Basketball: Imigwi izoserukira Bujumbura mu gikombe c’Umukuru w’Iguhugu yaraye imenyekanye

Vyanditswe itariki 07.11.2017

 

Kuwa 11 Munyonyo 2017, hagiye gutangura ihiganwa rishasha rya Basketball ku rwego rw’igihugu cose rikazohuza imigwi itandukanye iserukira intara ihiganirwa igikombe citiriwe Umukuru w’Igihugu. Igisagara ca Bujumbura kizoserukirwa n’imigwi ine y’abagabo hamwe n’imigwi ibiri y’abigeme, kuwa gatandatu n’uw’Imana uheze hakaba hakinywe inkino zo gukuranamwo kugira haboneke iyo migwi izoserukira igisagara.

 

Urukino rwahuje Urunani na Mutanga United rwarimwo ishaka ridasanzwe, rurahimbara abarorerezi

 

Uko inkino zo gukuranamwo zagenze

 

Mu bagabo

Ku wagandatu umurwi wa New star watsinze umurwi wa Muzinga ku manota 59 kuri 51, umurwi wa Kern unyagira umurwi wa Ambassador's amanota 76 kuri 35.
Ku w'Imana naho imirwi ya Gymkhana yatanye mu mitwe na Dynamo hama Urunani rwambikana na Mutanga United, abarorerezi isinzi bakaba bari bishikiye ku kibuga kuraba izo nkino

Urukino rwa Dynamo-Gymkhana rwabaye urukino rutoroheye iyo mirwi biturutse ku kavura kari kazindutse karagwa gutyo bigatuma ikibuga kinyerera caane. Naho bitari vyitezwe n'abantu benshi umurwi wa Gymkhana ntiwihanganiye na gato umurwi wa Dynamo ndetse uwutsinda ku manota 56 kuri 48., umugwi wa Dynamo uba uratashe.
Urukino rwari rwitezwe cane rwari urwahuje imigwi ya Mutanga United n’ Urunani. Yose yaje yazikenyeye umugwi wa Mutanga uheza agace ka 2 n’aka 3 uri imbere y’Urunani ku manota make. Mu gace kanyuma niho umurwi w'Urunani wabivyukiranya ubicishije ku bakinyi babo nka Elvis batazira Gafyisi n’abagenzi biwe gutyo batahukana intsinzi ku manota 59 kuri 54 ya Mutanga United.

Imigwi izoserukira igisagara ca Bujumbura ni New Star (Bujumbura 1), Kern (Bujumbura 2), Gymkhana (Bujumbura 3) n'Urunani (Bujumbura 4).

Mu bigeme

Mu bigeme, umugwa mukuru w'igihugu uzoserukirwa n’imigwi itatu, umugwi wa Aigle watsinze Rumuri 54 – 48 uca uronka uburenganzira bwo guherekeza Les Gazelles na Berco Stars

 

 

Audifax Ndikuriyo

 

 

Ico mwiyumvira kur'iyi nkuru :

 

 

 

Primus Ligue, umusi wa 30

Vital'O FC 1-1 Messager N.
LLBS4A 2-2 Bumamuru
Ngozi City 0-2 Kayanza Utd
Rukinzo FC 0-2 Flamb. Centre
Musongati FC 3-1 Athletico Ol.
Flamb. Est 3-0 Les Lierres
Olympic S. 3-2 Buja City
Messager Bja 0-4 Aigle Noir

Ligue B, umusi wa 12

Delta Star 1-0 Buhumuza
Volontaire 0-1 Muzinga
Les Eléphants 2-2 Inter Stars
Aigle Noir B 1-1 Rumonge City
Les Jeunes At. 0-3 BS Dynamic
Top Junior 2-1 Moso Sugar
Lumière M. 0-0 Busoni Star
Unité FC 0-3 Royal FC M.

 

Primus Ligue, umusi wa 30/30

Kuwa 26/04
Messager Bja 0-4 Aigle Noir
Kuwa 27/04
Vital'O FC 15:00 (PLR) Messager N.
LLBS4A 15:00 (CTN) Bumamuru
Ngozi City 15:00 (Urukundo) Kayanza Utd
Rukinzo FC 15:00 (Ivyizigiro) Flamb. Centre
Musongati FC 15:00 (Gitega) Athletico Ol.
Flamb. Est 15:00 (Ruyigi) Les Lierres
Olympic S. 15:00 (Muyinga) Buja City