Basketball: Muri ACBAB, ihiganwa ryarabandanije kuwa 17 na 18 Ruheshi

Vyanditswe itariki 19.06.2017

 

Kur’uyu wa gatandatu 17 Ruheshi n’uw’Imana 18 Ruheshi, ihiganwa rya Basketball mw’ishirahamwe ry’i Bujumbura ACBAB ryarabandanije mu basore n’abigeme. Nk’uko bimaze imisi bishikirizwa na benshi barikurikiranira hagufi, muri rusangi imigwi isa n’iyinganya inguvu kuko bishika gake aho umugwi utsinda uwundi uwenuriye cane dufatiye kw’ihiganwa ry’icicaro cambere mu bagabo. Mu gihe hasigaye urukino rumwe gusa dukuyemwo inkino z’ibirarane, umugwi w’Urunani niwo ukiri kwisonga, turabire hamwe uko imigwi yatsindanye.

 

Umugwi wa Rumuri uracafise urugero ruto cane ugereranije na Berco Stars canke Les Gazelles

 

Uko imigwi yatsindanye mu bigeme n'abasore

 

Kuwa gatandatu 17 Ruheshi :

Mu bigeme, habaye urukino rumwe gusa rwahuje Rumuri na Berco Stars, rukaba rwarangiye ku ntsinzi nini cane ya Berco Stars amanota 101-19

Mu basore, habaye inkino zibiri. Urukino rwambere rwahuje Urunani na Mutanga United, rwabaye urukino rutey’igomwe rurimwo ubuhinga bwinshi, iyo migwi uko ar’ibiri ikaba yari yaje yazikenyeye. Urunani niwo wahavuye utahukana intsinzi ngufi urushije amanota atanu gusa Mutanga United (51-46). Mu rukino rwa kabiri, New Stars watanye mu mitwe na Ambassador’s, umugwi wa New Stars ukaba warenuriye Ambassador’s mu kuwutsinda 94-57.

Kuw’Imana 18 Ruheshi :

Mu bigeme, imigwi ya Berco Stars na Rumuri niyo yasubiye gutana mu mitwe, nk’uko vyari vyitezwe, Rumuri ntiwakije kuko watsinzwe bimwe biteye ubwoba amanota 131-29.

Mu bagabo, Muzinga watsinze Dynamo impaga kuko gushika n’ubu utaritaba ihiganwa, tukaba turiko turabatohoreza ibijanye n’ico kibazo. Mu rukino rwa kabiri, Kern watanye mu mitwe na Gymkhana, urukino rwari rubereye ijisho cane kuko imigwi yagiye iratsindatsindana kuva rugitangura gushika ruhere. Kern wagumye imbere mu duce tubiri twambere twose, Gymkhana uca ubivyukiranya mu ka gatatu gushika urukino rurangire Kern ufise 53 Gymkhana nawo 58.

Inyuma y’izo nkino, Umugwi w’Urunani niwo ukiri kw’isonga ry’ihiganwa, ugakurikirwa na Gymkhana, New Star na Mutanga United mu bibanza bitanga uburenganzira bwo gukina ihiganwa ry’igihugu, mu gihe hasigaye umusi umwe gusa w’ihiganwa.

 

 

Audifax Ndikuriyo

 

 

Ico mwiyumvira kur'iyi nkuru :

 

 

 

Primus Ligue, umusi wa 30

Vital'O FC 1-1 Messager N.
LLBS4A 2-2 Bumamuru
Ngozi City 0-2 Kayanza Utd
Rukinzo FC 0-2 Flamb. Centre
Musongati FC 3-1 Athletico Ol.
Flamb. Est 3-0 Les Lierres
Olympic S. 3-2 Buja City
Messager Bja 0-4 Aigle Noir

Ligue B, umusi wa 12

Delta Star 1-0 Buhumuza
Volontaire 0-1 Muzinga
Les Eléphants 2-2 Inter Stars
Aigle Noir B 1-1 Rumonge City
Les Jeunes At. 0-3 BS Dynamic
Top Junior 2-1 Moso Sugar
Lumière M. 0-0 Busoni Star
Unité FC 0-3 Royal FC M.

 

Primus Ligue, umusi wa 30/30

Kuwa 26/04
Messager Bja 0-4 Aigle Noir
Kuwa 27/04
Vital'O FC 15:00 (PLR) Messager N.
LLBS4A 15:00 (CTN) Bumamuru
Ngozi City 15:00 (Urukundo) Kayanza Utd
Rukinzo FC 15:00 (Ivyizigiro) Flamb. Centre
Musongati FC 15:00 (Gitega) Athletico Ol.
Flamb. Est 15:00 (Ruyigi) Les Lierres
Olympic S. 15:00 (Muyinga) Buja City