau du Centre na LLBS4A isigaje kugendera ikibuga Urukundo kunyiyurana na Messager Ngozi izoba ifise igikorwa kitoroshe na gato dufatiye kur’ivyo biharuro.


Abakinyi ba Messager Ngozi ku kibuga cabo (Photo Le Messager FC)


 

 

Ico mwiyumvira kur'iyi nkuru :

 

 

 

 

 

 

 

 

 

 

 

 

 

Primus Ligue, umusi wa 6

Flamb. Est 2-1 Olympic Star
Ngozi City 1-1 Les Lierres
Flamb. Centre 0-0 Rukinzo FC
Messager Bja 1-1 Vital'O FC
Musongati FC 2-1 Buja City
Kayanza Utd 0-1 Bumamuru
Athletico Ol. 1-2 Messager N.
Aigle Noir 2-0 LLBS4A

Primus Ligue, umusi w'7

Athletico Ol. 1-1 Flamb. Centre
Messager Bja 2-2 LLBS4A
Musongati FC 1-1 Les Lierres
Messager N. 0-0 Kayanza Utd
Olympic S. 1-2 Ngozi City
Bumamuru 1-0 Flamb. Est
Vital'O FC 0-0 Buja City
Rukinzo FC 1-3 Aigle Noir