Woodball: urukino rushasha rwaraye rutangujwe mu Burundi

Vyanditswe itariki 30.10.2017

 

Inyuma y’inkino zimaze kwamamara kw’isi nka Football, Basketball, Volleyball, Tennis n’izindi zitari nke zimaze gushika mu Burundi, haraye hatangujwe urundi rukino rwavukiye muri Taiwan mu 1990 ruza gushika muri Africa mu mwaka w’2006 arirwo Woodball. Ivyigwa vyo gutanguza urwo rukino mu kunonosora amategeko yarwo vyasozerewe kur’uyu w’Imana 29 Gitugutu, abari babitunganije baragize ico badushikirije ku ntumbero yarwo.

 

Mu gukina, batera umupira ukozwe mu giti bagerageza kwinjiza mw'igori

 

Uburundi bubaye igihugu c’indwi gishitsemwo Woodball muri Africa

 

Woodball ni urukino rukinwa hakoreshejwe inkoni zihinguye bakaziteza umupira ukozwe mu mbaho (nkuko izina rivyerekana mu rurimi rw'icongereza) hama bakagenda barawegereza igori gushika binjije.
Nk’uko twavyiganiwe na John Kaddu umuhinga yamuka mu Buganda yatunganije izo nyigisho urwo rukino rukomoka muri Taiwan ku mugabane wa Asie, rukaba rwatangujwe na Weng Hui mu mwaka w' 1990 hanyuma rutangura gukomera mu 2000 gushika n’aho rushika muri Africa mu 2006 ruhereye mu Buganda. Uwitwa Mark Paul Kayongo yaravuye muri Taïwan gutembera aca ararugomwa niko guca akora ibishoboka kugira rushike mu Buganda. Urwo rukino ruramaze gukomera na cane cane mu mashure mato hamwe n’ayisumbuye eka mbere no muri za kaminuza hakaba hamaze no kuboneka abitaba inkino mpuzamakungu mu bihugu vya Chine na Taiwan. John Kaddu yatumenyesheje kandi ko Uburundi bubaye igihugu c’indwi rushitsemwo inyuma ya Uganda, Malawi, Zimbabwe, Tanzania, Urwanda na Zambia akaba kandi yatumenyesheje ko bafise intumbero yo kurushikana no mu bindi bihugu vyo ku mugabane mu ntumbero yo kwunga ubucuti no guteza imbere kinonora imitsi mu rwaruka.

Lambert Rwamaza arongoye ishirahamwe rya Woodball mu Burundi nawe yaragize ico adushikirije, yagize ati: “ Twebwe n’abo dufashanya twiyemeje guteza imbere urwo rukino mu Burundi kugira igihugu cacu gikomeze kwiyandikishiriza izinabiciye mu nkino haba mu karere no kw’isi”.

Ibirori vyasozerewe no gutanga impapuro ku bakurikiranye ivyirwa vy’amategeko ya Woodball mu kanyamuneza ntangere:


 

 

Audifax Ndikuriyo

 

 

Ico mwiyumvira kur'iyi nkuru :

 

 

 

Primus Ligue, umusi wa 10

Messager Bja 0-1 Rukinzo FC
Flamb. Est 0-0 Kayanza Utd
Messager N. 0-0 Olympic S.
Flamb. Centre 1-2 Ngozi City
Buja City 1-0 Bumamuru FC
Les Lierres 1-0 Athletico Ol.
Vital'O FC 1-0 LLBS4A
Musongati FC 1-4 Aigle Noir

Primus Ligue, umusi wa 11

Athletico Ol. 0-1 Flamb. Est
Buja City 0-3 Flamb. Centre
Rukinzo 3-0 Messager N.
Olympic S. 1-1 Les Lierres
Ngozi City 1-2 Aigle Noir
Vital'O FC 1-0 Bumamuru FC
LLBS4A 0-3 Musongati
Kayanza Utd 2-1 Messager Bja

 

Primus Ligue, umusi wa 11

Kuwa 14/10
Kayanza Utd 15:00 (Urukundo) Messager Bja