Basketball: Ikiganiro twagiranye n’abakinyi Elvis Hakizimana na Guibert Nijimbere imbere y’uko imigwi yabo inyiyurana

Vyanditswe itariki 03.06.2017

 

Ku musi w’ejo 4 Ruheshi isaha zitanu (11 :00) ku kibuga c’I Gikungu, hazoca uwambaye hagai y’imigwi ibiri ikomeye cane kandi ikebana Urunani na New Star. Twegereye umukinyi Elvis benshi batazira Gafyisi, akiniye Urunani imyaka itari mike, hamwe na Guibert umusore akiri muto amaze imisi avyifatamwo neza cane muri New Star, baratwiganire uko biteguriye urwo rukino, amahirwe yo gutahukana igikombe baha imigwi yabo, hamwe n’uko babonye ihiganwa ry’uyu mwaka muri rusangi.

 

 

Ivyo twaganiriye na Elvis Hakizimana

 

burundisport.com: Elvis, mukinira URUNANI mwiteguriye gute urukino rukomeye rugiye kubahuza n'umurwi wa NEW STAR ku w'Imana, hari intambamyi mubona zoba zotuma musubira gutsindwa na New Star ?

Elvis : Tugwiteguriye neza cane, twarakoze bikwiye, abakinyi bos baritavye imyimenyerezo n'abamenyereza bacu baritanze baradukoresha bikwiye, baradutegura physiquement et techniquement, tumeze neza kabisa
Mumugwi twes twarashize inguvu hamwe, twararonse umwanya ukwiye wo kwiga adversaire wacu wa dimanche, haba mubatwara umugwi, haba mubakinyi nabamenyereza eka mbere nabakunzi bacu aba fans, barushikiye kukibuga kudufata mumugongo, urabona neza k umuryango wacu wos witeguriye urwo rukino
Ivyabaye mu rukino rwambere twarabibonye amakosa twakose twarayabonye,aho twar tugwaye mur match aller turahazi, har vyinshi tuzokosora, nabantu tumenyerey tumaze gukina kenshi


burundisport.com : Hasigaye inkino zigera kuri 2 kugira ihiganwa ryo ku rwego rwa ACBAB risozerwe, mwokwiha amahirwe angana gute yo kuritahukana?

Elvis : Dufis amahigwe manini cane, kugeza kur’ino saha turi abambere, urukino rwo kuw’Imana ni iyindi ntambwe tuzoba duteye munzira yacu yogutwara igikombe, turiyumva kandi turabona neza k dufis amahigwe manini cane mugihe gushika kur ino saha turi mukibanza ciza

Burundisport.com : Ko musanzwe mufise abantu benshi babafata mu mugongo(aba fans) iyo muriko murakina,nigiki mwobasaba kugira mubandanye muri abambere?

Elvis Aba fans bacu nabambere,maze imyaka 14 nkina mur Urunani A kuva ndaruzi rwamanye aba fans bensh kandi barukunda, twakuriye mu rukundo rwabo, n'umuryango ukomeye cane, Urunani sans les fans ntirwobaho, intererano yabo gushika kur anneau niy'agaciro cane, tukabasaba kuza ar bensh iyo bari hos, kuza gushigikira umurwi, tuzokwitanga uko dushboy tubahe intsinzi

burundisport.com : Mbega muri rusangi mwabonye gute iri higanwa rya basket ryo ngaha i Bujumbura uyu mwaka, hari ivyo mwashimye nivyo munegura ?

Elvis : N'Ihiganwa riryoshe gos, riraryoshe kubr imigwa yos isa niyinganya, harimwo aba pti bakiri jeune bakomeye babizi kabisa, bituma haba spectacle, aho mumyaka iheze imigwi ibiri yari yiziziye ihiganwa ubu urabona k harimwo suspens match ziri serré ntawoshira agati muryinyo ng ekip kanaka izonyorohera, utsinda wagwanye, hama nkasaba abajejwe association kuza barategura inkino nyinsh kugira aba jeune bashobor kumenyera inkino akaba ari navyo bibakomeza. Ico negura kitanryoheye kandi nibaza k atamukinyi numwe caryohey nukuntu haciyemwo imanza mwihaganwa, hagaca nigihe ata ma match ahari, hama kandi nukudakina kw dynamo ntivyanryohey mugihe tuzi yuko ar umugwi mwiza kandi ufis abakinyi babizi ariko ntibashobor gukina iri higanwa, ntanumw bishimisha, twebwe nkabakinyi ntibidushimisha, umukinyi akenegwa mukibuga ntakenegwa hanze, kandi habandanyije imanza mur basket aha iwacu bizosubiza inyuma abakinyi

