Basketball: Ishirahamwe ACBAB ryaraye risozereye umwaka w’inkino w’2017-2018

Vyanditswe itariki 21.01.2019

 

Kur’uyu w’Imana itariki 20 Nzero 2019, niho ishirahamwe rya Basketball i Bujumbura ryatunganya ibikorwa bidansanzwe vyo gusozera umwaka w’inkino w’2017-2018. Mur’ivyo bikorwa bisozera umwaka waranzwe n’amahiganwa menshi ateye igomwe, hari hateguwe inkino zibiri zidasanzwe n’ugutanga ubushimwe ku bigenjeje neza kurusha abandi mu mice itandukanye, nk’uko tubigarukako mur’iyi nkuru.

 

Abakinyi ba Dynamo n'Urunani baje bazikenyeye batangura urukino banganya ishaka n'ubuhinga

 

« Finales » zibiri z’igitangaza ku kibuga c’Ubushikiranganji bw’inkino

 

Inkino zibiri nizo zari zitegekanijwe kur’uyo musi, urwa mbere rwar’urukino rwanyuma rwo mw’ihiganwa ry’abagabo barenza imyaka 30 bakina mu migwi y’abawigeze (clubs corporatifs), urwo narwo rukaba rwahuje imigwi ya Shining na Amigo. Urukino rwatanguye iyo migwi yompi yerekana ishaka n’ubuhinga budansanzwe, eka mbere bikaba vyaboneka ko yaje yazikenyeye yipfuza gutahukana igikombe, ija kuruhuka inyuma y’uduce tubiri twambere Shining uri imbere n’amanota 28-22.

Mu gice ca kabiri c’urukino, umugwi wa Shining waje uzanye ingoga zidasanzwe, abakinyi bawo baraguruka mu kwinjiza amanota gushika naho agace ka gatatu karangira bafise 39-25. Mu gace ka kane ari nako kanyuma, abakinyi ba Amigo baragerageje kwivyukiranya, barasatira bikomeye Shining, mbere binjiza amanota menshi kubarusha mur’ako gace (13 ya Shining kuri 15 ya Amigo), ariko ntibashobora gukurayo igihengeri cose, urukino ruca rurangira ku ntsinzi ya Shining 52-40 Amigo.



Abawigeze barenza imyaka 30 barerekanye ubuhinga budasanzwe (Shining mu myambaro y’ubururu na Amigo mu yitukura)


Urukino rwa kabiri, rwari rwitezwe n’abantu isinzi, rwaje gutangura ikibuga cuzuye ku mpande zose, bamwe bicaye abandi bahagaze, ata saganirizo na rimwe rihari. Urwo narwo rwahuje umugwi wa Dynamo watahukanye ihiganwa risanzwe n’umugwi w’Urunani watahukanye irya Playsoffs. Urwo rukino rwiswe Super Cup rugitangura, vyaboneka ko iyo migwi inganya ubukerebutsi kuko agace kambere kagiye kurangira hari itandukaniro ry’inota 1 gusa (Dynamo 15-14 Urunani). Agace ka kabiri gatanguye, Jean Hakizimana na bangeziwe baciye batangura kwerekana ko baje bafise urugero ruri hejuru uwo musi, barahanahana biteye igomwe bongera binjiza no ku manota 3, agace ka kabiri kaza kurangira bafise 36-23 imigwi ica ija kuruhuka.

Mu gice ca kabiri, Dynamo wabandanirije kuvyo wariko urerekana mu mpera z’igice cambere, urasumvya Urunani biboneka, agace ka gatatu kaza kurangira hari itandukaniro ry’amanota 21 yose (53-32). Mu gace kanyuma, Urunani warivyukiranije, urinanata ugeregeza gukurayo ayo manota ariko ntivyakunda, naho washoboye kwerekana ubuhinga n’ishaka bidasanzwe mu minota yanyuma kuko waronse amanota 24 Dynamo nawo 13 gusa mu gace kanyuma, urukino ruca rurangira ku ntsinzi ya Dynamo y’amanota 66-56.

 

Ubushimwe bwaratanzwe ku bigenjeje neza mu mwaka w’inkino 2017-2018

 

Inyuma y’izo nkino zibiri ziteye igomwe, haciye hakurikira ibirori vyo gutanga ubushimwe ku bigenjeje neza kurusha abandi, haba mu bakinyi b’abigeme n’abasore mu cicaro cambere n’ica kabiri, mu bamenyereza, mu bahagarikizi, eka mbere no mu bamenyeshamakuru n’abandi bose bitwaye neza mu mwaka w’inkino waraye usozerewe icese. Aba ni bamwe mu bashoboye gutahukana ubushimwe:

ICICARO CA KABIRI

Uwarushije abandi mu bigeme: Mahoro Chelsea (Berco Stars)
Umwigeme yinjije amanota menshi: Inamahoro (Berco Stars) yinjije 66 mu nkino 6

Uwarushije abandi mu basore: Nijimbere Guy Gaël (Tuze)
Uwinjije amanota menshi mu basore: Mugisha (Dynamo) yinjije 209 mu nkino 18


ICICARO CAMBERE

Mu bigeme

« Meileure marqueuse » : Haringanji Belyse(Les Gazelles) yinjije 231 mu nkino 12
« MVP Championnat »: Niyonkuru Elsa (Les Gazelles)
« MVP Playoffs »: Iziguriza Nadège (Berco Stars)
« Révélation »: Niyonzima Elsie (Aigle Noir)
« Meilleure meneuse» : Kaneza Vanessa (Les Gazelles)
« Meilleure aillière» : Gakima Ghyslaine (Berco Stars)
« Meilleur pivot » : Niyonkuru Elsa (Les Gazelles)

Mu basore

« Meileur marqueur » : Ngezahayo Malick (Urunani) yinjije 378 mu nkino 14
« MVP Championnat »: Ninziza Alvin (Kern)
« MVP Playoffs »: Ngezahayo Malick (Urunani)
« Révélation »: Munobogo Rudolph (Les Hyppos)
« Meilleur meneur » : Vyamungu Shabani (Dynamo)
« Meilleur aillier» : Ninziza Alvin (Kern)
« Meilleur pivot » : Nininahazwe Saint Plice (Les Hyppos)



Niyonkuru Elsa (Les Gazelles) yatowe nk’uwarushije abandi (MVP) mw’ihiganwa ry’abigeme mu cicaro cambere


UBUNDI BUSHIMWE

« MVP » abawigeze barenza imyaka 30 : Muvunyi parfait
« MVP » abawigeze barenza imyaka 40 : Nibigira Aimé Christian
« Arbitre Révélation » : Ininahazwe Gaël
« Révélation Coach » : Bishahushi Armand (Les Amis)
« Visibilité ACBAB » : Ethan
« Meilleur Journaliste » : Nishirimbere Olivier (Le Renouveau)

Amasanamu y’ibirori vyaranze uwo musi haba inkino canke gutanga ubushimwe muyansanga kuri page yacu ya Facebook (burundisport.com).

Audifax Ndikuriyo

 

 

Ico mwiyumvira kur'iyi nkuru :

 

 

 

CAN 2019, Itsinda A

Egypt 1-0 Zimbabwe

 

CAN 2019, Itsinda A

Kuwa 22/06
RDC 16:30 Uganda

CAN 2019, Itsinda B

Kuwa 22/06
Nigeria 19:00 Burundi
Guinée 22:00 Madagascar