Basketball: Imigwi ya Berco Stars n’Urunani niyo yaraye itahukanye agahiganwa ko kwugurura umwaka w’inkino muri ACBAB

Vyanditswe itariki 10.04.2018

 

Inyuma yo kumenyesha ko ihiganwa rya Basketball mu gisagara ca Bujumbura rigiye gutangura, ishirahamwe ACBAB riraba ibijanye n’uwo rukino ku murwa mukuru w’Igihugu ryaciye ritunganya agahiganwa ko kwugurura icese umwaka w’inkino. Imigwi ishika ku 8 mu bagabo n’4 mu bigeme niyo yitavye ako gahiganwa katanguye kuwa 31 Ntwarante n’uwambere Ndamukiza gaca gasozerwa n’inkino z’igice ca kabiri gishira icanyuma kur’uyu wa 7 Ndamukiza n’inkino zanyuma kuw’Imana 8 Ndamukiza

 

Imigwi ya Kern n'Urunani (imyambaro y'umuhondo) imbere yo gutangura urukino rwanyuma

 

Berco Stars wasubiye kw’isonga muri Basketball y’abigeme, Urunani nawo wanezereje abakunzi bawo

 

Mu rukino rw'igice ca kabiri gishira icanyuma umugwi wa Berco Star wari watsinze Les Gazelles ku manota 51 kuri 39, bikaba biboneka ko Berco Stars uri mu bihe vyiza inyuma yo gutwara igikombe citiriwe Umukuru w'Igihugu nubu bakaba babandanije bavyifatamwo neza. Mu rukino rwanyuma rwabaye mu gitondo co kur’uyu w’Imana, watsinze bitawugoye cane umugwi wa Aigle Noir mushasha mw’ihiganwa ku manota 65-34.

Mu bagabo, umugwi w’Urunani wakuyemwo Gymkhana uwutsinze 84-71 mu gice ca kabiri gishira icanyuma watanye mu mitwe na Kern wari waraye ukuyemwo New Stars biwugoye cane (85-84) mu rukino rw’igitangaza.

Mu gace kambere k’urukino rwanyuma hagati y’Urunani na Kern, iyo migwi yaje isa n’iyitinyana biboneka k ikiriko irarabana mu mikenyuro, gaca karangira Urunani ufise 12-10. Mu gace ka kabiri, Urunani waciye uvuduka urarusha bikomeye Kern aho Urunani rwinjije amanita 16 mur’ako gace, Kern nawo winjiza ane gusa, maze igice cambere c’urukino kirangira Urunani uri imbere ku manota 28-14. Mu gice ca kabiri c’urukino, abakinyi ba Kern baragerageje kwivyukiranya baronka amanota 17 mu gace ka gatatu mu gihe Urunani rwari rwaronse 13. Mu gace ka kane naho iyo migwi yaranganije kuko yose yinjije amanota 13, akavura kaguye hasigaye iminota ibiri ngo urukino rurangire kakaba karagabanije umuvuduko ku mpande zose naho babandanije bakina bitanga, urukino ruca rurangira ku ntsinzi y’Urunani amanota 54-44.

Icabonetse mur’izo nkino nuko imigwi isa n'iyinganya inguvu kuko yatsindana bigoye, ivyo rero bigatuma benshi bibaza uko bigiye kugenda mw'ihiganwa rigiye gutangura ku musi wa gatandatu uza 14 Ndamukiza 2018.

 

 

Audifax Ndikuriyo

 

 

Ico mwiyumvira kur'iyi nkuru :

 

 

 

Primus Ligue, umusi wa 15

Athletico Ol. 2-0 Kayanza Utd
Messager Bja 1-1 Flamb. Est
Buja City 7-2 Olympic S.
Musongati FC 5-1 Ngozi City
Rukinzo FC 0-2 Les Lierres
Bumamuru FC 0-1 Aigle Noir

Primus Ligue, umusi wa 16

LLBS4A 0-0 Buja City
Les Lierres 2-2 Kayanza Utd
Flamb. Centre 0-1 Athletico Ol.
Ngozi City 0-1 Bumamuru
Flamb. Est 1-0 Messager Bja
Olympic S. 1-3 Musongati

Primus Ligue, umusi wa 17

Les Lierres 0-0 Musongati
Aigle Noir 3-1 Buja City
Ngozi City 1-0 Flamb. Est
Bumamuru 1-2 Olympic S.
Messager Bja 2-1 LLBS4A
Flamb. Centre 1-0 Vital'O FC
Kayanza Utd 0-1 Messager N.
Rukinzo 2-0 Athletico Ol.

Primus Ligue, umusi wa 15

Vital'O FC 3-1 Flamb. Centre
LLBS4A 1-0 Messager N.