Voleyball: Imigwi izokina igice ca kabiri gishira icanyuma ku rwego rw’igihugu yaramenyekanye

Vyanditswe itariki 16.03.2018

 

Ku w’Imana uheze niho harangira inkino zo kurondera ibibanza vyambere n’ivya kabiri mu matsinda y’urukino rwa Volleyball ku rwego rw’igihugu. Umugwi wa ASB (Amicale Sportive de Bujumbura), Bisoro, Muzinga na Rukinzo niyo yatanye mu mitwe ku ruhande rw’abagabo, mu bigeme akaba ata nkino zabaye kuko imigwi yari yaramaze kumeneyekana uko izokina igice gikurikira gitegekanijwe kur'uyu wa gatandatu 17 Ntwarante.

 

Muzinga (udupira twera) watsinze Rukinzo set 3-1

 

Muzinga watsinze Rukinzo inyuma y’igihe kinini wari umaze umerewe nabi

 

Umugwi wa Muzinga warivyukiranije mu rukino rwawuhuje na Rukinzo uwutsinda set 3-1 inyuma y’igihe kitari gito Rukinzo uri hejuru ukaba mbere ari nawo watahahukanye ihiganwa ry’umwaka uheze. Mu rundi rukino, ASB wirahiye Bisoro set 3-1 nyene, bigaca bituma imigwi izohura uku gukurikira mu gice ca kabiri gishira icanyuma :

ASB - RUKINZO
MUZINGA - BISORO

Mu bigeme naho:

LES AS – GLC (Genda Light club)
MUZINGA - NEW COLOMBE

Izo nkino zitegekanijwe kur’uyu wa gatandatu 17 Ntwarante kuri “Département”, bukeye kuw’Imana hace hakinwa inkino zanyuma (finales). Hagize igihinduka kur’iryo sango tuzoca tubibamenyesha

 

 

Audifax Ndikuriyo

 

 

Ico mwiyumvira kur'iyi nkuru :

 

 

 

Primus Ligue, umusi wa 13

Rukinzo FC 1-2 Buja City
Les Lierres 0-0 Bumamuru FC
Flamb. Centre 1-1 Flamb. Est
Aigle Noir 7-0 Athletico Ol.
Messager Bja 1-2 Messager N.
Vital'O FC 3-0 Ngozi City
LLBS4A 0-0 Olympic S.
Musongati 1-0 Kayanza Utd

Primus Ligue, umusi wa 14

Flamb. Est 0-1 Buja City
Flamb. Centre 1-2 Kayanza Utd
Olympic S. 3-1 Athletico Ol.
Ngozi City 1-1 Messager Bja
Vital'O FC 1-0 Musongati FC
Messager N. 2-1 Bumamuru FC
Aigle Noir 2-0 Les Lierres
LLBS4A 1-0 Rukinzo FC