Copa Del Rey: FC Barcelona na FC Seville niyo izohura mu rukino rwanyuma

Vyanditswe itariki 08/02/2018 isaha 1:09:43

 

Inyuma y’aho umugwi wa Séville utsindiye Leganes 2-0 kur’uyu wa gatatu 7 Ruhuhuma mu rukino rwo gusubiriza (1-1 mu rwatanguye) ugaca uronka itike ryo gukina “finale”, imigwi ya FC Barcelona na Valence niyo yar’ifise isango ryo kurwanira ikibanza gisigaye kur’uyu wa kane. Mu rukino rutangura rwakiniwe i Barcelona kuwa 1 Ruhuhuma, Barca wari watahukanye itsinzi ya 1-0, itsinzi itari yoroshe na gato kandi itari ikwiye ku buryo yobakura amakenga y’urukino rwo gusubiriza.

Mw’ijoro ryo kur’uyu wa 8 Ruhuhuma rero niho umugwi wa FC Barcelona, urimwo abakinyi nka bose mu bahora bagwaye, waja ku kibuga ca Valence mu rukino rwo gusubiriza. Igice cambere carangiye ata gitsindo kiraboneka ibintu biza kudadanurwa na Philip Coutinho umukinyi mushasha wa Barca yahora muri Liverpool yinjije icambere ku munota wa 49 aheraheje umupira mwiza wari utazwe na Suaréz bahoze bakinana mu Bwongereza. Suaréz nyene niwe yagiye gutanga umupira w’igitsindo gica ivutu Valence cinjijwe na Rakitic ku munota wa 82, urukino ruca rurangira uko nyene Barca ufise bibiri ku busa n’ukuvuga itsinzi ya 3-0 mu nkino zibiri.

Umugwi wa FC Barcelona uzoca uhura na FC Séville mu rukino rwanyuma kuwa 21 Ndamukiza 2018, iyo migwi ikaba yari yahuye muri “finale” yo mu 2016, Barcelona utahukana itsinzi ya 2-0 barinze kuja mu mwanya w’agasunuzo (prolongation). Twobibutsa kandi ko FC Barca ugiye muri “finale” ya 5 ya Copa del Rey wikurikiranya, ibintu bitari bwigere bishika muri kahise k’iryo higanwa. Vyongeye, Barca umaze gutahukana ico gikombe incuro zitatu zose ziheruka, hamwe wogitwara uzoca ukwiza ibikombe 30 harimwo bine vyikurikiranya nka Athletico Bilbao wabikoze kuva mu 1930 gushika 1933.



Philip Coutinho yatsinze igitsindo ciwe cambere na FC Barcelona (Photo Eurosport)

 

 

Ico mwiyumvira kur'iyi nkuru :

 

 

 

 

 

 

 

 

 

 

 

 

Primus League, umusi wa 19

Ngozi City 1-0 Athletico Ol.
Flamb. Centre 3-0 Delta Star
Buja City 3-1 Les Jeunes
Inter Star 1-0 Les Lierres
Messager N. 1-0 Aigle Noir
Vital'O FC 1-0 Flamb. Est