Basketball: Inkino zambere z’igikombe citiriwe Umukuru w'Igihugu zizokinwa kuruyu wa 11/11/2017

Vyanditswe itariki 10.11.2017

 

Ihiganwa rishasha rya Basketball ariryo ry’Igikombe c’Umukuru w’Igihugu buca ritangura. N’ihiganwa rije mu gihe imigwi itari mike, na cane cane imigwi y’I Bujumbura, iriko iritunganya gushasha mu kuzana abandi bakinyi bakiri bato bafise ubwira n’ubuhinga budasanzwe nk’uko bavyerekanye mu nkino zo gukurakuranamwo. Mbega abakinyi n’abakunzi ba Basketball bahereza ayahe mahirwe imigwi izokwitaba ihiganwa mu gihe buca hatangura inkino zambere, tubirabire hamwe.

 

Abakinyi b'imigwi y'i Bujumbura berekanye ubuhinga budasanzwe mu nkino zo kurondera amatike

 

Uko vyifashe mu migwi y’abagabo

 

Nkuko twabibonye kuwa gatandatu no kuw’Imana uheze i Bujumbura, imigwi ya KERN, GYMKHANA, URUNANI na NEW STAR yaravyifashemwo neza cane mu kwereka ubuhinga bwinshi n’ingoga nshasha. Imigwi y’intara za Cibitoke, Bubanza, Bujumbura rural na Muramvya niyo izokwakira iyo migwi y’I Bujumbura mu nkino z’umusi wambere w’ihiganwa. Kizigenza w'umugwi w'Urunani Elvis Hakizimana batazira Gafyisi yatuyagiye ati " ni intara zikiri hasi gato mu rukino rw'amaboko basketball ugereranije n’I Bujumbura, mugabo mwese murabizi ko urukino ugira icuruvuzeko iyo ifirimbi yanyuma ivuze kuko abo mwabona ko muza kunyagira canke gutsinda bitabagoye barashobora kubaca muryahumye narirya mutaba munamenyeranye nk'imigwi muba musanzwe muhura kenshi."

Naho bir’uko, imigwi yo mu ntara za Gitega na Ngozi isanzwe ikomeye mbere no mu mahiganwa yo ku rwego rw'igihugu ikaba itorohereza na gato imigwi y'I Bujumbura, abakunzi ba Basketball rero bakaba bayitezeko vyinshi nayo nyene.

Ikiramisi c’inkino z’umusi wambere mu bagabo


 

Mu bigeme ho vyifashe gute?

 

Imigwi y’i Bujumbura uko ari itatu izoduga mu ntara za Rumonge, Mwaro na Makamba. Ibivugwa na benshi bakurikiranira hafi urukino rwa Basketball n’uko iyo migwi babona ko ifise amahirwe yo gutahukana izo nkino uko ari itatu (Berco star, Gazelles na Aigle Noir) bivanye n’ubudasa bugaragara hagati y’urugero n’imyiteguro, ariko nk’uko vyama mu nkino ibintu vyose birashoboka bivanye n’ishaka imigwi izozanana ku kibuga. Uwundi mugwi witezwe cane n’umugwi w'intara ya Ngozi ukaba ar’umugwi uhagaze neza cane mbere unahabwa amahirwe menshi kuko usanzwe unagora cane imigwi y'I Bujumbura ndetse ukanayitsinda mu nkino zimwe zimwe. Umugwi w’I Ngozi uzoja gutana mu mitwe n’uw’I Gitega mu rukino rwitezwe cane n’abakunzi ba Basketball i Gitega.

Ikirangamisi c’inkino z’abigeme



Kaze rero muri benshi gushigikira imigwi yo mu ntara musanzwe mukomokamwo canke mukunda

Audifax Ndikuriyo

 

 

Ico mwiyumvira kur'iyi nkuru :

 

 

 

Primus Ligue, umusi wa 6

Flamb. Est 2-1 Olympic Star
Ngozi City 1-1 Les Lierres
Flamb. Centre 0-0 Rukinzo FC
Messager Bja 1-1 Vital'O FC
Musongati FC 2-1 Buja City
Kayanza Utd 0-1 Bumamuru
Athletico Ol. 1-2 Messager N.
Aigle Noir 2-0 LLBS4A

Primus Ligue, umusi w'7

Athletico Ol. 1-1 Flamb. Centre
Messager Bja 2-2 LLBS4A
Musongati FC 1-1 Les Lierres
Messager N. 0-0 Kayanza Utd
Olympic S. 1-2 Ngozi City
Bumamuru 1-0 Flamb. Est
Vital'O FC 0-0 Buja City
Rukinzo FC 1-3 Aigle Noir