Maroc: Umugwi waserukiye Maroc niwo waraye utahukanye ihiganwa ridasanzwe rihuza abanyororo

Vyanditswe itariki 03/02/2018 isaha 16:31:48

 

Iryo higanwa ryari ryatunganijwe n’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru muri Maroc kuva kuwa 18 Nzero ryari ryitabwe n’abanyororo baserukira ibihugu 12 vyo muri Africa basanzwe bari mu mabohero y’ibisagara bine vya Maroc biriko birakira CHAN 2018 arivyo Marrakech, Agadir, Tanger na Casablanca.

Abanyororo bitavye iryo higanwa basanzwe bafungiwe muri Maroc bakaba bava mu bihugu vya Maroc, Nigeria, Tunisie, Côte d’Ivoire, Guinée, Sénégal, Cameroun, Guinée Bisau, Ghana, Sierra Léone, Mali na Algérie. Umugwi wa Cameroun niwo watahukanye ikibanza ca gatatu utsinze Mali 4-2, Maroc nawo utahukana igikombe gikuru utsinze Guinée 8-7 mu rukino rwanyuma. Ibirori vyo kwugurura no kwugara iryo higanwa vyari vyitabwe n’umugwi wa CAF ugizwe n’abakinyi 3 bahoze ari rurangiranwa n’abahinga 2 barimwo umurundi Dominique Niyonzima.


Maroc – Guinée (8-7) mu rukino rwanyuma kur’uyu wa 1 Ruhuhuma (Photo afp, Fadel Senna)

 

 

Ico mwiyumvira kur'iyi nkuru :

 

 

 

 

 

 

 

 

 

 

 

 

 

Primus Ligue, umusi wa 6

Flamb. Est 2-1 Olympic Star
Ngozi City 1-1 Les Lierres
Flamb. Centre 0-0 Rukinzo FC
Messager Bja 1-1 Vital'O FC
Musongati FC 2-1 Buja City
Kayanza Utd 0-1 Bumamuru
Athletico Ol. 1-2 Messager N.
Aigle Noir 2-0 LLBS4A

Primus Ligue, umusi w'7

Athletico Ol. 1-1 Flamb. Centre
Messager Bja 2-2 LLBS4A
Musongati FC 1-1 Les Lierres
Messager N. 0-0 Kayanza Utd
Olympic S. 1-2 Ngozi City
Bumamuru 1-0 Flamb. Est
Vital'O FC 0-0 Buja City
Rukinzo FC 1-3 Aigle Noir