ACBAB/Playoffs : Imigwi izokina inkino zanyuma yaramenyekanye

Vyanditswe itariki 18.09.2019

 

Mw’ishirahamwe ry’urukino rw’amaboko Basketball i Bujumbura, imigwi y’abagabo n’abakenyezi yar’iramutse ikina inkino z’igice ca kabiri gishira icanyuma ca Playoffs kuwa gatandatu no kuw’Imana uheze. Imigwi ya Dynamo, New Stars, Urunani na Mutanga United mu bagabo hamwe na Aigle Noir, Berco Stars, Les Gazelles na Young Sisters mu bigeme niyo yari yaronse amahirwe yo gushika mur’ico gice.

 

Inyuma yo gutsinda Urunani mu rukino rwanyuma rw'igikombe c'urwego rw'igihugu, Dynamo wongeye kuwutsinda kabiri muri 1/2 finale ya Playoffs i Bujumbura

 

Dynamo na New Stars mu bagabo, Berco Stars na Les Gazelles mu bakenyezi niyo izokina inkino zanyuma

 

Inkino z’igice ca kabiri gishira icanyuma zahuje Dynamo – Urunani na New Stars - Mutanga United mu bagabo, mu bakenyezi naho hatana mu mitwe Berco Stars – Aigle Noir na Les Gazelles – Young Sisters, inkino zikaba zabereye ku kibuga ca Toyota i Gikungu.

Ku wa gatandatu 14 Nyakanga:

Les Gazelles 83-41 Young
Berco Stars 40-38 Aigle Noir

New Star 81-68 Mutanga Utd
Dynamo 55-47 Urunani

Ku w’Imana 15 Nyakanga:

Les Gazelles 75 - 39 Young Sisters
Berco Stars 31 - 27 Aigle Noir

New Star 89-81 Mutanga United
Dynamo 80-74 Urunani

Amategeko y’iryo higanwa avuga ko iyo migwi ihura gatatu ku buryo haboneka uwuronka itsinzi 2/3, bisigura ko mu nkino zibiri zitangura hagize umugwi uzitsinda zose uba uronse itike ryo gukina urukino rwanyuma. Gutyo, imigwi ya Dynamo, New Stars, Berco Stars na Les Gazelles ntiyabaye igikenera kuzokina urukino rugira gatatu, ikaba yaciye ironka amatike yo gukina inkino zanyuma zisozera umwaka w’inkino muri ACBAB zitegekanijwe mu mpera z’iyi ndwi.

 

 

Audifax Ndikuriyo

 

 

Ico mwiyumvira kur'iyi nkuru :

 

 

 

Primus Ligue, umusi wa 14

Bumamuru FC 0-1 Inter Star
Buja City 0-1 Vital'O FC
Musongati FC 0-0 Kayanza Utd
Messager N. 1-1 Ngozi City
Les Lierres 2-1 Olympic S.
LLBS4A 0-1 B.S Dynamic
Aigle Noir 5-2 Flamb. Centre
Athletico Ac. Kuwa 20/11 Rukinzo FC

Primus Ligue, umusi wa 15

Inter Star 1-2 Rukinzo FC
Ngozi City 1-2 Les Lierres
Olympic S. 2-2 Bumamuru FC
Musongati FC 2-1 Aigle Noir
LLBS4A 1-0 Athletico Ac.
BS Dynamic 1-1 Messager N.
Kayanza Utd 1-1 Vital'O FC
Flamb. Centre 2-1 Buja City