Athlétisme: Kur'uyu w'Imana 28 Rusama haratunganijwe ihiganwa rihuza imigwi itandukanye yo mu gihugu

Vyanditswe itariki 29.05.2017

 

Kur'uno w’Imana 28 Rusama ku kibuga Prince Louis Rwagasore i Bujumbura, ishirahamwe rya Athlétisme ryaratunganije ihiganwa ku banonotsi bavuye mu migwi itandukanye ihurikiye mur’iryo shirahamwe nka Muzinga Bururi, AMABU, Christ Roi Gitega, Messager Bururi, Aigle Noir Mwaro, Association Muramvya n’iyindi. Bahiganywe ku metero 100, 200, 800, 500, 3000 ku bagabo n'abigeme, imetero 5000 ku bigeme gusa n’imetero 10 000 ku bagabo gusa. Abashitsi batandukanye bari bishikiye gushigikira urwo rwaruka rwitegurira irindi higanwa ryitezwe kw'igenekerezo rya 25 Ruheshi 2017 kurabo bose batahukanye ibibanza vyiza banahawe amabasha inyuma y’ihiganwa.

 

Ibikoresho vyo kwinonora imitsi nk'ibirato biracabuze ku banonotsi batari bake

 

Uku niko abanonotsi bakurikiranye dukurikije imetero birutse:

 

Imetero 100 / abigeme:

1. Ndayiragije Adeline 13"12
2. Niyonzima Christine 13" 19
3. Ndayisaba Francine 13"42

Imetero 100 / abagabo:

1. Ndayishimiye Éric 10" 79
2. Sabimbona Innocent 11" 03
3. Ngabirano Théodore 11" 40

Imetero 200 /abigeme:

1. Ndayisaba Francine 27" 73
2. Ndayiragije Adeline 28" 05
3. Niyonzima Christine 28" 32

Imetero 200 /abagabo:

1. Nsabimbona Innocent 23" 08
2. Ngabirano Théodore 23" 65
3. Niyonkuru Mecki 23" 88

Imetero 400/ abigeme:

1. Vyukusenge chennelle 1'00"56
2. Bikorimana Euphrasie 1'01"53
3. Bigirimana Claudette 1'01" 21

Imetero 400/ abagabo:

1. Ndagambaji Prosper 49"71
2. Ndayishimiye Éric 49" 74
3. Muziganja Ernest 50" 11

Imetero 800 / abigeme:

1. Bikorimana Euphrasie 2'14" 96
2. Vyukusenge Chanelle 2'15" 46
3. Nimbona Aline 2'21" 40

Imetero 400/abagabo:

1. Nzikwinkunda Éric 1'48"18
2. Bizigaremye Rodrigue 1'51"96
3.Ndikumana Égide 1'52" 07

Imetero 1500/ abigeme:

1. Inamahoro Annette 4'45" 14
2. Karire Irène 4'47" 01
3. Nshimirimana Dévote 4'55" 68

Imetero 1500/ abagabo:

1. Nibafasha Patrick 3'51"46
2. Nsabimana Claude 3'52"97
3. Nijimbere Donatien 3'56"54

Imetero 3000/ abigeme:

1. Niyamahoro Micheline 9'58" 68
2. Nintije Odile 10'03" 22
3. Niyonemera Angélique 10'06"92

Imetero 3000 / abagabo:

1. Bukuru Léonce 8'28" 14
2.Nkurunziza Désiré 8'32" 73
3. Nteguje Olivier 8'36" 66

Imetero 5000/ abigeme:

1. Niyomukunzi Francine 16'53" 31
2. Nimbona Elvanie 17'03" 99
3. Mpawenayo Alice 18'13"36

Imetero 10.000/ abagabo :

1. Gahungu Gérard 30'14" 36
2. Ndayipfukamiye Lin 30'20"03
3. Kwizera Rodrigue 30'22" 17

Mu majambo atandukanye yashirijwe inyuma y’ihiganwa, umunonotsi Nzikwinkunda Onesphore yiruka imetero 5000 yarakejwe cane ku mwanya mwiza yagize (13:27.36) mw’ihiganwa yarimwo mu Bubirigi kur’uyu wa 27 Rusama, akaba kandi yaheruka gufata ikibanza ca 14 mw’ihiganwa mpuzamakungu rya Cross Country ryabereye mu Buganda. Uwo munonotsi yaramaze kuronka itike ryo kuja mw’ihiganwa ry’isi risobera i Londres mu kwezi kwa Myandagaro uyu mwaka.

 

 

Amidou Hassan

 

 

Ico mwiyumvira kur'iyi nkuru :

 

 

 

Primus Ligue, umusi wa 1

Flamb. Centre 0-1 Messager Bja

 

Primus Ligue, umusi wa 1

Kuwa 18/08
Bumamuru 13:00 (Buganda) Rukinzo
Athletico Ol. 15:00 (Buganda) Ngozi City
Aigle Noir 15:00 (Gitega) Vital'O FC
Kayanza Utd 15:00 (Urukundo) Les Lierres
Kuwa 19/08
Musongati 15:00 (Gitega) Olympic S.
Buja City 15:00 (Buganda) LLBS4A
Messager N. 15:00 (Urukundo) Flamb. Est