Football: Fiston Abdoul yashize umukono kumasezerano y'umwaka umwe n’umugwi wa Clube de Sportivo 1° Agosto muri Angola

Vyanditswe itariki 09/12/2017 isaha 12:18:39

 

Kw'igenekerezo rya 6 Kigarama 2017, niho umukinyi mpuzamakungu w'umurundi Fiston Abdoul batazira Abdoul-Razzak yashira umukono ku masezerano yiwe mashasha mu mugwi wa Club de sportivo 1°Agosto. Mu kiganiro gito yahaye imboneshakure y'umugwi agiye gukinira yamenyesheje yuko aryohewe cane kubona agiye gukinira muri Angola mu mugwi w'amateka nkuwo, nk' umusatirizi azokora uko ashoboye kugira atsinde cane, atange umunezero kubakunzi ndetse n'indongozi z'uwo mugwi. Mwomenya ko Fiston Abdoul agiye kubandaniriza igikorwa Kizigenza wiwe muntamba Ndikumana Yamin Selemani yakoze igihe yaciye muri uwomugwi mu 2015.

Tubibutse ko imyaka ibiri irangiye yari afitaniye amasezerano na Mamelody Sundowns yo muri Afrika y'epfo yakiniye umwaka umwe ,uwukurikira baca bamutiza muri Celtic Bloemfontein . Turamwipfurije amahirwe no kuroranirwa munkino za Cecafa Senior Challenge Cup arimwo,akaba yashitse mu gitondo co kuri uwu w'9/12/2017 i Kakamega aho abandi bacumbitse,yanakoze imyimenyerezo mukwitegurira urukino rutegekanijwe kuwa mbere 11 Kigarama 2017 n’umugwi wa Sudani y’Epfo.


Fiston inyuma yo gusinya amasezerano



Yamin Selemani muri Sportivo Agosto mu 2015


 

 

Ico mwiyumvira kur'iyi nkuru :

 

 

 

 

 

 

 

 

 

 

 

 

 

Primus Ligue, umusi wa 10

Messager Bja 0-1 Rukinzo FC
Flamb. Est 0-0 Kayanza Utd
Messager N. 0-0 Olympic S.
Flamb. Centre 1-2 Ngozi City
Buja City 1-0 Bumamuru FC
Les Lierres 1-0 Athletico Ol.
Vital'O FC 1-0 LLBS4A
Musongati FC 1-4 Aigle Noir

Primus Ligue, umusi wa 11

Athletico Ol. 0-1 Flamb. Est
Buja City 0-3 Flamb. Centre
Rukinzo 3-0 Messager N.
Olympic S. 1-1 Les Lierres
Ngozi City 1-2 Aigle Noir
Vital'O FC 1-0 Bumamuru FC
LLBS4A 0-3 Musongati
Kayanza Utd 2-1 Messager Bja

 

Primus Ligue, umusi wa 11

Kuwa 14/10
Kayanza Utd 15:00 (Urukundo) Messager Bja