 

Ivyo Guibert yashoboye kutuyagira

 

Twongeye tubaza Guibert ivyo bibazo nyene, ku kijanye n’uko biteguriye urwo rukino, yatwishuye ati :

Urwo rukino turwiteguriye neza caane kuko twaragize imyimenyerezo ikwiye ku ruhande rw'ubuhinga ndetse n'urwinguvu(physique et tactique),naho tuzoba tubuze umukinyi yadufasha cane nta ntambamyi nini vyaduteye mu mwiteguro. Hama imyiteguro twayirangije twumva ko tumeze neza turi "tayari". Naho coach BITAGOYE Aimé yafatiriwe, nta ngorane vyaduteye kuko umumenyereza turikumwe ubu yarakorana na coach Aimé rero murumva ko yaje abandaniriza aho yari agejeje kandi nta ntambamyi yahabaye kuko imikenyuro yose twarayisubiyemwo neza yose

Yagize nico ashikirije ku bakunzi ba New Star:

Muri rusangi twosaba abakunzi ba basket kurushirizaho bitaho basket kugira itere imbere hama abafana nabo umurwi wacu wa NEW STAR,twobasaba kubandanya badushigikira na cane tukabasaba gusidukana n'iyonka kugira igihe tuzoba turi murukino bazodufate mu mugongo, baduhe inguvu zivuye ku mashi menshi, natwe tubashe kubereka urukino rwiza!

Yongeye atumenyesha ku ku bwiwe, ata ntambamyi abona yobabuza gutahukana ihiganwa ry’uyu mwaka kuko abona neza ko banganya ishaka n’ubuhinga n’umugwi uri kw’isonga, ari naco gituma urukino rwo kuw’Imana ruzoba ruhambaye cane mu kwerekana umugwi ugeze ku rugero runini hagati y’iyo ibiri.

Yarangije atubwira uko abona ihiganwa ry’uyu mwaka muri rusangi, ivyo yashimye n’ivyo yagaye:

Ico twashimye nukugene imirwi yitanze cane kandi bikabonekera aho ubu atakiri mu nko myaka iheze aho wasanga umurwi umw canke ibiri yiziziye ihiganwa,kandi haraje n'amaraso mashasha kuko ubu abakiri bato ni nkibice 80% gutyo bikazotuma bakura bazinanye hama no mu murwi nserukira gihugu bawukomeza. Ico naneguye nukugene hari umurwi ukomeye wasokoye mwihiganwa gutyo bigatuma urugero rwabakinyi rusubira hasi kuko umukinyi atitavye ihiganwa atamenya aho urugero rwiwe rugeze ndetse ntamenye ivyo yokora canke akosore.

Audifax Ndikuriyo

 

 

Ico mwiyumvira kur'iyi nkuru :

 

 

 

Mondial 2018, Itsinda A

Russie 5-0 Arabie S.
Egypte 0-1 Uruguay

Mondial 2018, Itsinda B

Maroc 0-1 Iran
Portugal 3-3 Espagne

Mondial 2018, Itsinda C

France 2-1 Australie
Pérou 0-1 Danemark

Mondial 2018, Itsinda D

Argentine 1-1 Islande
Croatie 2-0 Nigeria

Mondial 2018, Itsinda E

Costa Rica 0-1 Serbie
Bresil 1-1 Suisse

Mondial 2018, Itsinda F

Allemagne 0-1 Mexique
Suède 1-0 Corée du Sud

Mondial 2018, Itsinda G

Belgique 3-0 Panama
Tunisie 1-2 Angleterre

Mondial 2018, Itsinda H

Colombie 1-2 Japon
Pologne 1-2 Sénégal

Mondial 2018, Itsinda A

Russie 3-1 Egypte
Uruguay 1-0 Arabie S.

Mondial 2018, Itsinda B

Portugal 1-0 Maroc
Iran 0-1 Espagne

 

Mondial 2018

Kuwa 21/06, Itsinda C
Danemark 14:00 Australie
France 17:00 Pérou
Kuwa 21/06, Itsinda D
Argentine 20:00 Croatie