Volleyball: Muzinga mu bigeme na Rukinzo mu bagabo niyo yatahukanye ihiganwa ryugurura umwaka w’inkino i Bujumbura

Vyanditswe itariki 07.11.2017

 

Kur’uyu w'Imana 5 Munyonyo niho hari hategekanijwe inkino zanyuma zo mw’ihiganwa ryugurura umwaka w’inkino mu mupira w'amaboko Volleyball i Bujumbura, inkino zari zimase imisi zarahagaritswe bivanye n’ihiganwa rihuza amakaminuza ryabereye i Muyinga, rikaba ryari ryitabwe n’abakinyi batari bake bobasanzwe bari mu migwi y’i Bujumbura. Mu bigeme, imigwi ya MUZINGA NA GLC (Genda Light Club) niyo yari yashitse mu rukino rwanyuma. Mu bagabo naho umugwi wa RUKINZO na ASB(Amical sportif de Bujumbura) niyo yariko ihuza ubwayi mu rukino rwanyuma.

 

Abakinyi b'imigwi ya Rukinzo na ASB imbere y'urukino

 

Uko inkino zagenze:

 

Mu bigeme umugwi wa MUZINGA ntiwihanganiye na gato umurwi wa GLC mu kuwutsinda i seti 3 ku busa :
25 - 21
25 - 23
25 - 15

Mu bagabo naho, umurwi wa Rukinzo umaze imisi wiganziye ihiganwa ry’i Bujumbura wirahiye umugwi wa Amical sportif de Bujumbura kw’i seti zitatu ku busa :
Rukinzo - Asb
37 - 35
25 - 21
25 - 10.

Gutyo rero imirwi ya Muzinga mu bigeme na Rukinzo mu bagabo iba itahukanye ibikombe vy’ihiganwa ryugurura umwaka w’inkino.

Abakunzi ba Volleball i Bujumbura ndetse no mu gihugu hagati baribaza iyo umugwi wa Muzinga mu bagabo waroye canke ku bashika ku bibuga bakibaza icatumye abakinyi bari bakomeye mur’uwo mugwibashima kuronderera ahandi nko mu migwi ya ASB na BUN nahandi, n’inkuru tugiye kubashikiriza vuba.

 

 

Audifax Ndikuriyo

 

 

Ico mwiyumvira kur'iyi nkuru :

 

 

 

Primus Ligue, umusi wa 15

Athletico Ol. 2-0 Kayanza Utd
Messager Bja 1-1 Flamb. Est
Buja City 7-2 Olympic S.
Musongati FC 5-1 Ngozi City
Rukinzo FC 0-2 Les Lierres
Bumamuru FC 0-1 Aigle Noir

Primus Ligue, umusi wa 16

LLBS4A 0-0 Buja City
Les Lierres 2-2 Kayanza Utd
Flamb. Centre 0-1 Athletico Ol.
Ngozi City 0-1 Bumamuru
Flamb. Est 1-0 Messager Bja
Olympic S. 1-3 Musongati

Primus Ligue, umusi wa 17

Les Lierres 0-0 Musongati
Aigle Noir 3-1 Buja City
Ngozi City 1-0 Flamb. Est
Bumamuru 1-2 Olympic S.
Messager Bja 2-1 LLBS4A
Flamb. Centre 1-0 Vital'O FC
Kayanza Utd 0-1 Messager N.
Rukinzo 2-0 Athletico Ol.

Primus Ligue, umusi wa 15

Vital'O FC 3-1 Flamb. Centre
LLBS4A 1-0 Messager N.