Basketball: Dynamo niwo waraye utahukanye ikibanza cambere mw’ihiganwa ry’i Bujumbura

Vyanditswe itariki 30.07.2018

 

Kur’uyu w’Imana 29 Mukakaro niho hakinwa inkino zanyuma z’ihigagwa risanzwe mw’ishirahamwe rya Basketball i Bujumbura ACBAB. Urukino rwari rwitezwe n’igishika n’urukino rwo kwisonga rwahuza imigwi ya Dynamo n’Urunani, urukino rwo kudadanura uwutahukana ikibanza cambere kuko uwatsinda ariwo waca ugifata.

 

Jean Hakizimana, umukinyi abica bigacica muri Dynamo, ntiyorohereje na gato abakinyi b'Urunani

 

Abakinyi ba Dynamo baje bazikenyeye ntiborohereza na gato Urunani n’abakunzi bawo isinzi

 

Urwo rukino rwabereye kuri « Département », rukaba rwatanguye igihe c’isaha zitandatu, inyuma y’urukino rwari ruhejeje guhuza Muzinga na Kern, urukino rw’igitangaza narwo nyene kuko Muzinga wagiye kuronka itsinzi bitoroshe na gato ku manota 69-68.

Abakunzi isinzi b’Urunani bari bakubise baruzura ku mpande zose z’ikibuga, bakaba bari baje bashajije n’imyambaro ibaranga n’ibindi bikoresho bitari bike vyo kuririmbira abakinyi babo babatera intege. Naho vyar’uko, ntivyateye ubwoba na gato Jean Hakizimana na bagenziwe muri Dynamo kuko batanguye kwerekana ko baje bazanye urugero ruri hejuru urukino rugitangura. Agace kambere karangiye Dynamo uri imbere ku manota 17-12, aka kabiri nako nyene kaza gasa n’akambere kuko Dynamo wakinjijemwo amanota 15, urunani winjiza 9 maze igice cambere c’urukino kirangira Dynamo ufise 32-21.

Mu gice ca kabiri, abakinyi b’Urunani baje bafise icipfuzo kiboneka co kugabanya umwenda w’amanota 11 bari bafise, barahanahana neza imipira inyaruka bongera bagerageza kurondera amanota 3 babicishije na cane cane kuri Malick yariko akora ibitangaza mu kibuga. Agace ka gatatu kaciye karangira Urunani winjije amanota 14 Dynamo nawo waronse 9, Urunani ruba rusigaranye umwenda w’amanota 6 gusa (41-35). Mu gace ka kane, Urunani wabanje kugabanya umwenda ushirayo amanota 2, ariko ibintu bica birahinduka. Dynamo waciye utangura gusatira bikomeye, wongera waka imipira myinshi abakinyi b’Urunani maze urinjiza amanota gushika naho hagera mu minota 3 yanyuma biboneka ko Urunani utari bubashe kuronka ingoga n’ubuhinga bwo gukurayo umwenda war’umaze kugira, ako gace kaza kurangira Dynamo ubarushije biboneka (amanota 26 kuri 18), urukino ruca rurangira Dynamo utahukanye itsinzi ya 67-53.

 

Dynamo utahukanye ihiganwa inyuma y’imyaka 31, utsinzwe 2 gusa mu nkino 14

 

Umugwi wa Dynamo waheruka gutahukana ihiganwa ry’i Bujumbura mu mwaka w’1987, ukaba utahukanye ihiganwa ry’uyu mwaka ukoze ibitangaza kuko watsinzwe inkino 2 gusa, rumwe mu gice cambere, urundi mu gice co gusubiriza.

Igice cambere c’ihiganwa (Phase Aller)

Dynamo 67-75 Urunani
Mutanga 38-93 Dynamo
Dynamo 70-60 Kern
Dynamo 92 - New Star 73
Gymkana 59 - Dyna
Les Hippos 65-77 Dynamo
Dynamo 68-61 Muzinga

Igice co gusubiriza (Phase Retour)

Muzinga 68-93 Dynamo
Dynamo 86-49 Les Hyppos
Gymkhana 59-84 Dynamo
Dynamo 92-71 New Star
Kern 73-78 Dynamo
Dynamo 63-64 Mutanga United
Urunani 53-67 Dynamo.

Haba ku bakinyi, ku barkunzi no ku barongoye Dynamo, umunezero wari wose inyuma yo gutahukana ikibanza cambere, bikaba kandi vyahuriranye n’uko uwo mugwi uhimbanza imyaka 50 kuva uvutse.

Audifax Ndikuriyo

 

 

Ico mwiyumvira kur'iyi nkuru :

 

 

 

Primus Ligue, umusi wa 13

Rukinzo FC 1-2 Buja City
Les Lierres 0-0 Bumamuru FC
Flamb. Centre 1-1 Flamb. Est
Aigle Noir 7-0 Athletico Ol.
Messager Bja 1-2 Messager N.
Vital'O FC 3-0 Ngozi City
LLBS4A 0-0 Olympic S.
Musongati 1-0 Kayanza Utd

Primus Ligue, umusi wa 14

Flamb. Est 0-1 Buja City
Flamb. Centre 1-2 Kayanza Utd
Olympic S. 3-1 Athletico Ol.
Ngozi City 1-1 Messager Bja
Vital'O FC 1-0 Musongati FC
Messager N. 2-1 Bumamuru FC
Aigle Noir 2-0 Les Lierres
LLBS4A 1-0 Rukinzo FC