Volleyball : Isozerwa ry'umwaka w'inkino mw'ishirahamwe ry'i Bujumbura

Vyanditswe itariki 18.09.2019

 

Ku musi wa gatandatu no ku w’Imana uheze, niho hatunganywa inkino zisozera umwaka w’inkino mw'ishirahamwe ry'umupira w'amaboko Volleyball i Bujumbura, kakaba kabaye n’akaryo ko gutanga ubushimwe ku bitanze n’abavyifashemwo neza kurusha abandi.

Ivyo birori vyabereye ku kibuga kiri mu kigo c’Ubushikiranganji bw’inkino, aho benshi bita kuri Département

 

Umugwi Amical Sportif de Bujumbura niwo watahukanye igikombe mu bagabo wongera utahukana ubushimwe 5/7 mu bakinyi

 

Muzinga mu bakenyezi na ASB mu bagabo niyo migwi yatahukanye ibikombe

 

Kuwa gatandatu 14 Nyakanga niho haba inkino z'igice ca kabiri gishira icanyuma:

Mu bakenyezi, Muzinga wirahiye Les As i seti 3 ku busa, Gender Light Club (GLC) utsinda New Colombe ama seti 3 kuri 1.

Mu bagabo, Muzinga watsinze Rukinzo kuri Séoul i seti 3 kuri 2, Amical Sportif de Bujumbura (ASB) nawo utsinda Gacosmos ku ma seti 3 kuri 1.

Ku w'Imana 15 Nyakanga haciye kakinwa inkino za finale:

Mu bakenyezi, Muzinga watsinze GLC ama seti 3 ku busa, mu bagabo naho ASB wirahira Muzinga ku ma seti 3 kuri 1.

 

Ubushimwe butandukanye bwatanzwe:

 

Hambavu y’ibikombe ku migwi yavyifashemwo neza, haratanzwe ubushimwe butandukanye ku bitanze mu gufata mu mugongo AVAB hamwe no ku bakinyi barushije abandi.

Abaronse impapuro z’iteka zo kubashimira ku buryo bafashe mu mugongo urukino rwa Volleyball:

-Icegera cambere c’Umukuru w’Igihugu, Gaston Sindimwo
-Umushikiranganji w’Intwaro yo hagati mu gihugu,Pascal Barandagiye
-Umukuru w’igisagara ca Bujumbura, Freddy Mbonimpa
-Umurongozi wa Rukinzo, Serges Ntakavura
-Umurongozi wa ASB, Ernest Kabindigiri
-Umurongozi wa GLC, François Minani
-Uwurongoye ishirahamwe ry’abamenyeshamakuru b’inkino, Liliane Nshimirimana

Abakinyi basumbije abandi mu mwaka w’inkino :

Abakenyezi :

« Meilleure attaquante » : Dély Drice Kaze akinira Muzinga
« Meilleure réceptionneuse » : Nadia Buntubwimana akinira New Colombe
« Meilleure passeuse » : Nathalie Mugisha akinira Muzinga
« Meilleur service » : Ange Manayeze akinira GLC
« Meilleure blockeuse » : Karen Mopen akinira Muzinga
« Meilleure Libéro » : Gyslaine Mugisha akinira GLC
« MVP » : Gynette Kamwemwe batazira Ngorore akinira Muzinga

Abagabo :

« Meilleur attaquant » : Yves Sinzoyibagira akinira Muzinga
« Meilleur réceptionneur »: Jules Rugamba akinira Amical
« Meilleur passeur »: Briand Mugabowingabo akinira Amical
« Meilleur serveur » : Israël Nkamicaniye akinira Amical
« Meilleur blockeur » : Eric Ndayipfukamiye akinira Rukinzo
« Meilleur Libéro » : Alain Muvunyi akinira Amical
« MVP » : Dr Sixte Nderagakura akinira Amical

Audifax Ndikuriyo

 

 

Ico mwiyumvira kur'iyi nkuru :

 

 

 

Primus Ligue, umusi wa 14

Bumamuru FC 0-1 Inter Star
Buja City 0-1 Vital'O FC
Musongati FC 0-0 Kayanza Utd
Messager N. 1-1 Ngozi City
Les Lierres 2-1 Olympic S.
LLBS4A 0-1 B.S Dynamic
Aigle Noir 5-2 Flamb. Centre
Athletico Ac. Kuwa 20/11 Rukinzo FC

Primus Ligue, umusi wa 15

Inter Star 1-2 Rukinzo FC
Ngozi City 1-2 Les Lierres
Olympic S. 2-2 Bumamuru FC
Musongati FC 2-1 Aigle Noir
LLBS4A 1-0 Athletico Ac.
BS Dynamic 1-1 Messager N.
Kayanza Utd 1-1 Vital'O FC
Flamb. Centre 2-1 Buja City