Basketball ACBAB: Ihiganwa ryarabandanije kuwa 10 na 11 Ruheshi

Vyanditswe itariki 14.06.2017

 

Mw’ihiganwa rya Basketball i Bujumbura, inkino zarabandanije kuwa 10 na 11 Ruheshi ku bibuga vy’i Gikungu. Habaye inkino z’icicaro cambere mu bagabo, bivanye n’uko ibindi vyicaro bihurikiyemwo abanyeshure benshi bo mu mashure yisumbuye, nabo bakaba bimirije ibibazo. Umugwi w’Urunani niwo ukiri kw’isonga ry’ihiganwa bikaba mbere biboneka ko uriko urafata inzira yo kuritahukana mu gihe hasigaye inkino zibiri gusa.

 

Urukino Mutanga United 70-77 New Star rwari rwitabwe n'abarorerezi isinzi

 

Uko inkino zagenze n’uko imigwi ikurikirana

 

Ku musi wa gatandatu 10 Ruheshi:

Muzinga 71-74 Kern
Ambassador’s 40-94 Urunani

Kuw’Imana 11 Ruheshi :

Gymkhana – Dynamo : intsinzi ya Gymkhana impaga
Mutanga United 70 -77 New Star

Imigwi ya New Star na Muzinga iracafise urukino rw’ikirarane, iyindi nayo isigaje inkino zibiri zibiri gusa. Uku niko imigwi ikurikirana:

1. Urunani
2. Gymkhana
3 New Stars
4. Mutanga United
5. Kern
6. Muzinga
7. Ambassador’s
8. Dynamo

Ihiganwa ry’abigeme ryaramaze gusozera igice cambere, umugwi wa Les Gazelles niwo wakirangije uri kw'isonga, ukurikirwa na Berco Stars hamwe na Rumuri. Imigwi n'iyo itatu nyene naho hari iyindi yamaze kwiyandikisha nka Aigle Noir, nayo ikaba izotangurana n’ihiganwa rikurikira.

Inkino z'icicaro cambere mu bagabo zizobandanya, hamwe n'izambere z'igice ca kabiri mu bigeme zizokinwa, mu mpera z'iyi ndwi kuwa 17 na 18 Ruheshi.

 

 

Audifax Ndikuriyo

 

 

Ico mwiyumvira kur'iyi nkuru :

 

 

 

Primus Ligue, umusi wa 15

Athletico Ol. 2-0 Kayanza Utd
Messager Bja 1-1 Flamb. Est
Buja City 7-2 Olympic S.
Musongati FC 5-1 Ngozi City
Rukinzo FC 0-2 Les Lierres
Bumamuru FC 0-1 Aigle Noir

Primus Ligue, umusi wa 16

LLBS4A 0-0 Buja City
Les Lierres 2-2 Kayanza Utd
Flamb. Centre 0-1 Athletico Ol.
Ngozi City 0-1 Bumamuru
Flamb. Est 1-0 Messager Bja
Olympic S. 1-3 Musongati

Primus Ligue, umusi wa 17

Les Lierres 0-0 Musongati
Aigle Noir 3-1 Buja City
Ngozi City 1-0 Flamb. Est
Bumamuru 1-2 Olympic S.
Messager Bja 2-1 LLBS4A
Flamb. Centre 1-0 Vital'O FC
Kayanza Utd 0-1 Messager N.
Rukinzo 2-0 Athletico Ol.

Primus Ligue, umusi wa 15

Vital'O FC 3-1 Flamb. Centre
LLBS4A 1-0 Messager N.