FIFA: Abaharanira ubushimwe bwa The Best Awards 2017 bamaze kumenyekana

Vyanditswe itariki 23/09/2017 isaha 14:08:55

 

Kuva mu mwaka uheze, ishirahamwe ry’umupira w’amaguru kw’isi FIFA ryaratunguje itunganywa rishasha ry’ubushimwe ritanga, rikaba mbere ryaritandukanije n’ikinyamakuru France Football gitanga Ballon d’OR. Umukinyi Christiano Ronaldo wa Real Madrid na Portugal niwe yatahukanye agashimwe kambere ka FIFA The Best 2016 k’umukinyi yigenjeje neza kurusha abandi.
Uno mwaka, ubushimwe buzotangwa kuwa 23 Gitugutu, abatowe ngo babuharanira nabo bakaba baraye bamenyekanye:

Umukinyi yarushije abandi:

Cristiano Ronaldo (POR - Real Madrid)
Lionel Messi (ARG - FC Barcelone)
Neymar (BRA - FC Barcelone/Paris Saint-Germain)

Umukinyi w’umwigeme

Deyna Castellanos (Venezuela - Santa Clarita Blue Heat)
Carli Lloyd (USA - Houston Dash / Manchester City)
Lieke Martens (NED - FC Barcelone)

Umumenyereza mu mupira w’abagabo

Massimiliano Allegri (ITA - Juventus)
Antonio Conte (ITA - Chelsea)
Zinedine Zidane (FRA - Real Madrid)

Umumenyereza mu mupira w’abigeme

Nils Nielsen (DEN – umugwi nserukiragihugu wa Danemark)
Gérard Prêcheur (FRA - Olympique Lyonnais)
Sarina Wiegman (NED - umugwi nserukiragihugu wa Pays-Bas)

Umunyegori

Gianluigi Buffon (ITA - Juventus)
Keylor Navas (CRC - Real Madrid)
Manuel Neuer (GER - FC Bayern Munich)

Agashimwe “Puskás” k’igitsindo c’umwaka

Kevin-Prince Boateng (Las Palmas)
Alejandro Camargo (Universidad de Concepcion)
Deyna Castellanos (Venezuela U-17)
Moussa Dembele (Celtic)
Olivier Giroud (Arsenal)
Aviles Hurtado (Tijuana Xolos)
Mario Mandzukic (Juventus)
Oscarine Masuluke (Baroka FC)
Nemanja Matic (Chelsea)
Jordi Mboula (FC Barcelone U-19)

Agashimwe ku barorerezi

Aba Borussia Dortmund
Aba CelticGlasgow
Aba FC Copenhague


Ninde azotahukana agashimwe hagati ya Messi, Ronaldo na Neymar? Inyishu kuwa 23 Gitugutu


 

 

Ico mwiyumvira kur'iyi nkuru :

 

 

 

 

 

 

 

 

 

 

 

 

CECAFA Senior Challenge Cup

Kenya 2-0 Rwanda
Libya 0-0 Tanzania
Uganda 0-0 Burundi

Primus League, umusi wa 14

Vital'O 2-0 Musongati
Flamb. Centre 2-2 LLBS4A
Messager N. 2-1 Les Lierres
Olympic S. 1-3 Aigle Noir
Buja City 3-1 Athletico Ol.
Les Jeunes 2-1 Ngozi City
Delta Star 0-2 Messager Bja

 

CECAFA Senior Challenge Cup

Kuwa 05/12
Zanzibar 13:00 Rwanda
Ethiopia 14:00 S. Soudan
Kenya 15:00 Libya