Kur’uyu w’Imana 14 Nzero mu nyubakwa za FFB niho abagize umugwi w'Urunani ubicishije mwikoraniro rya bose baramutse batora indongozi nshasha, uwitwa Népomuscène Sindayihebura akaba ariwe agiye kuramutswa uwo mugwi asubiriye Pierre Claver Baregeranye batazira zeze yarawutwaye hafi imyaka 10. Tugaruke kuri bikuru bikuru muvyo yashikirije ko agiye kurangura
Inyuma yo kwerekana abo bagiye gufashanya mu kurongora umugwi, N. Sindayigaya yaciye ashikiza ivyo agiye kurangura mur’ayo mabanga mashasha. Yagize ati :
"Tugiye kugarukana akanovera mu bana bakiri bato kuko nibo bahava bakaza gusubirira abariko barakura.Urunani n'umugwi usanzwe urangwa n'indero rero tugiye kuyigarukira cane kuva ku bakinyi gushika ku barongoye ivy’ubuhinga kugira ngo ka karangamutima kamye karanga Urunani gasubire itoto. Ikibuga tumaze imisi twimenyererezako ntituronka umwanya ukwiye bigatuma rimwe na rimwe bigora abakinyi, tugiye rero kurondera ikibuga dushobora kuronka umwanya ukwiye wo kwimenyereza.
Nkuko mubizi, Urunani n'umugwi ufise abanywanyi n'abakunzi benshi hano i Bujumbura rero kandi nkuko bivurwa muri basket umukunzi w'umugwi n'umukinyi wa gatandatu rero tugiye gukorana cane nabo narirya bafise ishirahamwe kugira tugwize uburyo kandi tugume dushigikira cane umugwi wacu mbere tubahimirize kuza no kuzindi nkino kugira urukino rwa basket hano i Bujumbura rugarukane akanovera.
Ikindi gikomeye cane tugiye gukurikiranira hafi amashure y'abakinyi dusanzwe dukinisha kuko urukino rwa basket naho rubafasha, turazi ko ishure riza ubwambere kugira mu gihe bazoba batagikina basketball babandanye ubuzima bitunge."
Yarangije amenyesha ko agiye gufashanya cane n'abarongoye basket i Bujumbura no ku rwego rw'igihugu kugira dutorere hamwe inyishu z’ingorane zimwe zimwe zagiye ziribonekeza mu ntumbero yo guteza imbere urukino rwa basketball.
Tumwipfurije kuroranirwa
Audifax Ndikuriyo
Ico mwiyumvira kur'iyi nkuru :
Bumamuru FC ![]() |
0-1 | ![]() |
Buja City ![]() |
0-1 | ![]() |
Musongati FC ![]() |
0-0 | ![]() |
Messager N. ![]() |
1-1 | ![]() |
Les Lierres ![]() |
2-1 | ![]() |
LLBS4A ![]() |
0-1 | ![]() |
Aigle Noir ![]() |
5-2 | ![]() |
Athletico Ac. ![]() |
Kuwa 20/11 | ![]() |
Inter Star ![]() |
1-2 | ![]() |
Ngozi City ![]() |
1-2 | ![]() |
Olympic S. ![]() |
2-2 | ![]() |
Musongati FC ![]() |
2-1 | ![]() |
LLBS4A ![]() |
1-0 | ![]() |
BS Dynamic ![]() |
1-1 | ![]() |
Kayanza Utd ![]() |
1-1 | ![]() |
Flamb. Centre ![]() |
2-1 | ![]() |