Premier League: Man City waraye uronse intsinzi ku munota wa 96 ituma uguma usumvya amanota 8 Man United

Vyanditswe itariki 30/11/2017 isaha 20:38:55

 

Kur’uyu wa kabiri no kuwa gatatu 28,29 Munyonyo, harabaye inkino z’umusi wa 14 mw’ihiganwa ryo mu Bwongereza Premier League. Umugwi wa Manchester United wakinye kuwa kabiri uronka intsinzi ya 2-4 ku kibuga ca Watford, uca urara mu kibanza ca kabiri nyene war’usanzwemwo urushwa na Man City amanota 5. Uwo musi nyene, Tottenham ntiwakije na gato i Leicester kuko watsinzwe 2-1 mu rukino Leicester City werekanye umupira n’ishaka nk’ivyo wakinana igihe utwara igikombe c’ihiganwa ry’2015-2016.

Bukeye kuwa gatatu, umugwi wa Man City winjiye mu kibuga cawo ufise intumbero yo gusubirana amanota 8 urusha uwa kabiri, mu rukino rwawuhuza na Southapton. Ibintu ntivyoroshe na gato kuko iyo migwi yanganya 1-1 gushika ku munota wa 96 aho Raheem Sterling yinjiza igitsindo caje gica intege abakunzi isinzi ba Man United bari biteguye kwakira Man City kuwa 10 Kigarama batandukanywa n’amanota makeya.

Mu bakinyi bavyigenjejemwo neza bidasanzwe kur’uyu musi w’ihiganwa twovuga nka Ashley Young ( Man United) yafashije cane umugwi wiwe mu kuronka itsinzi ashizemwo 2 kuri 4 baronse, Mohamed Salah yinjirije Liverppol 2 muri 3 waronse, akaba ari nawe afise vyinshi mw’ihiganwa (12), hamwe na Wayne Rooney yakubisemwo 3 muri 4 umugwi wiwe watsinze.

Inkino zose z’umusi wa 14 zagenze uku:

Brighton 0-0 Crystal Palace
Watford 2-4 Man United
Leicester 2-1 Tottenham
WBA 2-2 Newcastle
Bournemouth 1-2 Burnley
Arsenal 5-0 Huddersfield
Chelsea 1-0 Swansea
Man City 2-1 Southampton
Everton 4-0 Westham
Stoke City 0-3 Liverpool

Umugwi wa Man City uracari kw’isonga n’amanota 40, ugakurikirwa na Man United (32), Chelsea (29), Arsenal (28), Liverpool (26). Burnley ufise amanota 25 waciye ufata ikibanza ca 6 cahoramwo Tottenham (24) wakorotse mu c’indwi. Ku murizo w’ihiganwa dusangayo West Ham wa 18 n’amanota 10, ukurikirwa na Swansea wa 19 unganya amanota 9 na Crystal Palace wanyuma.


Umunezero udasanzwe wa Pep Guardiola inyuma y’igitsindo ca Raheem Sterling ku munota wa 96 (@HLNinEngeland|Twitter)


 

 

Ico mwiyumvira kur'iyi nkuru :

 

 

 

 

 

 

 

 

 

 

 

 

 

Mondial 2018, 1/2 finale

France 1-0 Belgique
Croatie 2-1 Angleterre

Mondial 2018, ikibanza ca 3

Belgique 2-0 Angleterre

Mondial 2018, Finale

France 4-2 Croatie