Basketball: Ishirahamwe ACBAB ryaratunganije amatora y’inzego nshasha kur’uyu wambere 27 Ntwarante

Vyanditswe itariki 29.03.2017

 

Ishirahamwe ry’umupira w’amaboko Basketball mu gisagara ca Bujumbura ACBAB ryaratunganije amatora y’inzego nshasha kur’uyu wa mbere 27 Ntwarante, ico gikorwa kikaba cabereye ahitwa CEPRODILIC Asbl citabwe n’abarongozi batari bake ba Basketball. Tugaruke ku vyaranze ayo matora yaraye agenye Nibigira A. Christian gutwara ishirahamwe ACBAB afadikanije n'umugwi w'abantu 11.

 

Abarongozi b'imigwi n'abandi batari bake bari bitavye ico gikorwa

 

Uko amatora yagenze

 

Abahoze barongoye iryo shirahamwe bamaze guca irya n’ino ico amategeko y’ishirahamwe avuga ku migwi irekuriwe gutora n’abarekuriwe kwitoza, abari ngaho baciye bamara akanya gashika nk’isaha biga uko botorera ikibazo amatati yari yadutse yo kwemeza canke guhakana ko umugwi Rumuri, buca utangura gukina mu bigeme, wokwifadikanya n’iyindi mur’ayo matora. Ingingo yafashwe yabaye yuko uwaje aserukiye uwo mugwi yokwifadikanya n’abandi mur’ico gikorwa maze amatora abona gutangura ukuri kwamye isaha imwe na 15 mw’ijoro (19h15).

Abahiganirwa ikibanza c’umurongozi w’ishirahamwe ni Maniriho Alain (Mugamba) na Nibigira A. Christian. Abari barekuriwe gutora nabo bashika kuri 22 kandi bose bari bahishikiye, kiretse uwutorera Rumuri yari yarungitse umuserukizi, bakaba batoye Nibigira A. Christian ku majwi 14 kuri 22, Manariho Alain nawe atahukana amajwi 8.

 

Abagize umugwi ugiye kurongora ACBAB

 

Nk’uko amategeko ya ACBAB abisaba, uwutowe kurongora ishirahamwe ategerezwa gushira ahabona umugwi (comité) w’abagiye kumufasha ayo mabanga mu kiringo kitarenze imisi icenda inyuma y’amatora. Ariko rero, Nibigira A. Christian ntiyarinze kurindira iyo misi yose, yari yaje yitwaje abagize uwo mugwi wiwe, bakaba ari 11, abagabo 8 n’abakenyezi 3 :

1.Icegera c’umukuru w’ishirahamwe : Girukwishaka Dieudonné
2.Umunyamabanga mukuru : Emilia Kaneza
3.Icegera c’umunyamabanga mukuru : Mirango Arsène
4.Umunyabigega : Kwizerimana Anicet
5.Icegera c’umunyabigega : Nkurunziza Rosélyne
6.Umukuru w’igisata c’ubuhinga : Dr Bujeje Franck
7.Umukuru w’igisata c'indero n'amatati : Maître Niyonkuru Fabrice
8.Umukuru w’igisata c’ubuvuzi : Dr Goragoza Rémy
9.Umukuru w’igisata co kumenyesha amakuru : Lyne Curie Muco
10.Umukuru w’igisata c’umutekano : OPP1 Etienne Ndayisaba
11.Umuyobozi w’ubuhinga (Directeur Technique): Nkurunziza Alain Patrick

Uwo mugwi ugizwe n’abantu 12 bose hamwe waciye wemezwa ku majwi 20/22, umuntu umwe yarawanse, uwundi nawo ntaco yawuvuzeko.

Mw’ijambo yaciye afata, Nibigira A. Christian yarashimiye abamwizeye bose yongera yiyemeza gukorana n’umugwi uhejeje kwemezwa yivuye inyuma mu gushira mu ngiro imigambi mikuru mikuru ya ACBAB, guteza imbere urukino rwa Basketball no guhimiriza abakunzi b’inkino kurukurikirana ku bwinshi.

Audifax Ndikuriyo

 

 

Ico mwiyumvira kur'iyi nkuru :

 

 

 

Primus Ligue, umusi wa 15

Athletico Ol. 2-0 Kayanza Utd
Messager Bja 1-1 Flamb. Est
Buja City 7-2 Olympic S.
Musongati FC 5-1 Ngozi City
Rukinzo FC 0-2 Les Lierres
Bumamuru FC 0-1 Aigle Noir

Primus Ligue, umusi wa 16

LLBS4A 0-0 Buja City
Les Lierres 2-2 Kayanza Utd
Flamb. Centre 0-1 Athletico Ol.
Ngozi City 0-1 Bumamuru
Flamb. Est 1-0 Messager Bja
Olympic S. 1-3 Musongati

Primus Ligue, umusi wa 17

Les Lierres 0-0 Musongati
Aigle Noir 3-1 Buja City
Ngozi City 1-0 Flamb. Est
Bumamuru 1-2 Olympic S.
Messager Bja 2-1 LLBS4A
Flamb. Centre 1-0 Vital'O FC
Kayanza Utd 0-1 Messager N.
Rukinzo 2-0 Athletico Ol.

Primus Ligue, umusi wa 15

Vital'O FC 3-1 Flamb. Centre
LLBS4A 1-0 Messager N.