Football: Mackalister niwe yatahukanye agashimwe k’umurorerezi yarushije abandi muri Azam Premier League

Vyanditswe itariki 22/09/2017 isaha 22:54:39

 

Mugihe abakinyi batari bake bashize umukono ku masezerano yo gukinira imigwi yo mu bihugu bibanyi nk’Urwanda, Tanzania canke Kenya , umurorerezi akomeye w'umurundi Mackalister yigeze kuba ashigikira wenyene umugwi wa Messager Bujumbura uri mw'ishure ry'umupira Le Messager niwe yatowe nk'umufana yigenjeje neza mu Rwanda inyuma y'ikiringo gito cane agiye gutemberayo. Ivyo akaba abikesha umugwi wa As Kigali ashigikira usanzwe ukinwamwo abakinyi b'abarundi nka Ngando Omar, Ndarusanze Jean-Claude, Ngama Emmanuel...

Mu majambo avunaguye yashikirije ikinyamakuru burundisport.com, Mackalister yatumenyesheje ko ukwitwara neza kwiwe mu gushigikira ku kibuga iyo umugwi ufise urukino vyatumye yegeranya abashika kw'ijana bamukurukira, ivyo bikaba vyaciye bimuha agaciro gakomeye ku ndongozi z'uwo mugwi, kuko buri kwezi aronka umushahara wiwe mbere akaronka n’agashirukabute iyo bafise urukino baba batsinze, batsinzwe canke banganije, ivyo vyose bigatuma yirihira inzu akaronka n’uko afungura. Mu masezerano afitaniye na As Kigali nuko aho hose umugwi ugenda gukina aharurwa nk'umukinyi agira 19 mu rutonde rwa 18 bitabira urukino haba i Kigali canke mu zindi ntara.

Turamukeje ku ntambwe yateye tukaba twizeye ko ashobora kubera akarorero abatari bake mu barorerezi ba hano iwacu.



Amwe mu masanamu y’ibirori vyo kumuha agashimwe


 

 

Ico mwiyumvira kur'iyi nkuru :

 

 

 

 

 

 

 

 

 

 

 

 

Primus League, umusi wa 19

Ngozi City 1-0 Athletico Ol.
Flamb. Centre 3-0 Delta Star
Buja City 3-1 Les Jeunes
Inter Star 1-0 Les Lierres
Messager N. 1-0 Aigle Noir
Vital'O FC 1-0 Flamb. Est