Volleyball: Imigwi ya Muzinga na Rukinzo niyo yatahukanye agahiganwa kurura umwaka w'inkino i Bujumbura

Vyanditswe itariki 29.01.2019

 

Kuwa gatandatu no ku w'Imana amagenekerezo ya 26 na 27 Nzero, ishirahamwe ry'urukino rw'amaboko Volleyball i Bujumbura ryaratunganije agahiganwa ko kwugurura icese umwaka w'inkino, umugwi Muzinga w'abakenyezi na Rukinzo w'abagabo akaba ariyo yatahukanye ibikombe yerekanye umupira mwiza cane.

 

Rukinzo (imyambaro y'icatsi kibisi) na AJSB mu rukino rwanyuma rw'abagabo.

 

Uko inkino zo gukuranamwo zagenze:

 

Mu bagabo:

ASB watsinze Bisoro VB ku ma seti 3 kuri 2.
Rukinzo utsinda COSMOS kwi seti 3 kubusa.

Mu bakenyezi

Muzinga 3-0 GLC
Les As 3-0 New Colombe
GLC 3-0 Les As

 

Ku w'Imana niho hakinwa inkino zanyuma haca hatangwa ubushimwe

 

Urukino rwambere rwahuje umugwi wa Muzinga na GLC mu bakenyezi.Umugwi wa Muzinga ukaba watsinze bitawugoye nagato kwi seti 3 ku busa ( 25-14, 25-23, 25-21 ).

Urundi rukino rwo mu bagabo narwo ruhuza imigwi ya Rukinzo na ASB ( Amical Sportif de Bujumbura).Urukino rwatanguye imigwi yose isa niyitinyana ndetse ivyo bikaba vyagaragajwe nuguta imipira itari mike muri bimwe bita "service" aho kumpande zose hatakaye imipira irenga cumi ariko muriyo seti yambere ASB ukaba waciye uvyifatamwo neza guhera ku manota 20 mbere babona guca mu ryahumye Rukinzo bayitwara i seti yambere ku manota (25 kuri 23).

Biciye ku mpanuro z'umumenyereza,ishaka ryinshi,ihanahana neza ry'umipira, Rukinzo waciye wivyukiranya ASB uwutsinda iseti zitatu zikurikirana ( 25-15, 25-19, 28-26 ) gutyo utahukana intsinzi y'igikombe gitanguza inkino I bujumbura "tournoi d'ouverture".

Udushimwe twatanzwe twari tugizwe n'imipira ibiri yo gukina ku migwi yitavye ihiganwa hamwe n'imipira n'igikombe ku migwi ya Muzinga mu bakenyezi na Rukinzo mu bagabo.

Tukaba twokwibutsa abakunzi b'inkino na cane cane aba Volleyball ko ihiganwa nyezina rigiye gutangura kuruyu wa gatandatu no ku w'Imana amagenekerezo ya 2 na 3 Ruhuhuma ku kibuga kiri mu Bushikiranganji bw'inkino n'imicokama aho benshi bita kuri "Département".

Audifax Ndikuriyo

 

 

Ico mwiyumvira kur'iyi nkuru :

 

 

 

Primus Ligue, umusi wa 21

Les Lierres 1-3 Vital'O FC
Buja City 3-0 Ngozi City
Aigle Noir 1-0 Bumamuru
Kayanza Utd 2-1 Flamb. Est
Flamb. Centre 0-2 Messager N.
Athletico 3-1 Messager Bja
Olympic S. 1-1 Rukinzo FC
Musongati 3-1 LLBS4A

Primus Ligue, umusi wa 20

Bumamuru FC 1-2 Messager Buja
Flamb. Centre 1-0 Buja City
Flamb. Est 0-0 Messager N.
Ngozi City 2-0 Vital'O FC
Rukinzo 4-1 Musongati FC
Aigle Noir 1-2 Kayanza Utd
Athletico Ol. 1-1 Les Lierres
Olympic S. 2-0 LLLBS4A