Football: Patrice Evra yasubiye gukinira mu Bwongereza

Vyanditswe itariki 08/02/2018 isaha 15:57:54

 

Inyuma yaho amasezerano yiwe na Olympic Marseille ahagarariye bivanye n’uko yari yakubise umugere umurorerezi wa OM mu rukino rwa Europa League, Patrice Evra, umufaransa w’imyaka 36 yamuka muri Sénégal yaraye yiyunze na West Ham, umugwi wo mu cicaro camebere mu Bwongereza.

West Ham ugiye kuba umugwi w’umunani akiniye kuva atanguye ivyo gukina umupira nk’umwuga mu 1998 muri SC Marsala (1998-1999), Monza Calcio (1999-2000), OGC Nice (2000-2002), AS Monaco (2002-2006), Manchester United (2006-2014), Juventus (2014-2017) na Olympique de Marseille (2017) yamazemwo igice c’ihiganwa.

«Tonton Pat» agiye kumenyerezwa na David Moyes, umumenyereza bari bakoranye umwaka umwe muri Manchester United (2013-2014), akazokwambara igiharuro 27 nk’uko mubibona kur’iyi sanamu yashizwe ahabona igihe yatera umukono ku masezerano yo kwiyunga na West Ham gushika ihiganwa ry’uyu mwaka rirangiye.




 

 

Ico mwiyumvira kur'iyi nkuru :

 

 

 

 

 

 

 

 

 

 

 

 

 

Primus Ligue, umusi wa 13

Rukinzo FC 1-2 Buja City
Les Lierres 0-0 Bumamuru FC
Flamb. Centre 1-1 Flamb. Est
Aigle Noir 7-0 Athletico Ol.
Messager Bja 1-2 Messager N.
Vital'O FC 3-0 Ngozi City
LLBS4A 0-0 Olympic S.
Musongati 1-0 Kayanza Utd

Primus Ligue, umusi wa 14

Flamb. Est 0-1 Buja City
Flamb. Centre 1-2 Kayanza Utd
Olympic S. 3-1 Athletico Ol.
Ngozi City 1-1 Messager Bja
Vital'O FC 1-0 Musongati FC
Messager N. 2-1 Bumamuru FC
Aigle Noir 2-0 Les Lierres
LLBS4A 1-0 Rukinzo FC