CHAN 2018: Imigwi ine izokina igice ca kabiri gishira icanyuma yamenyekanye

Vyanditswe itariki 28/01/2018 isaha 1:12:37

 

Ihiganwa rihuza imigwi nserukirabihugu igizwe n’abakinyi bakinira mu mahiganwa iwabo rirabandanya mu gihugu ca Maroc. Kur’uyu wa gatandatu n’uw’Imana 27 na 28 Nzero niho hakinwa inkino z’igice ca kane gishira icanyuma. Imigwi yari yaronse amatike y’ico gice ni Maroc na Soudani mw’itsinda A (hataha Guinée na Mauritanie), Zambie na Namibie mw’itsinda B (hataha Ouganda na Côte d’Ivoire), Nigeria na Libya mw’itsinda C (hataha Urwanda na Guinée Equatoriale) hamwe na Congo, Angola mw’itsinda D (haca hataha Burkina Faso na Cameroun).
Uku niko inkino z’igice ca kane gishira icanyuma zagenze:

Kuwa gatadatu 27/01/2018:

Maroc 2-0 Namibie
Zambie 0-1 Soudan

Kuw’Imana 28/01/2018 :

Nigeria 2-1 Angola barinze gukina umwanya w’agasunuzo (1-1 inyuma y’iminota 90)
Congo 1-1 Libya maze kuri penalties Libya uca utsinda 5-3

Inkino z’igice ca kabiri gishira icanyuma zitegekanijwe kur’uyu wa gatatu 31/01/2018, umugwi wa Nigeria uzotana mu mitwe n’uwa Sudani, uwa Maroc nawo utane mu mitwe n’uwa Libya.


Inkino zibiri zabaye kur’uyu w’Imana zose zarangije iminota 90 imigwi inganya 1-1 (Photo Congo – Libye, Courtesy of CAF)

 

 

Ico mwiyumvira kur'iyi nkuru :

 

 

 

 

 

 

 

 

 

 

 

 

 

Primus Ligue, umusi wa 6

Flamb. Est 2-1 Olympic Star
Ngozi City 1-1 Les Lierres
Flamb. Centre 0-0 Rukinzo FC
Messager Bja 1-1 Vital'O FC
Musongati FC 2-1 Buja City
Kayanza Utd 0-1 Bumamuru
Athletico Ol. 1-2 Messager N.
Aigle Noir 2-0 LLBS4A

Primus Ligue, umusi w'7

Athletico Ol. 1-1 Flamb. Centre
Messager Bja 2-2 LLBS4A
Musongati FC 1-1 Les Lierres
Messager N. 0-0 Kayanza Utd
Olympic S. 1-2 Ngozi City
Bumamuru 1-0 Flamb. Est
Vital'O FC 0-0 Buja City
Rukinzo FC 1-3 Aigle Noir