Basketball: Agahiganwa kugurura umwaka w'inkino muri ACBAB karatanguye kakaba kazobandanya no mu mpera z'iyi ndwi

Vyanditswe itariki 05.04.2018

 

Ihiganwa rya Basketball rigiye gutangura mu gisagara ca Bujumbura nk’uko ishirahamwe ACBAB ryabimenyesheje. Mur’iyo ntumbero, haratunganijwe agahiganwa (tournoi) ko kwugurura umwaka w’inkino, igice cambere cako gahiganwa kikaba cabaye kuwa 31 Ntwarante n’uwa 1 Ndamukiza haba mu bagabo canke mu bigeme. Izo nkino zari zibereye ijisho zikaba zitabwe n’abarorerezi isinzi.

 

Abasore ba Ghymkhana ntiborohereje na gato aba Mutanga United

 

Inkino zo kuwa gatandatu 31 Ntwarante 2018

 

Mu bigeme :

Habaye urukino rumwe ruhuza Berco Star na Gazelles aho Berco Star, umugwi umaze imisi witwara neza ukaba waheruka no gutwara igikombe c'umukuru w'igihugu, watsinze bitawugoye kanini ku manota 51 kuri 39 ya Gazelles.

Mu bagabo:

Umugwi wa New Star ntiwihanganiye na gato umugwi mushasha mw'ihiganwa ry’ i Bujumbura ariwo Les Hippos mu kuwirahira ku manota 84 kuri 65.

Urundi rukino rwahuje Gymkhana na Mutanga United. Rwari urukino rubereye ijisho aho abakinyi bagerageje kwerekana ubuhinga butandukanye mu guhanahana ndetse no gutsinda. Umugwi wa Gymkhana warerekanye ishaka ridasanzwe mu kuzibira abakinyi Richard na bagenziwe bica bituma umugwi wa Mutanga utaja imbere gutyo urukino rurangira ku ntsinzi ya Gymkhana amanota 74 kuri 66.

 

Inkino zo kuw’Imana 01 Ndamukiza 2018

 

Mu bigeme:

Umugwi mushasha wa Eagle Noir wirahiye umugwi wa Rumuri bitawugoye na gato ku manota 54 kuri 27.

Mu bagabo:

Inkino zarabandanije aho umugwi wa Kern wirahiye Muzinga uheruka gutakaza abakinyi batari bake ku ntsinzi y'amanota 68 kuri 57.

Urukino rwa kabiri rwahuje Urunani na Dynamo. Rwari urukino rwitezwe n’abarorezi isinzi bari basidukanye n'iyonka mu kuza kuratira ijisho. Urukino rwarimwo inguvu zo kuzibira, ishaka, ubuhinga, bikaba vyagaragariye ku manota yinjiye mu rukino aho Urunani rwatsinze ku manota 49 kuri 47 ya Dynamo.

Inkino zigiye kubandanya mu mpera ziyi ndwi ku kibuga c’i Gikungu nyene. Kuwa gatandatu 07 Ndamukiza, imigwi y’abagabo yatsinze izohura mu gice ca kabiri gishira icanyuma uku gukurikira:

Kern – New Star (14:00)
Urunani – Ghymkhana (16:00)

Kuw’Imana 08 Ndamukiza naho hakinwe inkino zanyuma mu bigeme n’abagabo.Kaze muri benshi kuratira ijisho no gushigikira imigwi musanzwe mukunda

Audifax Ndikuriyo

 

 

Ico mwiyumvira kur'iyi nkuru :

 

 

 

Primus Ligue, umusi wa 30

Vital'O FC 1-1 Messager N.
LLBS4A 2-2 Bumamuru
Ngozi City 0-2 Kayanza Utd
Rukinzo FC 0-2 Flamb. Centre
Musongati FC 3-1 Athletico Ol.
Flamb. Est 3-0 Les Lierres
Olympic S. 3-2 Buja City
Messager Bja 0-4 Aigle Noir

Ligue B, umusi wa 12

Delta Star 1-0 Buhumuza
Volontaire 0-1 Muzinga
Les Eléphants 2-2 Inter Stars
Aigle Noir B 1-1 Rumonge City
Les Jeunes At. 0-3 BS Dynamic
Top Junior 2-1 Moso Sugar
Lumière M. 0-0 Busoni Star
Unité FC 0-3 Royal FC M.

 

Primus Ligue, umusi wa 30/30

Kuwa 26/04
Messager Bja 0-4 Aigle Noir
Kuwa 27/04
Vital'O FC 15:00 (PLR) Messager N.
LLBS4A 15:00 (CTN) Bumamuru
Ngozi City 15:00 (Urukundo) Kayanza Utd
Rukinzo FC 15:00 (Ivyizigiro) Flamb. Centre
Musongati FC 15:00 (Gitega) Athletico Ol.
Flamb. Est 15:00 (Ruyigi) Les Lierres
Olympic S. 15:00 (Muyinga) Buja City